*Indwi ya 28 yo mu mwaka : ku wa mbere (Années paires)*
*IGISOMWA CA MBERE*
*Ivyo dusoma mw’Ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyagalati (4, 22-24.26-27.31-5,1)*
Ncuti zanje,
Handitswe ko Aburahamu yari afise abahungu babiri. Umwe wo ku mushumba n’uwundi wo ku mugore w’ukuri. Ariko, uwo ku mushumba yari yavutse ku bw’inama yo ku mubiri, na we uwo ku mugore w’ukuri yari yavutse ku bw’umuhango. Muri ivyo, harimwo ingereranyo: abo bagore berekana ya masezerano abiri: irya mbere ni iryo ku musozi wa Sinayi kandi ryavyaye abo kuguma mu bushumba, na ryo ni Hagari. Ariko rero, Yeruzalemu yo mw’ijuru ni yo mugore w’ukuri, uwo ni umuvyeyi wacu. Na none handitswe ngo: «Himbarwa, wa ngumba itavyara, turikisha, usemerere, wewe utigeze urara ku nda, kuko abana b’intabwa ari benshi kuruta ab’inkundwakazi.»
Ni uko rero, benewacu, ntituri abana b’umushumba, ariko turi abana b’umugore w’ukuri. Kristu yaturokoye ngo tube mu mwidegemvyo. Nimugumye umutima kandi ntimusubire kwita mu bushumba.
*IZABURI 112 (113) 1-2, 3-4, 5a.6-7*
*Icit.: Izina ry’Umukama riragahezagirwa,ubu no myaka yose!*
Bantu b’Umukama , nimuninahaze Umukama,
muninahaze izina ry’Umukama!
Izina ry’Umukama nirihezagirwe
ubu no mu myaka yose!
Kuva mu buseruko gushika no mu burengero,
izina ry’Umukama nirishemezwe!
Umukama ari hejuru y’intara zose,
ubuninahazwa bwiwe buri hejuru y’amajuru.
Mbega, uwongana n’Umukama Mana yacu yova hehe?
Ariko arururuka kuraba ibiri kw’isi:
Umukama akura mu musenyi abatagira amagara,
umukene akamukura mu mwavu.
*INKURU NZIZA*
*Aleluya, aleluya.*
*Amajambo yawe, Mukama, ni akezamutima,akaba umuco utuboneshereza.*
*Aleluya.*
*Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe yanditse* *Luka (11, 29-32)*
*Muri irya misi, Yezu atangura kubwira ishengero ryahinda ati: «Uru rwaruka ni urwaruka rubi! Rurondera ikimenyetso, nta kimenyestso kindi muzohabwa atari ikimenyetso c’umuhanuzi Yonasi. Nk’uko Yonasi yabaye ikimenyetso c’Abanyaniniva, ni ko n’Umwana w’umuntu azobera ikimenyetso uru rwaruka. Ku musi w’urubanza, umwamikazi wo mu bumanuko azohaguruka kwagiriza abantu b’uru rwaruka, agireko abatsinde, kuko yahanutse ku nkiko akaza kwumva ubwenge bwa Salomo; kandi hano hari uwuruta Salomo. Ku musi w’urubanza, Abanyaniniva bazokura hasi kwagiriza uru rwaruka, bagireko barutsinde, kuko bihanye kubera inyigisho za Yonasi; kandi hano hari uwuruta Yonasi.»*