_*Indwi ya 26 yo mu mwaka : ku wa gatanu (Années paires)*_I
*IGISOMWA CA MBERE*
*Ivyo dusoma mu gitabu ca Yobi (38, 1.12-21; 40, 3-5)*
Umukama yashingiye mu nkuruma,
abarira Yobi ati:
«Mbega, kuva aho wabereye, hari aho wigeze utegeka ubunyomvyi,
ukarangira umutwenzi ikibanza cawo,
kugira ngo na wo ufate imikugiro y’isi,
wongere uyikunkumuremwo abanyakabi,
kugira ngo wa umtwenzi uheze uyihindure agataka,
uyikikize nk’umwambaro yikwije;
maze abayobe banyagwe umuco wabo,
ukuboko babanguye kuvunike?
Mbega, warahishuye amarembo y’Urupfu,
warabonye amarembo y’Igitutu c’urupfu?
Mbega, waratahuye ubwaguke bw’isi?
Bivuge, niwaba womenya ivyo vyose!
Mbega, umuco iyo uba ni amaja hehe?
Umwiza na wo iyo uba ni hehe?
Mbega, woshobora kubijana iyo biba,
ukamenya inzira ibishikanayo?
Erega, urabizi, ko wari wavutse muri kirya gihe,
ko wamaze imisi idaharurwa!»
Araheza, Yobi yishura Umukama ati:
«Nta co ndimwo ngo ngire ico nkwishura.
Ndifashe ku munwa.
Mvuze rimwe, ariko singisubira;
mbere ni kabiri, ariko nta co nongerako.»
*IZABURI 138 (139) 1-2.3b, 7-8, 9-10, 13-14b*
*Icit.: N’unjane mu nzira y’ubukiriro bwamaho.*
Mukama, uranyitegereza kandi uranzi,
ndicara ukabimenya, nahaguruka ukabimenya;
akari mu mutima wanje ukamenya ukiri kure,
inzira ncamwo zose ni Wewe uzizi.
Mukama, nje hehe, kure yawe,
amaso yawe noyihisha hehe?
Nduga mw’ijuru nkagusangayo,
nururuka hasi, ni ho uri kandi.
Ndamuka mfashe akayira kare cane,
nkagenda kuba ku mpera z’intara,
na ho nyene ngendera mu minwe yawe,
ukuboko kwawe kukangumya.
Ni Wewe wampaye amagara,
ni Wewe wandemye mu nda ya mama;
warangize agatangaza, ndabigukengurukiye,
ibikorwa vyawe ni agahore.
*INKURU NZIZA*
Aleluya, aleluya.
_Uyu musi, ntimugire agatimatare, nimwumvirize riho ijwi ry’Umukama._
Aleluya.
*Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (10, 13-16)*
*Muri irya misi, Yezu yavuze ati: «Urahumiwe, Korozini! Urahumiwe, Betsayida! Kuko ibitangaro vyagiriwe iwanyu, iyo bigirirwa muri Tiri na Sidoni, abantu baho baba barigaye imyaka, bakipfuka amagunira, bakicara mu munyota. Ku musi w’urubanza, Tiri na Sidoni bizobona igihano kiri mu nyuma y’icanyu. Weho Kafaranawumi nturi mu bicu? Uzocuba ushike kure! Uwubumvira aba yumviye jewe nyene; na we uwubagaya aba agaye jewe nyene; uwungaya aba agaye uwantumye.»*