Shalom,intahe Ku Bantu bafise ubwoba bw’ubuzima.Jewe nitwa Yohani nabayeho nipfuza kubaho neza,ntinya cane ubukene,mbere nagerageza kwirukanga cane kugira ngo nibesheho nongere mbesheho umuryango wanje!Ndi umugabo,mfise Abana 6,n’umufasha umwe,mbana na mama wanje n’abo tuvukana 2 babanyeshure!Nsanzwe ndi Umukozi w’Imana,ntarandiriye,ndi mubantu birukanze cane,nakoze vyinshi,nagerageje vyinshi ngo nikingire ubukene,ibihe bimwe naragura imiduga yo kwiyunguruza,ikindi gihe nkisanga ngenda n’amaguru,noneho igihe kiragera ndaronka n’inzu niyubakiye,Ku mvo nzobabwira hanyuma,nisanga nayidandaje nsubira mu buzima bwo gupanga,noneho ngize gurtya nabona umenga ngira nsubirane,nisanga mw’ibohero!
Umufasha wanje ntafise akazi,mbere n’uwo mwana was 6 yavutse ndi mw’ibohero;Noneho bwa bukene bahora ntinya nisanga nd’ahantu bangaburira igikombe c’ibiharage,n’igikombe c’ifu bitagira amavuta n’umunyu cank’inkwi zo kubiteka!Maze kuja mwibohero,incuti n’abagenzi boose barantaye,nisanze ndi jenyene,nca nifatira ingingo yo gutakambira Imana yonyene!Naba munzu yagutse,umufasha yaciyaja mu ga chambrette n’uwo muryango wose!ukubaho buri musi,ukuriha iyo chambrette,ubuzima bw’abanyeshure,n’utundi tubazo,ivyo vyose tubibwira Yesu Kristo,agaca yihesha icubahiro mu gutabara! Ubu naho adukoreye ibihambaye aho hari umupfasoni ahejeje gushikiriza umufasha wanje inzu y’icumba na salon,ata mahera amusavye(avance)yamubwiye ngo Numvise ngoberwa mu mutima kuguha iyi nzu ngo amahera s’ikibazo,ngo muzoyampera aho azobonekera! Aho ndi mw’ibuye numvise iyo nkuru,iranteye umunezero,no gushima Imana, Ihezagire uwo mu mama yemereye Mpwemu Yera, ihezagire n’uwo wese yemeye gukoreshwa kubw’umuryango wanje,kandi mubandanye kudusengera,no kuremesha imiryango iriko iraca mu bibazo nk’ibi. Aha nciye kumayange kuko Imana yankoreye vyinshi ku giti canje eka n’abandi bo mumuryango wanje. Mugakobo nakunze yuko dusangira iyo ntahe kandi n’amashimwe. Mungashe gukura ubwatsi kuri Iyo Mana yacu nabo ikoresha bakayemerera. Ncuti nawe mukunzi, ndazi yuko ushobora kuba utabuze itubazo. Nagira ndakuremeshe nti rema Yesu arazi ivyo uriko uracamwo, natazobura kugutabara. Murakoze cane!
