Umutumiro w’amasengesho

UMUTUMIRO W’AMASENGESHO Y’EJO KUWA 28/09/2016 azomara amasaha 12 gusa kuva isaha cumi na zibiri zo mugitondo kugeza cumi na zibiri zo kumugoroba (6h-18h).
IJAMBO RY’URUFATIRO: YOSUWA 10:10 « Uhoraho abatataniriza 7imbere y’Abisirayeli, babicira i Gibeyoni barabatikiza, babirukanira mu nzira iduga ija i Betihoroni, barabanesha babageza kuri Azeka n’i Makeda. »
Imitwaro yo gusengera:
1) Nkuko ikiganza c’lmana cabanye na Yosuwa Abisirayeli bakanesha ,ukuboko kw’ububasha kw’Uhoraho kubane n’lngabo zose z’ihanga aho ziri hose ,abansi b’lsezerano batatanirizwe imbere y’ingabo z’lhanga.lmana ice umuhongo umwansi wese w’lsezerano ryayo ku Burundi!
2) Gusabira uburinzi,ubwenge n’ihishurirwa ingabo z’lhanga ,indongozi zose z’lhanga ,abadiyakoni bose.
U3) Gusengera abari mu ngorane zinyuranye lmana ibahe umutima wo kwihangana yongere ibaronse ivyo bakeneye:
– Abapfunzwe n’imiryango yabo.

-Ababuze ababo.

-Abari mubukene n’inzara.

-Impunzi.

-lmpfuvyi.

-Abapfakazi.

-Abana bo mw’ibarabara.

Turangije dusabira umugisha uwumvira wese agasenga,tunabipfuriza ibikorwa vyiza n’ubwira muri kino gikorwa lmana ibahezagire.

Bigiriwe i Bujumbura kuwa 27/09/2016 kubw’Abisezerano

http://www.abisezerano.com