;;; KUKI TUBABWIRA ATI; IMANA IGIRA ITANGE INKOTA NTIZE, ISEZERANO RIRASHITSE NTIRISHIKE , KUKI DAMASCENE GAKWAYA YAVUZE YUKO IVY’ U BURUNDI BIZORANGIRA MU MWAKA W’ I BIHUMBI BIBIRI NA CUMI NA GATANU BIRANGIZWE N’ I NTAMBARA Y’ U RWANDA NTIBIBE, YA YOM KIPPUR IRIHE, YA CHORALE KOSORA IRIHE, WA NKURUNZIZA PETERO KWA TAPFUYE, AMATORA KO YABAYE, ADOLPHE NSHIMIRIMANA KO ARI WE YAPFUYE, KO TUGEZE MU MWAKA W’ I BIHUMBI BI BIRI NA CUMI NA GATANDATU NUBU TUBWIRWA BIRAJE ARIKO NTIBIZE, ABO BARWANYI BAVURWA NABO BARI HEHE ;;;,,, ABASENGA KU MUSI WINDWI { SUNDAY} BAPFUYE BARAJA MURI PARADISO, ABASENGA KU MUSI WINDWI { SABATH CANKE I SABATO} BAPFUYE BARAJA MURI PARADISO,,,
ANSELME, NYAWITA, YARAGWIRA
INTANGO
ABAGOREKA IVY’ UKUGARUKA KW’ UMWAMI YESU :
2 Ab’ i tesalonike 2: 1-4 Turabinginga, bene Data, kubwo kuzoza kw’ Umwami wacu Yesu Kristo no kuzokoranirizwa kuri we kwacu, 2 ntimushoke munyiganyiga ngo mugwe igihumura, canke ngo muhagarike imitima, naho mwoba mubitewe n’impwemu canke n’ijambo canke n’icete kimeze nk’ikivuye kuri twebwe, kivuga yuk’ umusi w’ Umwami wacu uhejeje gushika. 3 Ntihakagire umuntu abahenda mu buryo na bumwe, kuk’ utazoza, kwa kureka Imana kutabanje kuboneka, kandi wa muntu w’ umugarariji atarahishurwa, niwe mwana wo kuranduka, 4 umurwanizi yishira hejuru y’ icitwa Imana cose cank’ igisengwa; nukwazokwicara mu rusengero rw’Imana, yiyerekana ngo n’Imana.
Ivyahishuriwe yohana 11: 1- 3: Bampa irenga rimeze nk’inkoni, bati Va hasi ugere urusengero rw’Imana n’ igicaniro n’ abarusengeramwo. 2 Intangaro y’urusengero uyireke, ntuyigere, kuko yahawe abanyamahanga: kandi n’ igisagara cera bazogisiribanga amezi mirongwine n’abiri. 3 Kand’ abanshingira intahe babiri nzobavugisha, bazovugishwa imisi igihumbi n’amajana abiri na mirongwitandatu bambaye amagunira.
Ivyahishuriwe yohana 17: 1-13 = Ukuza kwa Yesu Kristo a benshi bagusigurira abantu ukutariko, ikibaye cose bakoresha ijambo ridakoreshwa mu mwanya waryo bati: Yesu agira aze, Yesu ukuza kwiwe isi izoba iri mu mwanya wundi atari uwu mwidegemvyo w’ u mwana w’ u muntu nkuko mubona bikiri na bugingo, ukuza kwiwe u bwambere azoza nk’ i gisuma atware abiwe ariko isi ntizoba irahera, imyaka itatu n’ i gice ya mbere izobamwo ukuganza kuwuzo kwiyita Imana, agasengwa nk’Imana murusengero rw’Imana rutariho ariko ruzobaho i yerusalemu kandi urwo rusengero ruzokubakwa na nya Antikristo ku ba yuda babafarisayo batigeze bemera Yesu Kristo kwariwe Messiach bibatere kwemera kwari we Messiach bamye biteguriye azoza akabubakira ingoro aho bazokomeza ibikorwa vya kera vyo gutanga ibimazi vy’ i bikoko, ariko ntibazoba baramenya kwari Satani abarimwo kandi mu myaka itatu n’ i gice ya mbere bazobigenza gurtyo na Antikristo ntazohindura na kimwe muvyo abayuda batizera Yesu kristo bashaka, kugeza imyaka itatu n’ i gice ya mbere ivuyeho,; muri iyo myaka itatu n’ i gice ya mbere abazoba bagowe n’ abazoba bamenya ivyuyo muntu ariwe Antikristo, abazoba basigajwe na kantu gatoya, nibo bazoba banse kwakira igiharuro ciwe amajana atandatu na mirongwitandatu na gatandatu be ni kimenyetso caco ku kiganza c’ i buryo canke mu ruhanga, bazoba batemererwa kugira ico bagura canke bagurisha, babeho nabi bicunguze ayabo maraso, imyaka itatu n’ igice yindi ya nyuma, niho azoca yiyerekana u wari we, bamenye ko bizeye Satani, niho azogeseza kurushiriza mu myaka itatu n’ igice ya mbere kuko azoba ariko yitegurira kurwanya Umwana w’Intama na bera na bamarayika azoba amanukanye nabo aho isi yose izo mu bona, abazoba bakorana na nya muntu ariwe mwana wo kuranduka ariwe antikristo nta mpuhwe bazoba bakigirirwa azobagirira nabi kubera azoba ariho mu gishingo ca Satani.