Amasengesho

🌍 AMASENGESHO YO GUSENGERA IGIHUGU 🔐 Kuwa Gatatu 12/10/2016 Kuva 6h GUSHIKA 18h.Mbanje kubaramutsa, abandi ndabaha mwiriwe bivanye naho muherereye mwizina ry’Umwami wacu Yesu Kristo!
Ndabifurije yuko amahoro y’Imana yobana namwe mwese!
Twongeye kubatumira mu masengesho yo gusengera

igihugu n’abene wacu n’icuti n’abagenzi bari Burundi.
ThÚme: » IMANA IRATWIYUMVIRAKO »

JEREMIYA 29:11-14.

1. Gusambuza imigambi y’umwiza mu Gihugu.
2. Kubohoza igihugu gihinduke icibare c’Imana.
3. Gusengera:
– Abapfungwa, abafakazi, impfumvi, impuzi, abana bo mwibarabara, aba shomeri n’abagowe bose .

Imana izobana natwe murayo masengesho, itwambike inkomezi, izoturwanira kandi yumve no gusenga kwacu.

Murakoze kuko mugiye kubishira mu ngiro. Tubasaba ko mwomenyesha abandi.

Bigiriwe i Bujumbura kw’igenekerezo rya 11/10/2016.