Bibiliya ni igitabo kidasanzwe. Ugomba kubimenya ?

Bibiriya Yera yanditswe ryari kandi gute ?– Umwanditsi wa mbere wa Bibiliya Yera ni MOSE

yanditse igitabo ca mbere ca YOBU

acandikira i MIDIYANI muri 1486 imbere y’ukuvuka kwa

Yesu Kristu ( Av.J.C).

Igitabo canditswe inyuma y’ibindi n’ic’IVYAHISHURIWE YOHANA, canditswe n’intumwa YOHANA

iri i mu kizinga ca PATIMO muri 95 (inyuma ya Yesu Kristo

( Ap.J.C).

 Ibitabo 39 vyo mw’isezerano rya kera,

vyanditswe imyaka irenga igihumbi (1000). 

Ibindi 27 vyo mw’isezerano risha

vyanditswe imbere y’uko ikinjana ca 1 c’inyuma ya Yesu Kristo kirangira.

 Ni ukuvuga ko:

ugereranije igihe kwandika BIBILIYA Yera yatwaye kingana 

n’imyaka 1690 irengako gatoya.

Bibiliya Yera yanditswe n’abantu batandukanye barimwo :

– Abami : Dawidi, Salomo

– Abarovyi : Yohana

– Abakarani : Ezekiyeli, Matayo

– Abaganga : Luka

– Abashumba : Amosi

Wari uzi ko Bibiliya Yera yandikiwe ahantu

hatandukanye?:

– I Sinayi: Itanguriro

– I midiyani: Yobu

– muri Palesitina: Yesaya

– i Mesopotamiya: Ezekiyeli

– muri Aziya ntoya: Ivyete vy’Ishengero ry’i Korinto

– m’Ubugireriki: icete candikiwe Ishengero ry’Abaroma,….

Menya ko Bibiliya Yera yanditswe mu ndimi

zitandukanye :

– Isezerano rya kera ryanditswe mu

GIHEBURAYO kiretse imirongo mikeya yanditswe

m’urunyarameya.

– Isezerano risha ryanditswe mu KIGIRIKI.

– Bibiliya ya mbere ihindurwa yanditswe na Yohana Wycliffe ayihindura mu congereza kuhera muri

1382 kugeza muri 1386.

 Ubu Bibiliya Yera imaze

gusobanurwa mu ndimi zirenga 1100.

*Sobanukirwa ni uko Bibiliya Yera igabanijemwo imigabane ibiri:*

– Isezerano rya kera rifise ibitabo 39

– Isezerano risha rifise ibitabo 27

– Bibiliya Yera yose ifise ibitabo 66

– Ifise Ibice 1189

– Ifise Imirongo 31.175

– Ifise Amagambo 810.697

– Ifise Inyuguti 3.866.480

 Igice kirekire kiri muri Bibiliya Yera ni Zaburi

119, gifise imirongo 176

-Igice kigufi kiri muri Bibiliya Yera ni Zaburi 117, gifise imirongo biri
Umurongo muremure muri Bibiliya Yera uboneka muri: 

Esiteri 8: 9

Umurongo mugufi muri Bibiliya uboneka mu Kuvayo 20:13&15 *Ntukice*na *Ntukibe*.

* Umurongo uri hagati muri Bibiliya uboneka

muri Zaburi 118:8 (uvuga ngo: *Kugira Uhoraho ubuhungiro kuri n’ikimazi kuruta kwizigira abantu).*

 ni ukuvugako ugabanyamwo

Bibiliya kabiri.

Izina rirerire muri Bibiliya riboneka muri

Yesaya 8:3 ni *‘’MAHERI-SHALALI-HASHI-BAZI’’*

Izina rigufi muri Bibiliya riboneka muri 2 Abami 17: 4 ni ‘’ SO ’’ yari Umwami wa

EGIPUTA.

Igitabo kitabonekemwo ijambo Imana muri

Bibiliya ni muri ESITERI.

Igitabo gisozera isezerano rya kera ni MALAKI

* Umwami avugwa muri Bibiliya Yera yayoboye

akiri muto afise imyaka ndwi ni YOWASI:

(2 Ingoma 24 :1)

Imigabane minini igize isezerano risha ni

ibiri (2) ariyo :

– Ivyakozwe n’intumwa

– Ivyahishuwe 

 Menya Imisozi yahawe umugisha nkuko biri muri Bibiliya:

– SINAYI

– KALVALI

– KARUMERI

– ELAYONO

Amen!