*Indwi ya 29 yo mu mwaka : ku wa kane* *_(Années paires)_*
*IGISOMWA CA MBERE*
*Ivyo dusoma mw’Ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyefezi* (3, 14-21)
Ncuti zanje,
Ndakubita ibipfukamiro imbere ya Data, ari we ubuvyeyi bwose bwamukako mw’ijuru no kw’isi: ku ngero y’itunga ry’ubuninahazwa bwiwe, n’abahe gukomera cane kubera Umutima wiwe, ngo umuntu w’imbere abakuriremwo, Kristu n’avyagire mu mishaha yanyu kubera ukwemera, mushinge imizi ifatiye ku rukundo, kugira ngo muronke hamwe n’aberanda bose amagara y’ugutegera ingene urukundo rwa Kristu rwagutse, rurengeye vyose, kandi rushitsa imizi kure, mumenye urukundo rwa Kristu rurengeye ubwenge bwose, muheze mubone kunengesera mu musesekara wose w’Imana.
Uwushobora gukora ibirengeye rwose ivyo dusaba n’ivyo twiyumvira vyose, ku ngero y’ububasha akoresha muri twebwe, n’aninahazwe muri Ekleziya no muri Kristu Yezu mu rukurikirane rw’urwaruka rw’imyaka yose. Amen.
*IZABURI 32 (33) 1-2, 4-5, 11-12, 18-19*
Icit.: *_Mukama, isi yose isagiriwe n’urukundo rwawe_*.
Tere impundu Umukama, mwa bantu b’intungane,
abantu b’intungane birabereye gutera impundu.
Shemeze Umukama mu nanga,
mumucurarangire inanga y’imirya cumi.
Ijambo ry’Umukama riratunganye,
ibikorwa vyiwe vyose birimwo ukuri.
Umukama akunda ingingo n’ukuri,
isi isagiriwe n’urukundo rwiwe.
Ivyo Umukama yateganije vyamaho,
ivyiyumviro vyiwe ntibihera na rimwe.
Hahiriwe intara yamwironkeyeko Imana,
hahiriwe intara We nyene yitoreyeko iragi!
Ijisho ry’Umukama rihora ku bamwubaha,
ku bizeye urukundo abafitiye,
kugira ngo abasimbishe icobo,
abakize amapfa.
*INKURU NZIZA*
*Aleluya, aleluya*.
*_Amabwirizwa yawe yose, Mukama, ntiyigera ahinduka; wayashinze ko yama ari ya yandi._*
*Aleluya.*
*Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka* (12, 49-53)
*Muri irya misi, Yezu yabariye abigishwa biwe ati: «Jewe naje kuzana umuriro kw’isi kandi nta n’ikindi nshaka atari uko wokwaka. Ntegerezwa kubatizwa, mbere umutima ntuzoja hamwe, ntaronse iyo batisimu.*
*Mbega, mwiyumvira ko nazanywe kw’isi n’ukuhatera umutekano? Eka nyabuna! Ndababwiye ko naje kubateranya. Kuva ubu, inzu ibamwo batanu bazoshira kubiri, batatu batandukane na babiri, babiri na bo batandukane na batatu. Umwana azotandukane na se, se atandukane n’umwana wiwe ; umukobwa azotandukana na nyina, nyina atandukane n’umukobwa wiwe; umukazana azotandukana na inabukwe, inabukwe atandukane n’umukazana wiwe.»*
https://ryotwubaka.com/2016/09/18/indwi-ya-29-yo-mu-mwaka-ku-wa-kane-annees-paires/