*« `Ibinoboye vy’ukuri« `*
*_« `Kuwa kabiri , 11 Gitugutu 2016« `_*
*« `Pasteur Chris Oyakhilome PhD.« `*
*« `Inyishu y’Imana ku Marira y’Isi« `*
*_Uwo mwanya hamwe n’uwo mu marayika haboneka ingabo nyinshi zo mw’ijuru, zihimbaza Imana, zit’icubahiro ni kibe ku Mana ahasumba ijuru, no mw’isi amahoro abe mu b’inezererwa (Luka 2:13-14)._*
Ahadukikuje, turabona abantu benshi bari mu buzima bw’ingorane no kwihebura, imibabaro n’ubukene; baracits’intege, barahungabanye, babuze gifasha. Bamwe babona ico gicapo c’abantu bafise ivyo bakeneye hama bakabaza bati: “ubwo hariho Imana ; ntiyashobora kuba yaragize ico Ikora?” Ego , Imana iriho, kandi yaramaze gukora ikintu.
Ica mbere, Yaduhaye ubwenge kugira twiyunvire kur’abo bantu, tubone ibihe barimwo, Iduha n’ubushobozi bwo gufasha . Yamara turabona ko, ibirengeye ubufasha dushobora gutanga, niyo yabikoze mu kurungika Yesu Kristo mw’isi. Yesu niwe nyishu y’Imana ku ngorane zose z’abantu , inyishu ku ngorane zose. Umuntu akeneye ibirengeye imfungurwa, amazi, ubwugamo, ubuvuzi n’amahera; umuntu akeneye ubuzima bw’Imana. Kandi Yesu we nyene niwe atanga ubwo buzima. Yavuze, *_” “…nanje jeho nazanywe no kugira ngo zironke ubugingo, kandi ngo ziburonke busagutseI”_* « `(Yohana 10:10)« `.
Rimwe na rimwe, wokwibaza uti iyab’umuntu yaronka amafaranga menshi, yomererwa neza, ariko si ukuri. Yoshobora kuba mu ngorane, naho yogira ubutunzi. Yesu yavuze at’ubuzima bw’umuntu ntibufatiye k’ubwinshi bw’ivy’afise « `(Luka 12:15)« `. Amahera ntatanga ubuzima, umunezero, cank’amahoro; ariko Kristo niwe atanga vyose. Rero, bose barakeneye Yesu; niwe nyishu y’Imana ku marira y’isi. Imana yaramenye ko niyarungika Kristo mw’isi, imibabaro, ubukene, umwiza, vyose bizoba birangiye ku wizera wese.
Iyo niyo mpamvu twigisha kandi tuvuga ubutumwa bwiza impande zose mw’isi, tumenyesha abantu ko ivyo bariko bacamwo ataco bitwaye; muri Kristo bafise ivyizigiro. Muri Kristo barabohowe; bafis’intsinzi, ubwiza, n’ubugingo budashira. Aho bari mu buzima ntaco hahindura, nimba barakiriye Kristo, Azobashitsa kur’ubwo buzima bwo hejuru. Muri Kristo, turushishwaho kunesha.
Kristo niwe nyishu. Niwe nyishu abantu barondera. Mumenye, umukurikire mw’Ijambo ryiwe; hama ubuzima bwawe buzoba ubw’agahebuza kandi bwuzuye ubwiza.
*« `|Isengesho« `*
Data mwiza, ndagushimira ko warungitse Yesu mw’isi nk’inyishu kubw’ amarira y’umuntu, kubw’ agakiza , guter’imbere no kubaho neza. Amaso yanje aruguruye ngo mbone abari mu bukene, kandi ndagushimira ko wampinduye ukuboko kwawe guhezagira, hamwe n’igikorwa c’umwuzuzo, mw’Izina rya Yesu. Amen.
*« `Ukubinoganza:« `*
_||Yohana 5:11-12||_;
_||1 Yohana 4:9||_;
_||Yohana 10:10 AMP||_
*« `INTEGURO YOGUSOMA BIBILIYA MU MWAKA 1« `*
_||Abakolosayi 4:2-18||_
_||Yesaya 52-53||
*« `INTEGURO YO GUSOMA BIBILIYA MU MYAKA 2« `*
_||Abaheburayo 4:1-16||_
_||Ezekiyeli 4 1||_
_*Ubu murashobora gu télécharga, Rhapsodie des Réalités, yandikwa n’Umukozi w’IMANA, Pasteur Chris Oyakhilome, harimwo n’izi igifaransa, n’icongereza, vy’ukuri, n’i gufyonda (cliqua) aha hari iyi link,mugatange no kubagenzi bahezagirwe.