Idomonika ya 27 kuwa1

*Indwi ya 27 yo mu mwaka : ku wa mbere (Années paires)* 

 

*IGISOMWA CA MBERE*
*Ivyo dusoma mw’Ikete* *Umutumwa Pawulo yandikiye* *Abanyagalati (1, 6-12)*
Ncuti zanje,

Birantangaje ko mwaciye mwikura ningoga ku Wabahamagariye mu nema ya Kristu, mukirukira iyindi Nkuru nziza, kandi ata yindi iriho, atari abantu babahagarika umutima, bagashaka guhindura Inkuru nziza ya Kristu. Ariko, n’aho yoba twebwe canke umumarayika wo mw’ijuru abigisha Inkuru nziza inyuranye n’iyo twabigishije, aragacibwa! Nk’uko twabivuze ubwa mbere, kandi ndasubiriye kubibabwira uyu musi: Nihagira umuntu abigisha Inkuru nziza inyuranye n’iyo mwakiriye, aragacibwa! Mbega, ubu ni ishimwe ry’abantu ngomba canke ni iry’Umukama, canke se ndondera kunezereza abantu? Iyo mba nari nkirondera kunezereza abantu, sinobaye nkiri umusuku wa Kristu.

Benewacu, ku vyerekeye Inkuru nziza nabigishije, ndabamenyesheje ko iyo Nkuru nziza irengeye abantu, kuko nanje ntayihawe canke ntayigishijwe n’umuntu, ariko ari Yezu Kristu yayimpishuriye.
*IZABURI 110 (111) 1-2, 7-8, 9.10c*
*Icit.: Ntaho Umukama yigeze yibagira isezerano ryiwe.*
Ndaninahaza Umukama n’umutima wanje wose,

mu gihari c’aberanda no mw’ikoraniro ryabo.

Ibikorwa vy’Umukama birahambaye,

birabereye kurimburwa n’ababikunda.
Ibikorwa vy’Umukama ni vyo kuri n’ubutungane,

amateka yiwe yose ntatirimuka;

yayashinze ngo arabe imyaka yose,

ayarangura mu butungane no mu kuri.
Yararungikiye icungurwa abantu biwe,

aragana indagano y’intahava;

izina ryiwe ni ryeranda kandi rirahambaye!

Imyaka n’imyaka akwiye ikaze.
*INKURU NZIZA*
*Aleluya, aleluya.*
*Uwuzigama ijambo rya Kristu,muri we ni ho urukundo rw’Imana ruba rusasagaye.*
*Aleluya.*
*Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (10, 25-27)*
Umusi umwe, umwigisha yari aho ava hasi ngo ageze Yezu, ati: «Mbega, Mwigisha, nokora iki ngo nze ntorane ubuzima budahera?» Yezu na we aramwishura ati: «None, mu mabwirizwa handitswe iki? Uhora usomamwo ibiki?» Uno na we amwishura ati: «Urakunda Umukama Imana yawe n’umushaha wawe wose, n’umutima wawe wose, n’amagara yawe yose, n’ubwenge bwawe bwose; urakunda kandi mugenzawe nk’uko wikunda wewe nyene.» Yezu na we ati: «Wishuye neza; genda, ugire gutyo nyene, uzohoraho.»

Ariko, wa mwigisha arondera ingene yokwikurayo, abaza Yezu ati: «Mbega, mugenzanje ni nde?» Yezu yungamwo ati: «Habaye umuntu yariko aramanuka ava i Yeruzalemu aja i Yeriko; arahava agwa mu bisuma, bihejeje kumwambura, biramukubita birigira, bimusiga ari intere. Hanyuma rero, umuherezankuka amanukana ya nzira; ngo amubone, aca iruhande, arigira. Hanyuma naho, harenguka umulevi; ngo amubone, aca iruhande ararengana. Umunyasamariya na we, yari yimariye urubanza, aramurengukako, ngo amubone amutera ikigongwe, aramwegera, apfuka inguma ziwe, azisukako amavuta n’umuvinyu, araheza amushira ku gitwazi ciwe, aja kumwakira indaro, aramubungabunga. Ngo buce, yakira amadenariyo abiri ayahereza nyenindaro, amugira ati: Murwaze neza, ibindi vyose uzomutangirira, nzobigusubiza ngarutse.

None, ku bwawe, muri abo bantu batatu, ni nde yagiriye ubugenzi wa muntu yagwa mu bisuma?» Wa mwigisha yishura ati: «Ni uwo yamugiriye imbabazi.»Yezu na we ati:«Genda base rero,ugire gutyo.»