Ijambo ry’Imana

Yeremiya 33:1-3: havuga ngo: 1)Ijambo ry’Uhoraho ryongera kuza kuri Yeremiya ubugira kabiri acugaraniwe mu rugo rw’ibohero 2)riti Uhoraho abikora, Uhoraho abirema, Akabikomeza, Uhoraho niryo zina ryiwe, uku niko agize 3)ati Mpamagara nanje ndakwitaba nkwereke ibihambaye n’ivyikinze, n’ivy’utaribgamenye.

 Iri jambo ryabwiwe Yeremiya arihe ga bene Data?

 Ngo ari mw’ibohero; ahantu hameze nabi.

Turafise Imana yitaba iyo ihamagawe vy’ukuri.

 Wewe woba uri mw’ibohero ry’intege nke, ry’ibigeregezo bitandukanye, ry’ivyaha, ry’ubukene, ry’ubugaragwa,…ico gukura aho hantu n’uguca bugufi, uguhamagara Imana, izohagukura, Iteko ikwereke ibihambaye vyayo, ivyikinze vyayo n’ivyo utaramenya vy’i bgina vyayo kuko biriho kandi vyinshi.

 Ikituremesha n’Uhoraho abikora kuko atananiwe no kubikora, kandi abirema kuko yoturemera ibishasha vyacu, tugatabarwa kandi n’Uhoraho abikomeza kuko yodukomeza mu mpwemu, mu mabanga y’Imana, mu ngabire yaduhaye, akadukomeza mu vyiza vyose yaduteguriye. Haleluya.

Dusibuze iriba ryo guhamagara Imana mu kuri no mu mpwemu kugira tubone ivyikinze, ibihambaye, ivyo tutaramenya kuko Uhoraho abirema, abikomeza kandi ariryo zina ryiwe. Amen. Umunsi w’Imana mwiza. Amen.