Bjr. Yakobo4:8: » Mwiyegereze Imana, na yo izobegera. » IMPAMVU 12 DUKWIYE GUSENGA MU GITONDO.
Kuki amasengesho ya mu gitondo ari nkenerwa?
1. Uhura n’Imana mbere yo guhura n’imiruho y’isi.
2. Uvugana n’Imana mbere y’uko uvugana n’abantu benshi.
3. Wumvikanà n’Imana imbere y’uko wumvikana n’abantu.
4. Wumva ijwi ry’Imana mbere y’uko wumva ayandi majwi.
5. Wumva amakuru yo mw’ Ijuru mbere y’uko wumva amakuru aturira aturuka hirya no hino kw’isi
6. Upfukamira Imana mbere yo gupfukamira abana b’abantu.
7. Uririmbira Imana mbere y’uko wumva imiziki y’isi.
8. Ufata imfungurwa z’umutima wawe, imbere yo gufata iz’umubiri.
9. Uhamagara izina rya Yesu Kristo imbere y’uko uhamagara ayandi mazina y’abantu
10. Woga mu maraso ya Yesu mbere yo kwoga amazi yo kw’isi
11. Uraba Yesu imbere yo wiraba, ukaraba abantu n’ibintu bitandukanye
12. Usukura umutima wawe mbere yo gusukura inzu ubamwo n’ibindi.
Ikiruta vyose, kwiyegereza Imana s’ivyo mu gatondo gusa, n’ivy’umwanya ku wundi.
MBIFURIJE ISENGESHO RYIZA RYA BURI GITONDO n’iyindi myanya kubga Kristo Yesu abidushoboza. Amen.