Bene Data, mission d’évangélisation (urugendo rw’ivugabutumwa) yo mu Cankuzo naraye Ndayiragije, kandi Data wo mw’ijuru yabanye nanje aragura imirimo ananshikana Kure ku nkengera za Tanzaniya, Camazi… abarozi bakoreshwa nnumugwanizi kungirira nabi, mbona ubushobozi bwa Yesu. Amen. Nkiri ruguru, ncibaza bimwe uko biri bugende, Imana yakoresheje umugenzi aba Californie ankorera »surprise » ati : ndifuza guterera urugendo nk’urwo », abikora mu kubaha Imana no kuyitinya. Umuremyi m’isi n’ijuru amuhishurire ivy’ibihe tugezemwo, afukure ivyo Antikristo ariko arakora Californie no mw’isi, inama z’imana z’i kuzimu zimaramarizwe imbere yiwe, ahabwe kuzobona mu nyonga ha Yesu wa musi turindiranye igishika. Si Selerin gusa, ivyo yakoreshejwe vyavuye ku mavi y’abo ntazi muriko murasoma ibi. Simbazi mwese kuko benshi twalenyaniye kurubuga mushima ubutumwa munabutanga, ariko igifise ikimazi n’uko Data wo mw’ijuru twitezeko vyose dutama abazi, umwe adutakisha Abba, Data, akavyemeza mu mutima. Abo bose basenze Yesu, batumye ntagwa mu mitego y’abarozi, Imana ibagirira ubuntu mu kungeza aho yangejeje. Simbuze kuba naragambaraye muri bimwe vyabonetse umengo birandengeye. Imana ingirire imbabazi kandi inshoboze. Simbuze n’ukuba nariyerekanye hakwerekana uwantumye. Imbabazi za Yesu zimbeko, imisambi impunge. Namaramaje Umuremyi muri vyinshi cane ntokwibuka birimwo kwidoga, kuryamira, kurenza urugero mu majambo mvuga n’ibindi ntokwibuka. Uko mushima ivyo Rugira yakoze, munsabire n’imbabazi kuko ndi umuntu buntu. Kubera ubupfu bwacu bwinshi nk’ubu bwanje, hari vyinshi Imana iba yateguriye ubwoko bwayo, natwe tukazibira. Ibimbonekako nk’ivyo vyose, Imana imbabarire. Ubuntu bw’Imana bubabeko namwe mwese mufitiye ishaka igikorwa c’Imana aho muri hose. Ni tutabonanira mw’isi hari ahantu tugiye kuzohurira, muri ca kibanza ubwiza bwa Yesu buzohishurirwamwo, natwe tukabonana dusa, kuko tuzasa nawe. Mpwemu w’Imana ashimwe cane kuko, bene Data, umve neza ! ! ! AVYEMEJE mu mutima wanje mu nkomezi. Alléluia, Alléluia. Amen kandi Amen. Ntidutamira ubusa, mwame ivyamwa vy’agakiza mwihangane mubibagerageza kuko bitazobura, mwemere guca mu nzira yaga, murabe uko Imana igira ibatangaze. Abo ndiko ndavugana nabo, Mpwemu ariko arabemeza. Ndemezwa gose ko hari abo ndiko ndavugana nabo, kuko Imana, bene Data ntikorera mu kivunga.(Yohana 17:9). Saba ikimenyetso. Icompa ukemerwa, ikibabaje n’uko benshi bakorera ibigaragara. Gira ivyizigiro bizima Paulo avuga. Yesu agira yishure. Amen