Abarundi basabwe kumera magabo maze bakamenya ukuri kw’ibihe turimwo.

Uravye ivyandikwa n’aba na bariya urabona yuko abarundi batewe n’umugera utari bwabeho kwisi. Umugera. W’ubwicanyi, ububeshi, ukurandura abandi imitima, urwanko n’ubupfu. Abarundi b’imvugakuri barakwiriye guhaguruka bakarwanira isezerano Imana yasezeraniye ihanga ryayo. Ibi vyanditse birerekana ivyo mpejeje kuvuga haruguru:

Amakuru mpabwa na #camera zimurika igihugu cose nuko mujeri ziriko zipanga guhungabanya umutekano.
Muntara ya #Gitega mugabe mwarinjiranwe,hari mujeri zicumbitse ahobita Kurutonde hakurya yikambi yaba commando,mwishatanya,Rango,karitye Ecoso muhakizure neza cane,mwikambi ya 22 yama #brindes murabeko abaharara arabasoda baho kuko harimigambi yogutera ibohero ngo babohoze baba menja bakubita coud d’Etat,gitega mube maso muvuture imitego.
Site #Ruhororo I Ngozi camera yanyeretse imisore myishi yavuye kwa Kagame ihacumbitse kandi iyo site irimwo ibigwanisho,hasake vyihuta.
Makamba komine #Vugizo harimisozi irimwo mujeri mugerabe neza kuko bariyo,murabe mumashamba ya Rukambasi,abantu mube maso cane kuko imigambi mibi yarahejeje gupangwa.
Bujumbura murikanure cane kuko mujeri zagarutse,amakuru mpabwa na camera nuko mu #Buyenzi mujeri ariho zisigaye zihisha cn cn kuva kumabarabara ya22,23,24,25, abantu bikika mumwambaro waba musulmans murabe neza.
Carama mwarinjiranwe neza mujeri ziguma ziyera,gahahe,umanuka nkuwuja kumubone imihana yegereye imiceri mugabe,ahomububari munwera muba murikumwe nezo.
Kamenge mwarinjiranwe nukuba muso cane,mujeri ziguma zizunguruka kamenge yose ziraba akarere.Mwabantu munwera agacupa kububari rabe neza #Kwibuye mugabe inkozizikibi ziva Ngagara Cibitoke nihoziza kurabira mouvement y’intwazangabo zacu,bemaso cane.Ecosate mubemaso cane kuko harabantu biyorobeka ariko babitse mujeri.
Reka kwijajara kuko mujeri igomba isubire umugambi wogutera ama grenade nokwica indongozi muri politique hamwe na gisirikare nagi police.
Hagati mugihugu bariyo mubemaso gose mwijoro mubemaso gose.Abo mu #Ruyigi mubemaso cane gose kuko hiyo hararwaye.
Muncamake umu #Patriotes wese asabwe kubamaso,igihugu cose murikanure kuko zagarutse kandi zifise intumbero mbi nkuko zamye.Haguruke twivune amwasi gushikaho bazumirwa hamwe nayamakungu abashigikiye bazokoma induru.

#HumuraBurundi,
IBITERO NSIMUSIGA VY’UBUTEGETSI BIZOKWITIRIRWA ABABURWANYA! 16/10/2016
Mu ntumbero yo kwigobotora mu vyara vy’amatohoza y’abahinga ba sentare mpuzamakungu CPI,amatohoza ashobora gutuma abategetsi batari bake batabwa muri yompi,ku vyaha bakoze,ubutegetsi bwateguye umugambi wo kwambika iceyi ababurwanya kugira buhuvye ayo matohoza!
Isoko ryacu riri mu bihangenge vy’umugambwe #Cndd_Fdd,rikaba risanzwe rikomeye mu nzego z’umutekano,ryatumenyesheje ko hari ibibanza vyateguwe guterwa n’abantu ubutegetsi bwateguye(abava mu nzego z’umutekano bataye umurongo n’imirwi y’imbonerakure),aho ivyo bitero bizokorwa hakicwa cane abayoboke ba Cndd Fdd ,kugira vyitirirwe abatavuga rumwe n’ubutegetsi,mu gihe gito hace hakorwa ubundi bwicanyi buhitane abatavuga rumwe na reta,vyitwe ko abanyagihugu basubiranyemwo kubera ivyo kwihorahorana,hace haba gukokeza,maze ubwicanyi butanguzwe ku mugaragaro,abazokora amatohoza babure aho bazohera!
Amakuru adushikira avuga ko uwo mugambi akarwi ka #Nkurunziza kariko kawutegura kuko kasanze amakungu yahanze amaso cane abategetsi nk’abakokezi b’ubwicanyi,hakuraba abaporisi,abasirikare y’imbonerakure bato bato ari nabo babishize mu ngiro!

Rero ko bashaka gushuhurira abanyagihugu mu ndyane,maze amakungu akure amaso ku bihangange,atangure kuraba abanyagihugu nabo,hama ivyari vyiswe amatohoza binigirwe mu menshi!
Ivyo abo bategetsi bakavyizera ko bizokunda bisunze ukuntu bahamagarira abanyagihugu gushwara amabarabara,kwiyuha iryosozi n’ugutuka amakungu bigashoboka,bakizera ko n’uwo mugambi wo gusubiranamwo bawubahimirije woja mu ngiro!
Nk’uko isoko ryacu ryabitwiganiye,ibibanza bishobora guterwa umwanya uwariwo wose ni ibi:
1.BUJUMBURA:
-Buyenzi(Babagiriza ko ariho hasigaye habikwa abarwanyi,bakiyambika impuzu z’abaisiramu,kandi ataribo),
-Kamenge na Kinama:Zizoterwa vyitirirwe Cibitoke na Ngagara ko arizo zateye,hanyuma abandi baje kwihora!
2.GITEGA:
-Ikambi ya 22 ya ma blindés,ikagirizwa ko ishaka gutera ibohero rikuru rya Gitega barekuze abagirizwa gutembagaza ubutegetsi,
-Rutonde,Rango,Ecoso!
3.NGOZI:
-Ruhororo:Bakagiriza abari mw’ikambi y’impunzi ko babitse abarwanyi,boba baje bava mu Rwanda,
4.MAKAMBA:
-Vugizo na Rukambasi,
5.RUYIGI
-Gisuru,
Ku nteguro ya mbere harimwo izo ntara ariko urutonde rw’ibibanza rushobora kwiyongera!
Bamwe mu banywanyi b’umugambwe CNDD FDD batipfuza ko ibara rirwa mu benegihugu,basaba abategetsi bo hejuru bo muri uwo mugambwe bagifise agatima, bafashanye n’abo batavuga rumwe mu kwerurira ukuri intumwa ya ONU igira ize mu Burundi #Jamal_Benomar, ko hokwihutirwa kurungikwa inteko zitabara ibara ritararwa kuko ubwicanyi buriko burategurwa n’akarwi k’abicanyi binyegeje mu butegetsi bushobora guhitana abantu benshi harimwo n’abagumyabanga ubwabo kuko bazoba batanzwe nk’ikimazi c’ukugira habeho ubwicanyi bukomeye!
Uwo mugambi,nk’uko isoko ryacu ribivuga,ukaba wiyumviriwe inyuma yaho uwo gucanishamwo abarundi hafatiwe ku moko wankiye!