= Isirayeli ya kabiri canke u burundi bushasha mukwiriye kuyizera no ku bwizera mugatahura yuko ari kubera urukundo Imana ikunda abantu, kubera isi ya kino gihe Imana ntishobora kurekura uyo mwana wo kuranduka ariwe Antikristo ngo aze atware isi mu gihe ciwe, ; kuko nta kwizera, nta bantu bokwihanganira ivyo vyago vyubugesera ubwo bubi, imyuka mibi azoba afise, kuko we azoba avuye kubonana na Satani amaso mu yandi, ahabwe ubushobozi bwose bwa Satani bwo gutwara isi mu gishingo ca Satani, rero mwotahura yuko umuvyuro wa gatatu w’ u butumwa atarukuzorya no kunywa ahubwo ni kugira abantu bakomezwe neza muvya Mpwemu, bigishwe inyigisho zatawe, bakure mu mitwe inyigisho zu bujuju za gisatani zigwiriye cane zibatinyisha kwinjira mu bigeragezo, mu bibazo, imigisha, kwizezwa ijuru mu buryo bwuko baba bari kose, rero ababesha bati: Yesu agira aze nabatazi neza icarico ukugaruka kwiwe, kandi baba bahaye bahamagara igihe co gukora kwuyo muntu ariwe mwana wo kuranduka ariwe Antikristo nu bushobozi bwiwe uko bungana, kuko igitigiri ca bo muyoboka ubu arekuriwe gukora coba cinshi cane gose kuruta igitigiri ca bazomuyoboka mu gihe isi yose izoba ya motewe neza ubumote no gushingirwa intahe kw’ Ubwami bwo mwijuru, nicogituma Isirayeli ya kabiri ihari kandi ibanziriza umuzo wa Antikristo, u burundi bushasha bukabanza kubaho kugira ngo, ubutumwa bwiza kandi bw’ ukuri buvugwe, mu kwitegurira ukugaruka kwa Yesu Kristo no guhangana n’ intwaro ya Antikristo. = Antikristo akomeye cane kuko afise uw’u mutwarira ubu mu gishingo ciwe ariryo shengero rya gatorika ariko icicaro gikuru aho atwarira isi ari i vatican canke i roma, uyo muntu ariwe Antikristo kuko azoza yigira Imana, akazosengwa nk’Imana Daniyeli na Yohana w’ i patimo barasiguye mwiyerekwa bahawe, yuko azohindagura ibintu vyinshi, kandi azokora ugutandukanye n’ u muntu wese yigeze gutwara isi, aricogituma azokuraho uw’ u mukorera mugihe we ataraseruka, uwumukorera ubu n’ u mugabo yitwa papa atwarira isi ari kucicaro gikuru i roma, ariko abatabizi bamushemagiza nkuwuzi Imana, nkuwukijijwe, nkuwuserukira abantu imbere z’Imana ariko atwarira Satani, uwugira munani niwe wa mwana wo kuranduka ariwe Antikristo niwe azoza agira u munani ariwe azokwica u wa mutwarira we azoyubakisha ingoro ya gatatu i yerusalemu aho azotwarira isi yose, ubu nta buporoti bukibaho kuko basubije hamwe na gatorika ntatandukaniro rigihari ry’ u mugatorika nu muporoti, mu muvyuro wa kabiri wu butumwa uturutse i buraya niho hari u buporoti bw’ u kuri igihe babuzira bakicwa baciwe imitwe, bagasenyerwa imiganda yinkwi bagaturirwa bahorwa gushigikira Yesu kristo no kuvavanura na gatorika, haciye u mwanya munini abaporoti biyonkoye kuri gatorika ariko barasubiye inyuma ntabitandukanya gatorika na poroti bigihari kuko ubu umusi wo gusenga numwe ku bagatorika na baporoti aho niho ishengero rimwe kwisi rihaye rironderwa kandi bigeze kure ryoroheye aba freemasons aribo ba illuminati kuzorishikako, hasigaye aba isilamu, abahindu, ababuda, abateyisite aribo batizera Imana, bose guhuzwa ninyigisho zu bwenge bwa bisi zivanze ni myuka mibi yu bugesera yo kwereka abantu bose kwari bamwe kw’Imana arimwe, uwizera nuwutizera Imana bakwiriye kuba bamwe bagasenga Imana uko bari kose kubera bose ari ivyaremwe vy’Imana, gurtyo bakazoba bahaye ikaze imana yiteguriwe igihe kirekire ariwe wa mwana wo kuranduka ariwe antikristo. = Kunyigisho zihari, kw’ i vuga butumwa rya kino gihe, u bwigenge mukwizera Imana buhari mu biyita abakristo, uko bipfuza kubonekana, ivyo bigira vyose, inyambaro zabo, imvugo zabo, ntabwo Imana yo shavuzwa nibihaye bikorwa ngo ihite izana Yesu Kristo gutora ishengero ryiwe, canke ngwireke wa mwana wo kuranduka ariwe antikristo ngwaze aganze