*Indwi ya 29 yo mu mwaka : ku wa gatandatu*_(Années paires)_
*IGISOMWA CA MBERE*
*Ivyo dusoma mw’Ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyefezi* (4, 7-16)
Ncuti zanje,
Umwumwe muri twebwe yarahawe ingabirano nk’uko Kristu yaturimbanije ingabirano ziwe. Ni co gituma bavuga bati: «Yaraduze hejuru ajanye imbohe, abantu na bo abahunda ingabirano.» Iryo jambo “Yaraduze” ni ukuvuga iki, ndetse yuko ari uko yabanje kumanuka hepfo mu ntara zo kw’isi? Uwamanutse ni we nyene yaduze hejuru y’amajuru yose, kugira ngo anengesereze vyose. Ni we kandi yahaye bamwe kuba abatumwa, abandi abahanuzi, abandi abakwiza Inkuru nziza, abandi abungere n’abigisha, kugira ngo aberanda babone gutunganirwa mu gikorwa c’ugukoreranira mu kwubaka Umubiri wa Kristu, gushika aho twese hamwe tuzoshikirira ubumwe bw’ukwemera n’ubw’ukumenya Umwana w’Imana, dushikire wa Muntu abushitse,ku rugero rw’igihagararo kizima c’umusesekaro wa Kristu; maze, ntituzobe tukiba abana bazungagizwa kandi bahitanwa n’igihuhusi cose c’inyigisho ihagaze ku bubeshi bw’abantu no ku buhinga bwabo bw’ugutwara abandi mu binyoma. Ariko, tugumije ukuri mu rukundo, niho tuzokura tugana mu buryo bw Umutwe, ari we Kristu ; Umubiri wiwe wose ukūra kuri we ubumwe n’ishirahamwe mu ngingo ziwunganira nk’uko igihimba kimwe cose gikora ibanga cagenewe ; kuri we rero ni ho Umubiri wose wiringaniriza ibiwukuza kugira ngo wiyubake wo nyene mu rukundo.
*IZABURI 121 (122) 1-2, 3-4b, 4c-5*
Icit.: *Ingo, tudugane akanyamuneza mu ngoro y’Umukama.*
Ese akanyamuneza narimwo aho bambwira
bati: «Tuje mu ngoro y’Umukama!»
Ubu noneho, turiko turashika
mu birimba vyawe, Yeruzalemu.
Yeruzalemu yubakitse
bwa gisagagara giteranye kidatagaguje,
ni ho ibisata vy’Israyeli biduga,
ari vyo bisata vy’Umukama.
Ni ho Israyeli yashinzwe ibanga
ry’ugushemeza izina ry’Umukama,
kuko ari ho havyagiye ubutungane,
hakaba inzu ya Dawudi.
*INKURU NZIZA*
*Aleluya, aleluya.*
*_Ijambo ry’Umukama ryamaho imyaka yose; ni ryo jambo ry’Inkuru nziza twabwiwe._*
*Aleluya.*
*Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka* (13, 1-9)
*Umusi umwe, haza abantu biganira Yezu ayashikiye Abanyagalile, ingene Pilato yabakurikije inkuka bari baje guhereza. Yezu arabishura ati: «Mugira ngo abo Banyagalile babonye ayo yose kuko bari bacumuye kurusha abandi bose? Ndabibabwiye: Haba n’intete; ariko, na mwebwe nimutihana, muzoshira mutyo mwese. Canke, ba bandi cumi n’umunani basidukirwako n’umunara wa Silowe ukabica, mugira ngo bari bakoze akabi gusumba ak’abandi bose baba i Yeruzalemu? Ndabibabwiye: Haba n’intete; ariko, na mwebwe nimutihana, muzoshira mutyo nyene.»*
*Yezu araheza abacira uyu mugani ati: «Habaye umuntu yari afise igiti c’umutenahi mu murima wiwe w’imizabibu. Ngo aze kwamura, asanga ntihagirako namba. Abwira uwamurabira imizabibu ati: “Raba, haheze imyaka itatu yose nza kurondera ivyamwa kuri uyu mutenahi, sinsangeko n’ikirazira. Wuce, nakare wononye ubwatsi ku busa.” Na we aramwishura ati: “Databuja, enda banza urorere uyu mwaka, mbanze nimbe iruhande, ndawutabirire. Ubwo, hari n’aho wokwama. Na ho n’utama uzowuca”»*
https://ryotwubaka.com/2016/09/18/indwi-ya-29-yo-mu-mwaka-ku-wa-gatandatu-annees-paires/