Ntawoshobora Ikibanza c’Imana, reka icubahiro kibe icayo gusa.

umugabo umwe yitwa consima yama aja mw’isengero yitegereza yesu ku musalaba,abwira yesu ati yesu nukuri ndagusavye ndakuruhurire gato kuko urarushe wahabaye kuva kera,yesu ati reka reka ntavyo woshobora..consima aranka ngo nimpaka amuruhuriye..yesu ati sawa mugabo ntuze wigere ukura ijambo mukanwa..consima kiwusimbirako..abakirisu baguma baza gusaba Uwuhoraho,uwambere araza arasenga ahejeje aragenda ariko yibagiriraho isakoshi.
 Consima ruti cwe! 
 Haza uwakabiri asangaho kagasakoshi arasenga ahejeje aca arakitwarira
consima ruti cwe! 
 Ehe haza uwagatatu arasenga araheza arasohoka aca ahura numwe wambere aje kurondera ka gasakoshi yinjiye arakabura aca aramufatisha ngo niwe akamwivye.

Kizunguzungu ngo ba! Eee consima ngo abone ibibaye bimwanka munda akoma induru ati reka reka suyo yayivye ba bapolisi ngo babone uwuri kumusalaba avuze bati uwakirisu araho turamuhohoteye,baramurekura bavaho biruka…

Yesu ati consima consima nakubwiye gute?? Consima ngo erega bari bamuhoye ubusa..yesu ati nakubwiye ko udakurako ururimi ati urazi jewe ivyo mpora mbona muri mwebwe nkihoza..Ati ehe nkwereke:

♻urya wambere karya gasakoshi yarafise karimwo amahera bamuhaye ngo aje kwica umuntu yari aje gusenga ngo abishitse

Ariko naciye ndakamwibagiza kugira

♻urya wakabiri yaramaze indwi yose ansaba ndamuhe ico arya agatore nawe aronka ikimufasha
♻urya wagatatu nari nashatse afatwe n’igipolisi kugira asibe gufata umuduga yari gufata wari kugira accident none raba uramurekuje ubu yuriye nya muduga yapfuye..urabona ivyo ugize!!!! Consima ngo😳

Nuko natwe tureke kwishira mu kibanza c’Imana kuko yishura hageze kandi aruko bikenewe..reka ishaka ryayo riranguke