hatabanje kubaho umuvyuro utuma abantu bongera kubwirwa inyigisho zukuri banka kubwirwa, bagahinduka bakitahura imyuka imwe- imwe ya satani ikagabanuka, maze bakazokwemera no kwicwa bahorwa Yesu Kristo ariko bakaja kurindira umusi w’ inzamba, ariko ubu abantu bashonje, bafisubwenge bwibihaza inda, baja mumadini barondera ivyumubiri ukenera, sabo kwitegurira ijuru canke antikristo, rero abahereye kera banegura ivy’ u burundi bushasha na Isirayeli ya kabiri, mugabe mube munegura namwe mufise insiguro zukuri kandi zemewe n’Imana kuko umusi wu rubanza ntuzovuga uti ni naka ya mpenze, suko intambara mu burundi itobaho, nimba umuntu umwe kumusi arara yishwe, nuko n’ a bantu imiliyoni zirenga zitanu imbere z’Imana mu kwezi n’ i gice yoba ibimbuye, suko yatevye gushitsa ariko nuko ibona ibikenewe imbere haza mu mwiteguro wa bazovuga ubutumwa atarabahahamiye kwinjira u burundi bushasha kubwo kuzo rongora no kurongorwa, kurya no kunywa , kuba mu mazu meza, aricogituma mukomeza mwibutswa na bahanuzi mwahawe haba kumbuga haba abasemerera, kuko birwanywa na bategura gushinga leta yisi imwe nu muntu umwe kuyiyobora ariwe wa mwana wo kuranduka ariwe antikristo, rero intambara iri mu burundi mu buryo bwa Mpwemu iruta iya benshi mushaka ya bantu gupfa na ba nkurunziza mukabona ibiziga vyabo, ariko iraje kandi ntisiba iraje.
,,, ABASENGA KU MUSI WINDWI { SUNDAY} BAPFUYE BARAJA MURI PARADISO, ABASENGA KU MUSI WINDWI { SABATH CANKE I SABATO} BAPFUYE BARAJA MURI PARADISO,,,
Abantu b’ idini rya adventiste, amategeko y’Imana n’ i cumi, ukuyemwo na rimwe ntacubukoze, ariko nabo gushigikira itegeko rimwe mu mategeko i cumi ntibatahura kwataco ivyo kuziririza isabato biba bimaze imbere z’Imana, mw’ i sezerano rya kera ryaba ari itegeko nkuko nubu iwabo ni nkomoko yo kuziririza i sabato i bw’ i sirayeli bakibigenza, upfume wumvikane ko kuruyo musi wakoze ikindi caha ariko ntikibe ico kutaziririza i sabato, wo sambana, wo kwiba, wo tukana, wo kwambara nabi, ntabwo babikurikirana nkuko bakurikirana ukuziririza i sabato, buri kintu cose gishobora kukubera ikigirwamana bitewe n’ u buryo ukigenza, i sabato simbi kandi kuyiziririza si bibi, ariko nabo baracakengana n’ i dini rya gatorika ariryo ritwarira Satani mu kwitegurira antikristo, rero i nyigisho zabo kenshi zishingira ku musi, nukuvuga i wabo u wuziririza i sabato niwe azwi n’Imana, niwe mwana w’ u muco, kandi niwe yiteze kuja mw’i juru, ariko kandi nimba bayiziririza kugahato ko gupingana na gatorika yo bizera kwariyo yahinduye imisi nabo barasenga ikigirwamana c’ i sabato nkuko abisilamu imana yabo ari allah ariyo mana yu kwezi, abagatorika basenga imana y’ i zuba, abandi basenga imana z’ i nyenyeri, abandi icarico cose kirya barutisha amategeko cumi y’Imana hatavuyemwo na rimwe. Na wewe wizeye kuja muri Isirayeli ya kabiri u burundi bushasha nu vyizera nkikigirwamana ntuhashika, vyose Imana ibitangako uburorero kuko ishoboye vyose, wemera inzira zayo ko ari nyinshi none ninde agutera kutizera ubonye ikoze canke ikazana ikintu mu nzira utaba usanzwe uzi, ; Imana ishoboye vyose; n’ ijambo rikomeye cane gose kuruta uko rivugwa, wewe muntu usenga kumusi w’ a gatandatu, hari ivyo Imana ikunegurako, umusi uziririza ntuwubangikanye no gufata ivyo Imana yahumanuye ukavyita ibitaribwa uzoba atacukora, ntiwigishe kuziririza isabato yonyene kuko sibwo butumwa Yesu ya zaniye abantu, woshobora kuba uziririza i sabato ariko ukaba usambana, ukaba wiba, ukiziririza kurya ivyo na Petero yari yise ibihumanye maze Imana ikamubwira iti: Ntiwite ivyo nahumanuye ko bihumanye, ati kuko si ibija munda y’ u muntu bimutera guhumana, ariko ibiva mukanwa ku muntu nivyo bimutera guhumana ntacubukora imbere z’Imana.
