*« `Ibinoboye vy’ukuri« `*
*_« `Kuwa kane , 6 Gitugutu 2016« `_*
*« `Pasteur Chris Oyakhilome PhD.« `*
*« `Muhimbaze« `*
_*Maze nko mu gicugu Paulo na Sila bariko barasenga baririmbira Imana, izindi mbohe zibumva (Ivyakozwe n’intumwa 10:25).*_
Ikintu caboneka ku kungene Paulo na Sila bahimbaza Umwami mu Vyakozwe n’intumwa 16 nuko bari n’inkomezi nyinshi mu guhimbaza no mu gutazira kwabo ku Mwami. Vyategerezwa kuba kuri bo umwanya w’umubabaro, w’ubunyakamwe hamwe n’ukwijirirwa, ariko baririmvye amashimwe ku Mana hako barengerwa n’ukwihebura. Ntibavuga gusa indirimbo buhoro buhoro, bafise ubwoba bw’abacunze ibohero, baririmvye cane gushika naho abandi bapfungwa babumva. Iyi ni imwe mu nzira z’ukwizera mu kwishura imbere y’ibibazo bihushanye; urahimbaza hama ugatazira Umwami n’inkomezi nyinshi, uzi yuko muri We uri uwurushishwaho kunesha. Nimba bisa nkuko uri mw’ “isaha yirabura” y’ubuzima bwawe, ntiwihebure! Ntugerageze kwibutsa Imana ikibazo, oya; Yihimbaze! Ushobora kuvuga, “Ariko ni ntamubwira ibibazo vyanje, ntazomenya ibiri mu vyiyumviro vyanje” ; urihenze. Arazi vyose, kuko ni Imana. Kura ivyiyumviro vyawe ku ngorane hama hamwe n’umutima ushima, tazira hama ushire hejuru ubukuru bwayo; himbaza izina ryayo, kuko ni Iyikiza, Iyitanga ivyo dukeneye, Iyitanga ivyiza vyose, kandi Isumba bose. Yitazire kuko Irahambaye kandi Irakwiriye guhimbazwa cane. N’ubu nyene, bitavanye n’ibibazo, yihimbaze! Iyumvire kuri vyose yagukoreye mu buzima bwawe; iyumvire ku rukundo rwayo, imbabazi hamwe n’ubuntu kuri wewe; iyumvire ku migisha idasanzwe kandi y’ubwiza mu buzima bwawe, hama muhimbaze cane bivuye mu mpwemu yawe.
Isengesho
Data nkunda, ndanezerewe muri wewe, kuko uri Imana yo nyene y’ukuri kandi y’inyabwenge; nyen’imigisha kandi nyene ubushobozi buhambaye, Umwami w’abami, Uwuganza abaganza! Urakoze ku neza, uburwaneza, urukundo, hamwe n’imbabazi vyawe kuri jewe uno munsi hamwe n’ibihe vyose. Ndaguhimbaza uno munsi hamwe n’ibihe bidashira mw’Izina rya Yesu. Amen.
*« `Ukubinoganza:« `*
_||Abaheburayo 13:15||;_
_||zaburi 28:7||;_
_||zaburi 150:1-6||_
*« `INTEGURO YOGUSOMA BIBILIYA MU MWAKA 1« `*
_||Ab’i Filipi 4:4-23||_
_||Yesaya 42-43||_
*« `INTEGURO YO GUSOMA BIBILIYA MU MYAKA 2« `
_||Abaheburayo 1:1-14||_
_||Gucura intimba 2||_
*__________________________________*
_*Ubu murashobora gu télécharga, Rhapsodie des Réalités, yandikwa n’Umukozi w’IMANA, Pasteur Chris Oyakhilome, harimwo n’izi igifaransa, n’icongereza, vy’ukuri, n’i gufyonda (cliqua) aha hari iyi link,mugatange no kubagenzi bahezagirwe.*_
_http://rhapsodydistribution.com/a/index.php?id=generalYvesbennet._
_« `Wandike ico watahuye:« `_
*___________________________________________________________________________________________________________________________________________________________________________________________________________________________________________________________________________________________________________________________________________________________________________________*