Indwi ya 26/ kuwa 3

_*Indwi ya 26 yo mu mwaka : ku wa gatatu (Années paires)*_
*IGISOMWA CA MBERE*
*Ivyo dusoma mu gitabu ca Yobi (9, 1-12. 14-16)*
Yobi yishura abagenzi biwe avuga ati:

«Ni ivy’ukuri, nzi yuko bimeze bityo:

uwoshobora guharira n’Imana akayitsinda yova hehe?

Uwokwubahuka guharira n’Imana imuburanya,

yobura na rimwe yishura ku gihumbi.

Umutima wayo wuzuye ubwenge, inguvu zayo zarananiranye;

uwokwubahuka akaroranirwa, yova hehe?

Iratirimutsa imisozi, ntibimenye;

ikayitembagaza ibitewe n’ishavu.

Iratirimutsa isi nyene,

inkingi zayo zikanyiganyiga.

Irategereza izuba, ntiriseruke.

Inyenyeri na zo ikazitwikira.

Ni yo yagaranzuye amajuru,

ikagendera ku mikuba y’ikiyaga.

Ni yo yaremye umugwi w’inyenyeri witwa Ayishi,

uwitwa Kesili, uwitwa Kima n’imigwi y’inyenyeri zo mu bumanuko.

Ni yo yakoze ibitangaza bigoye itegera,

igakora ibitangaro bigoye iharura.

Inca i ruhande, sindayibone;

ikirenganira sindayimenye.

Ni nde yoyitesha gutwara ico ishaka,

akubahuka kuyibaza ati: «Mbega, ivyo ukora ni ibiki?»

None jewe, noshobora kuyishura nte?

Noronka hehe amajambo yo kuyiburanya?

N’aho noba ndi n’ukuri, ukuyishura kwomarira iki?

Noneho, ni yo Mucamanza wanje akwiye gusabwa.

N’aho notakamba ikitaba,

nomenya nte ko yokwumviriza ivyanje?
*IZABURI 87 (88) 10b-11, 12-13, 14-15*
*Icit.*: Ese igisabisho canje cogushikira!
Mukama, ni Wewe mborogera rikarinda rirenga,

ni Wewe nayira iminwe:

None ugira ngo hari ivyiza ugirira abatakiriho,

cabure hari imizimu irazuka ngo iguhaye?
None abari mu cobo barikugura urukundo rwawe?

Cabure abari mu gaheza baribuka yuko uri Umudahemuka?

None abari mu muzimiza barazi ivyiza ukora?

Canke abari mu ntara y’abibagiwe

barigera bikugura ubutungane bwawe?
Ariko, Mukama, ni Wewe ntakambira,

mu gitondo ngusanganiza igisabisho:

Mukama, ni kuki unyigiza kure,

ukampisha inyonga zawe?
_*INKURU NZIZA*_
*Aleluya, aleluya.*
_Nyigisha, Mukama_, _inzira zawe;_

_undǒngōre mu kuri kwawe._*
*Aleluya.*
*Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (9, 57-62)*
*Muri irya misi, Yezu n’abigishwa biwe bakiri mu nzira irora i Yeruzalemu, sinzi umuntu agize ati: «Nzogukurikira aho uzoja hose.»* *Yezu amubwira ati: «Imbwebwe ziri n’aho ziba, inyoni zo mu kirere zikagira ivyari, ariko Umwana w’umuntu ntafise aho akika umusaya.»*

*Hanyuma abarira uwundi ati: «Nkurikira.»* *Ur’uwundi ati: «Mukama, ndagusavye mbanze kuja guhamba dawe.»* *Yezu na we aramwishura ati: «Reka abapfu bahambe abapfu babo; nawe fashako wigishe Ubwami bw’Imana.»*

*Haza uwundi amubwira ati: «Nzogukurikira, Mukama, ndagusavye gusa gusiga nsezeye ab’imuhira.»* *Ariko Yezu aramwishura ati: «Uwufashe isuka yari agiye gukora agasubira inyuma gufufura, uyo ntakwiranye n’Ubwami bw’Imana.»*