Urugohe umuhari w´abisezerano Uvuniye urwaruka rw’abarundi.

Ibinntu vyo kwirinda 

Rwaruka nimwunve impanuro Umuhari w’abisezerano ubahaye. Rwaba urwaruka rushigikiye ubutegetsi rwaba urwaruka Rutabushigikiye izi mpanuru mwese zirabaraba kuneza yanyu, ineza y’uburundi n’abarundi.

– Mwirinde umuhari uwariwo wose uza ukuresha n’akarimi gasosa ngo uriko urarwanira igihugu cawe baguhaye amahera canke bakwemereye ibi nabiriya. Abo ni abangushi ba sesankuyoze kuko baba bakubivyemwo agatima kubucangero.

-Mwirindi umurwi canke umuhari ukwigisha ngo genda wice aba canke bariya. Abo ntibakunda igihugu kuko bakubivyemwo urwanko maze bagutuma kuja kwica benewanyu, incuti n’umuryango. Umurundi wese yaremwe n’Imana kandi bose bazotegerezwa kubana.

-Mwirinde abategetsi, imirwi canke imihari itoranya abacivile, abanyapolitike canke abasirikare itegura kwica. Abo ntantumbero bafise atari ugushira igihugu mumarira no mumaganya maze bagakamisha mumaraso ya beneburundi.

Ikizokubwira abantu bafise intumbero

Rwaruka mushigikiye ubutegetsi canke mutabushigikiye. Mu menye neza yuko uburundi ari ubwanyu. Mutegerezwa guharanira rero ukuri, amahoro n’umutekano kuri bose.

-Muze mushigikire abantu bafise intumbero iboneka, imigambi myiza ninzira zitomoye zo kuyishikako. Akarorero ni ukubohoza Isezerano Imana yasezeraniye Ihanga ry’abarundi, ukwubaka igihugu kitagira indyane z’amoko, intara n’imiryango.

-Muze mushigukire ivyiyumviro bishira imbere Imana, ubuntu, urukundo n’uburwaneza; maze mutere umugongo ivyiyumviro bishira imbere ubwoko n’amaronko.

-Mwame mumenya yuko igihe cose hazoba hariho abarundi, urwaruka rugorewe mumahanga, muruhungo, mumakambi y’impunzi n’ahandi; abari mugihugu yuko batazigera baronka amahoro nabo.

-Mwame muzirikana kandi yuko igihe cose hazoba hariro urwaruka ruyerera rwabuze akazi, rwabuze imiryango , rushonje kandi rukenye; igihugu ntikizigera kironka amahoro.

-Mwame muzirikana na ntaryo yuko intambara y’ibirwanisho irwanywa n’abasirikare babinonosoye kandi itajaniranya abatabifitiye ubuhinga. 

Abo rero babahendesha ubusabusa bwamafaranga bakabigisha kurasa hanyuma bakabarungika kurugamba, baba babashoye kurisongoye. Intambara irategurwa ikagira idéologie eka mbere abantu benshi bakayiyumvamwo.

Igihugu c’uburundi kigeze ahatemba mubutunzi, mu mibano no muvya politike kubera indambi zabakirongoye kuva kera. Ubu rero harageze yuko mwebwe urwaruka mufata ibintu muminwe kandi mutajanye nyabahururu.

Abari kubutegetsi uyu munsi bapfukamye igihugu munda, barica, bagasahura, bakangaza eka uburundi busigaye bwabaye umusaka. Abantu bose bafise ubwoba, barikekana kandi ntibabona iyo igihugu kiriko kiraja.

Abari mumigambwe n’imirwi irwanya abari kubutegetsi, ivyiyunviro vyabo biri mukugabura ivyicaro no kurondera inyungu zabo. Abafashe ibirwanisho nabo bari muri ingo turase ahantu twiruke maze twirinkere ibifaranga.

Rwaruka, muri mugihugu n’abari hanze. Mukwiriye guhumuka maze mukamenya ibimenyetso vy’ibihe. Nimuhaguruke rero mw’ifatanye n’abisezerano kugira ngo mubohoze igihugu canyu c’isezerano.

Ni tugire Imana-Uburindi-n’Abisezerano!

http://www.abisezerano.com