_*Indwi ya 26 yo mu mwaka : ku wa kabiri (Années paires)*_
*IGISOMWA CA MBERE*
*Ivyo dusoma mu gitabu ca Yobi (3, 1-3. 11-17.20-23)*
Hanyuma naho, Yobi atangura kuvuga,
avumagura umusi w’ivuka ryiwe.
Ni ko kuvuga ati:
«Umusi navukiyeko urakazimangana,
be na rya joio ryavuzemwo,
ngo: Umwana w’umuhungu atwawe inda!
Igituma ntapfuye nkiri mu nda, ni iki?
Igituma ntatwawe nkivuka, ni iki?
Iyo mba narabaye nk’inda ikorotse igahishwa, simba narabayeho;
canke nk’inzoya zitigeze zibona umuco.
Igituma habonetse ibibero binkikira, ni iki?
Canke ngahabwa amabere nkayonka?
Ahandi ho, nobaye ndyamye ubu, ndi mu mahoro;
nobaye nsinziriye, mfata uburuhuko,
ndi kumwe n’abami be n’abakuru b’isi
biyubakiye imva zihimbaye;
nobaye ndi kumwe n’abaganwa bari bafise inzahabu nyinshi,
bakuzuza ifeza amazu yabo.
Ni ho abanyakabi barekera kugorana,
ni ho abarushe baruhukira.
Igituma umurushwa ahabwa kubona umuco, ni iki?
Igituma uwuzuye intuntu na we ahabwa ubuzima, ni iki?
Bipfuza urupfu noneho, ntiruze;
bakaruronderana umwete kurusha itunga.
Bari kunezerwa, bari guhimbarwa,
bari kwigina, babonye icobo.
Umuntu ayobewe inzira, Imana ikamutangatanga,
igituma ahabwa kubona umuco, ni iki?
*IZABURI 87 (88) 2-3, 4-5, 6, 7-8*
*Icit*.:Ese igisabisho canje cogushikira!
Mukama, Mana yanje n’ubukiriro bwanje,
ijoro n’umutaga ndakuganyira;
ese igisabisho canje cogushikira,
tega ugutwi amaborogo yanje.
Erega umutima wanje wuzuye amaganya,
kandi ndi hafi y’ukugwa mu manga;
nsigaye mparurwa mu baguye mu nyenga,
nta muntu nkirimwo ndi akaheze.
Ndi ico bahevye, ndi umupfu mu bandi,
ndi munsi yaryo nk’abapfuye bagahambwa,
bamwe batagica n’ikanda,
aho nyene bakuvuye mu minwe.
Wankororeye mu nyenga hasi,
huzuye umuzimagiza;
ishavu ryawe ryarankinduye
kandi wandekuriyeko ibisebuzi vyose.
_*INKURU NZIZA*_
*Aleluya, aleluya.*
_Nyigisha gutegera ico ushaka_, _Mukama,_
_nzoheza nzirikane ibitangaza wakoze._
*Aleluya.*
*Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (9, 51-56)*
Umusi w’ugufatwa uhaye wegereza, Yezu afata icese inzira irora i Yeruzalemu; atuma integuza imbere yiwe. Na zo ziragenda, zija mu mihana y’Abanyasamariya kumuteguriza. Ariko ntibamwakira, kuko yaja i Yeruzalemu. Abigishwa biwe Yakobo na Yohani babibonye baramubaza bati: «Mukama, ntiwoturekurira tugahimiriza umuriro ukabashungurukirako, ukabatikiza?» Arahindukira, arabakankamira ati: «Mwebwe mwaranyobeye: Umwana w’umuntu ntiyazanywe n’ugutikiza, yaje gukiza.» Baca baja mu yindi mihana.