Akamo gatewe abarundi bose bakunda igihugu cabo aho bava bakagera.

Ubwo butumwa mubugeze kubandi bose bashoboka. Harageze ko abarundi bitaba akamo ko kurwanira no kubohoza igihugu cabo batitayeho amoko,imigambwe ,intara n’utundi tudumbidumbi twabo twose.
Imana ibihe vyose yama ikoresha uwiteguye. Dawidi imyaka yamaze mugisyogororo,mumunuko w’intama n’ihene lmana yariko iramutegura kugira ngo ashobora guhangana n’uwo ingabo zose z’ubw’lsraeli zari zatinye. Nawe iyumve ko ntawundi witeze azoza kugukura mubuja,mubuhungiro,etc.

Igikuru kandi gihambaye kuva 2004 CnddFdd yica abarundi muri za Bujumbura rural,Muyinga n’ahandi warazigamwe. Suko wari umuhizi ahubwo lmana yari yakubikiye igihe nk’iki ngo ubohoze *Uburundi* kandi *lmana* yarakwigishije bikwiye aho lmana yagucishije hose ntizari inguvu zawe. Nawe Imana yaraguteguye. 

 Ico gihe batangura kwica abarundi, hari abakwibaza ko nabo batazoshikirwa.Mbere baravuga bati: »Mureke abahutu bamarane  » Baca umugani mu kirundi bati *Wanka* *kugarura* *ihene* *ikiri* *hafi* *yamara* *kurenga* *umurambi* *ukabira* *nkayo* ,Kandi ngo iyo « lvyatsi bisigaye niyo umuriro waka ujana » None ubu ntawe bibanga uwo batishe bamuvyaza imbonerakure kunguvu.💪🏿

Tuve rero mumajambo🗣 umwe wese akore ico ashoboye👊🏿 ataruko ubuhungiro muzobugumamwo,ubuja mubugumemwo.

Abasomalia muri za 90 mugutsinda ingabo z’abanyamerika bari barigishije abantu babo kwirwanira gushaka no kumwana n’umukecuru. Umutamakazi yazingira Kalachnikov muri zirya mpuzu zabo ndende,umwana ashikana imyaka 10 gutyo, umugore gutyo maze abonye umunyamerika 1 ntiyamureka ngo agende,maze babomora gutyo!Namwe imbonerakure zirabatwara abantu mukanuma,ejo bakagaruka bakabatwara namwe ijambo rimwe twumva ni *Tabariza* *Naka* ariko ukuri nuko mutazosubira kumubona.

  Sinibaza iyo lmana idakoresha Dawidi ko urya musi abisirayeli bari gucika abafirisitiya.

Natwe rero twemere #Sacrifice. 

Nidusangwe lmana,Uburundi n’lsezerano