Umuhari w’abisezerano irashimiye mwebwe mwese muwitayeho.

Shalom!Turabashimiye mwese abarundi n’abarundikazi mudahengeshanya kutwandikira muduterera ivyiyumviro canke mutubaza utubazo n’abandi bose mushaka kwifatanya natwe muri runo rugamba rwo kubohoza igihugu c’#Uburundi.

Mushishikare mudutera intege ejo aho bukera muzobona ko atari amajambo gusa ariko ivyiyumviro vyanyu vyagiye mubikorwa.

Mushishikare gusoma no kwumviriza iradiyo kuri ngurukana bumenyi yacu http://www.abisezerano.com

Zaburi 24:8 « Ninde Mwami w’lcubahiro?

Ni #Uhoraho Umwami anesha #muntambara. »

Iyi ntambara niy’Uhoraho akomvomvora farao n’abiwe nuko ntimugatinye kuko muri muruhande rutsinda. Niba rero #Uhoraho ari muruhande rwacu kandi akabariwe atuneshereza,uwo turwanya ninde? Mwibuke,ibuye #Dawidi yateye #Goliati iyo hatabamwo ukuboko kw’lmana ntiryari kumwica nagato. Iyo Mana rero niyo mugabisha w’lngabo(Zaburi 24:10) niyo igira ikoreshe abo yasezeraniye #UburundiBusha?

#Murakoze!