Abari mu mashengero atandukanye ya giporoti; ati; nta gishasha hano musi y’ izuba vyose vyarahabaye, biragarukanwa kugira ngo Imana ihabwe icubahiro; Umusi musengako muwuhurijeko nabo mwita abapagani, ariko mwibuke yuko utosangirira na satani kumeza imwe, namwe igipimo canyu kirahari igihe nicashika, mu vyahishuriwe yohana 6: 9-11 havuga ku bera bishwe bahorwa ijambo ry’Imana no gushinga intahe, batakambira Data buja uwera w’ukuri, uzogeza ryari kudaca amateka no kudahora abari mw’ isi amaraso yacu? 11 Umuntu wese muribo ahabwa imvune yera, babarirwa kumara iyindi misi baruhuka, gushitsa ah’ igitigiri c’ abagurano bagenzi babo na bene Se, bagira bicwe nka bo, kizoshikira= aya majambo yarabaye ku bo mu muvyuro wa mbere n’ u wakabiri, mu muvyuro wa gatatu wa nyuma nibo babo bitezwe nabo kuzicwa nkabo kubw’ Ijambo ry’Imana no gushinga intahe, rero ku baporoti basengera ku musi windwi ariwo { sunday} mu kwivangura na gatorika kandi, kandi musengere ku musi wemerwa na bibiliya yera ariko mutazowuziririza nkuko abayuda batizera Yesu kristo babigenza be nab’ i dini rya adventiste ba bigenza mu kuziririza umusi kuwurutisha ibindi be no kugendera mu mico ya gipagani yo kwanka kurya kuvyo Imana yahumanuye bo bakomeza bagendera muri bimwe vyakorwa mw’ i sezerano rya kera, be no kutemera kuyoborwa na Mpwemu yera kuko bizera ko atakuvugishwa kugihari vyose vyarangiriye kuri Yohana umubatizi kandi ko atabundi butumwa canke ubuvugishwa Imana yemera uretse ijambo ryayo rikwiye ryanditswe, namwe muzoba mu mugabane wa biteze ijuru, ariko ubu ijambo ryemeza abakora ivyo Imana igomba ko barindiriye umusi w’ i nzamba ni rivuga riti: Aho babiri canke batatu bakoraniye bari mukuri no muri Mpwemu nanje mba kumwe nabo, irindi riravuga riti: Igihe kizogera kandi kirashitse aho abasenga Data bamusaba mukuri no mu Mpwemu, kandi icemewe n’ i vyabona bishika bitatu nimbere z’Imana kiba cemewe, kubera turi mu misi yu buyobe atakuri gukundwa, na bapfira mu Mwami Yesu baribonekeza no ku mwanya wa nyuma baba bapfiriyeko, turi mu misi yaho ubasha kumenya muntu arangije neza canke nabi bitewe ninyambaro apfuye yambaye, apfiriye hehe, apfuye yari mu biki, : ntibibatere amadidane, kubera iyo wigisha ikintu kimwe muvy’Imana kandi ari vyinshi ico kintu atari igihe caco co kucigishako kandi na Mpwemu w’Imana akaba arico ashingira intahe no guhishurira benshi kiba cakuviriyemwo ikigirwamana kandi Imana ntimubakumwe, nkuko hariho ijambo rishitswa cane gose na biyita abaririmba indirimbo z’Imana,abavugabutumwa, abavugishwa bibinyoma riti; Nti, ntaho nigeze mbamenya mvireho mwa bakora ibizira mwe.
Amahoro. Shalom.