Indwi y’a 29 kuwa1

*Indwi ya 29 yo mu mwaka : ku wa mbere* _(Années paires)_
*IGISOMWA CA MBERE* 
*Ivyo dusoma mw’Ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyefezi* (2, 1-10)
Ncuti zanje,

Kera mwari abapfu bishwe n’ibibi be n’ibicumuro vyanyu, kuko mwahora mubigenderamwo kera mu gukurikiza imigenzo y’isi no mu gukurikiza uwiharije ubukuru mu kirere, ari we wa mutima uguma ukomeza igikorwa cawo mu bantu b’intabarirwa. Kera, natwe twari muri bo mu kuganzwa n’ivyipfuzo vya kamere yacu y’abantu, tugakora ivyo ya kamere n’ivyipfuzo vyayo bishaka, kandi ku bwacu twari twagenewe guhanwa nk’abandi…

Ariko, Imana ni umutunzi w’ikigongwe. Kubera rwa rukundo rwinshi yadukunze, aho twari tukiri abapfu bishwe n’ibicumuro, Imana yatugiranye bazima na Kristu, – muba mukize noneho kubera ubuntu bwayo gusa, — kandi yatuzuranye na we itwicarikana na yo mw’ijuru muri Kristu Yezu, kugira ngo yerekane mu myaka izoza itunga ry’agahebuza ry’ubuntu bwayo mu kutugirira imbabazi muri Kristu Yezu.

Koko, ubuntu bwayo ni bwo bwatumye mukira kubera ukwemera; na vyo nyene ntivyavuye kuri mwebwe, ni ingabirano y’Imana ; ntivyavuye ku bikorwa, kugira ngo ntihagire n’umwe yishimagiza. Na none, turi ibiremwa vyayo, twaremewe muri Kristu Yezu ngo dukore vya bikorwa vyiza Imana yaduteguriye ngo tubigenderemwo.
*IZABURI 99 (100) 1-2, 3, 4, 5*
Icit.: *Imana ni yo yaturemye, natwe turi abayo.*
Yemwe abari kw’isi yose, nimuvugirize Umukama impundu;

nimukorere Umukama n’akanyamuneza,

muze mu nyonga ziwe muririmbe.
Mumenye yuko Umukama ari we Mana;

ni we yaturemye, natwe turi abiwe;

turi ingabo ziwe, turi intama zo mu busho bwiwe.
Nimwinjire mu birimba vyiwe mumuninahaze,

mushike mu ngoro yiwe mumuririmbire,

mumuvyinire, mumushimagize!
Erega, Umukama ni mwiza,

urukundo rwiwe rwamaho,

arakwiye kwemerwa mu myaka n’imyaka.
*INKURU NZIZA*
*Aleluya, aleluya.*
 _Tegurira umutima wanje imihango yawe, ku buntu bwawe unyereke amategeko yawe._

*Aleluya*.
*Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka* (12, 13-21)
*Muri irya misi, umwe ava mw’ishengero ryari rikinje, abwira Yezu ati: «Muhanyi, bwira uwo tuvukana angabanirize kw’iragi rya data.» Yezu aramwishura ati: «Mbega, wa mugabo we, ni nde yangize umucamanza wanyu canke ngo mbagabanirize ivyanyu?»*
*Araheza Yezu abwira ishengero ati: «Nimwame mugavye, mwirinde ubunibuni iyo buva bukagera, kuko ubuzima bw’umuntu butava kw’itunga atunze.»*
*Araheza, Yezu abacira uyu mugani ati: «Habaye umuntu w’umutunzi, imirima yari yamukundiye arimbura vyinshi cane. Nya mutunzi aribaza ati: Mbega nza kugira nte, ko ibigega vyo kwimburiramwo bidakwiye? Atoye uko aza kubigenza, aribaza ati: iNzosambura ibigega vyose nari nsanganywe, hanyuma nubake ibindi bibisumvya ubunini, mpejeje nimburiremwo ingano n’ibindi vyimburwa; hanyuma mbwire umutima wanje nti: Wa mutima we, kubitiza akajisho kuri ivyo bigega; usanga bizokumaza imyaka myinshi; ubu rero, niwiruhukire, urye, unywe, wigirire imisi mikuru uko ushaka. Niho yumva ijwi ry’Imana, imubwira iti: Ewe kiburabwenge we, muri iri joro nyene umutima wawe baza kuwukwaka. None iryo tunga ryawe riza gusigarana nde? Uko ni ko bizobera uwishinga kwihamira ivy’isi, ntiyibuke ibizomutungisha .