*Ibinoboye vy’ukuri*
*_Kuwa gatandatu, 1 Gitugutu 2016_*
*Pasteur Chris Oyakhilome PhD.*
*« `Ntimukabareke babeho ata Mana« `*
*__________________________________*
_*Nico gituma mvuga ibi, nkabishingira intahe mu Mwami wacu, ngo ntimube mukigenda nkuko abanyamahanga bagenda, bagendera mu bitagira ikimazi vyo mu bwenge bwabo, ivyiyumviro vyabo biri mu mwiza, batandukanijwe n’ubugingo buva ku Mana kubw’ukutamenya kuri muri bo, n’ugukomantara kw’imitima yabo (Abanyefeso 4:17-18).*_
Umurongo wacu twahereyeko uduha igicapo c’umuntu ataravuka ubwa kabiri; ico impwemu iri imbere y’Imana- igishushanyo kitanezereje kuvy’ukuri. « `Abanyefeso 2:12« ` havuga, *_“Kw’ico gihe mwari mutandukanye na Kristo, muri n’itandukaniro n’ihanga rya Isirayeli, muri injabuka ku masezerano y’ivyasezeranywe, ataco mwizigiye ku bizoba, mwari mw’isi mutagira Imana Rurema.”_*
Ni gute umuntu yobaho adafise Imana? Abantu nkabo barapfiriye mu bigabitanyo hamwe n’ivyaha kandi bagenda nkuko umwami w’ubushobozi bwo mu kirere, ari we Satani agomba. Ni bibi cane! Vyerekana ukuntu ari ivya nkenerwa kuri twebwe ko tuguma tuvuga Ubutumwa kandi twinginga ku mishaha yatakaye. « `Abanyefeso 4:18« ` havuga ko batandukanijwe n’ubugingo buva ku Mana. « `Abanyefeso 2:12« ` havuga ko ata vyizigiro bafise.
Abo bose bataravuka ubwa kabiri ni “abana b’ishari” ; ivyo bisigura bateguriwe urubanza rw’Imana « `(Abanyefeso 2:2-3)« `. Ibi vyategerezwa gutuma wiyumvira abagenzi bawe, abakunzi bawe, abo mwigana hamwe n’abo mukorana batazi Yesu; abo ni igikorwa cawe. Ntubareke bapfe ata Mana, kuko ni bapfa, bazoja mu kuzimu, kandi ubwo si ubugombe bw’Imana ku muntu uwari we wese. Bibiliya ivuga Ntigomba ko hariho abahona, ariko Igomba ko bose bihana « `(2 Peteroo 3:9)« `.
Niwe uri umurinzi w’Ubutumwa bw’agakiza kuri abo bose bo mw’isi yawe; ntugume uhoze. Vuga Ubutumwa bwiza nkuko utigeze ubigira. Inginga mu masengesho kubw’imishaha yatakaye. Bigire intumbero y’ubuzima bwawe ko abanyavyaha mw’isi yawe batazopfa badafise Imana; ntibazobandanya kuguma babaho ata vyizigiro. Sangira Ubutumwa bwiza nabo. Bareke bamenye ko ubugingo budashira buva ku Mana buhari ubu; kubw’ivyo, ntibategerezwa kwirekurira mu caha hamwe n’ukwiyagiriza kandi. Bareke bamenye ko ukugororoka kw’Imana kwamaze guhishurwa, kandi gutangwa k’ubuntu umuntu wese yakiriye Ubutumwa bwiza hama bemere ko Yesu Kristo aba Umwami w’ubuzima bwabo.
*« `|Isengesho« `*
Data nkunda, ndagushimiye ko wangize uw’akamaro mw’ibango ry’umwuzuzo. Ndasenga kubw’abo bose bari kw’isi batazi Yesu, ko umuco w’ubutumwa bw’ubwiza uzokwaka cane mu mitima yabo, usangangure igihome c’umwiza, kandi bariishura uno munsi ku muhamagaro wa Mpwemu kuri bo kubw’agakiza, mw’izina rya Yesu. Amen.
*« `Ukubinoganza:« `*
_||Matayo 28:19-20||;_
_||Acts 26:16-18||_
*« `INTEGURO YOGUSOMA BIBILIYA MU MWAKA 1« `*
_||Abanyefeso 6:10-24||_
_||Yesaya 31-32||_
*« `INTEGURO YO GUSOMA BIBILIYA MU MYAKA 2« `*
_||Tito 1:1-16||_
_||Yeremiya 49