*Ku wa 1 Gitugutu : Tereza w’Umwana Yezu, Umubikira*
*Umusi mukuru*
*IGISOMWA CA MBERE* _(canke igikurikira)_
*Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya* (66, 10-14a)
Nimunezerwe hamwe na Yeruzalemu, tambe mutarike, mwebwe abayikunda mwese; nimwigine hamwe na yo, mwebwe mwahora muyigandariye! Kugira ngo muze mwonke muhage, muhozwe n’ibere ryayo, musoserwe n’ubuninahazwa bwayo.
Nka ko, ng’iri iriyazwe n’Umukama: Nzoyironsa amahoro atemba nk’uruzi, iteka ryayo mu makungu ringane n’uruzi rwasheshe. Imicuko yayo izorerurwa, bazoyisimbagiza. Kurya umuvyeyi ahoza umwana wiwe, ni ko nanje nzobahoza, mugahozwa muri Yeruzalemu. Nimwabibona, agahimbare kanyu kazoba kose, umubiri wanyu uzototahara nk’ubwatsi buremvye. Umukama azokwimenyesha abasavyi biwe.
*_IKINDI GISOMWA CA MBERE_*
*Ivyo dusoma mw’Ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyaroma* (8, 14-17)
Ncuti zanje,
Abarôngōwe na Mutima w’Imana bose ni bo bana b’Imana. Na kare, ntimwaronse umutima w’abashumba ngo musubire kwama mu bwoba, ariko mwaronse umutima w’abana barezwe mu nzu udutuma tuvuga tuti: «Abba! Dawe!» Mutima we nyene ubwiwe ni we afasha umutima wacu kwemeza yuko turi abana b’Imana. Ko turi abana, turi n’abaragwa: abaragwa b’Imana n’abatorana iragi hamwe na Kristu, dusanzwe dusangiye na we kubabara tuzosangira n’ubuninahazwa nyene.
*IZABURI 130 (131) 1, 2, 3*
Icit.: *Nzigamira umutima mu mutekano, hafi yawe, Mana yanje!*
Mukama, umutima wanje ntiwigeze wivyimbisha,
kandi sinigeze nderembuza amaso;
sinigeze nirukira ubukuru,
kibure ngo ncambirwe gukora ibitangaro bindengeye.
Oya nyabuna, umutima wanje ntuhugumbwa,
uguma witekaniye wibereye mu gacerere;
nk’umwana ari mu maboko ya nyina wiwe,
numva urweze muri jewe nk’umwana w’umucuko.
Izigire Umukama, Israyeli,
ubu no mu myaka yose.
*INKURU NZIZA*
*Aleluya, aleluya.*
_Uragahezagirwa, Mana Data, Mukama w’ijuru n’isi, kuko wamenyesheje abatobato amabanga y’Ubwami!_
*Aleluya.*
*Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo* (18, 1-4)
*Muri irya misi, abigishwa begereye Yezu bamubarira bati: «Umukuru mu Bwami bw’Ijuru ni nde?» Yezu yakuye akana agashira hagati yabo ati: «Ndababwiye, ni ivy’ukuri: mudahindutse ngo mube nk’abana batoyi, ntimuzokwinjira mu Bwami bw’ijuru. Uwuzokwicisha bugufi akamera nk’aka kana, ni we asumba abandi mu Bwami bw’ijuru.*»
https://ryotwubaka.com/2016/09/28/1-gitugutu-tereza-wumwana-yezu-umubikira/