WIBUKE USHIMEUmusi umwe bagenzi twese tuzotandukana,duzokumbura ibiyago vyiza twagiranye,imigambi twashingiye hamwe,indoto twagize turi hamwe,ndetse n’ibihe vyakanyamuneza twagiriye hamwe,blagues et humour,… Imisi izohera, amezi n’imyaka maze ibiyago tugirana bigende bigabanuka kugezaho kuvugana biba gake cane. Abana bacu bazobona amafoto twifotoje mu buto bwacu hamwe twari kumwe, maze bazotubaza bati Papa(Sogokuru,nyokuru,mama) ABO NI BA NDE? Inkumbu zizonyuzura,amosozi adengere mu maso ndabishure nti:ABA NABO TWASANGIYE IBIHE VYIZA TUKIRI BATO, Nibo twagoranywe turanasangira amahirwe. Ubuzima bwo mu buto buraryoshe ariko ni bugufi. Gato ubusaza buraje. Rungikira aya majambo abo ukunda, incuti n’abagenzi n’umuntu wese yakunejereje mu buzima agatuma umwenyura. Ntutinye no kubindungikira namba ndimwo. Ndasubiyemwo: Ubuzima bwo mu buto buraryoshe ariko ni bugufi. Wame wibuka abana mwakinye,abo mwarukanye,abo mwiganye,abo mwakuranye gushika aho ugeze.Bishobotse bandikire, canke ubahamagare,ubibutse ko harico ubibukirako, canke wabigiyeko. Ndashima Imana kuba twaramenyanye…!!!