Aha kwisi hari ubutumwa bwinshi bwamadini n’amashengero atandukanye. Abantu rero bagahitamwo ubutumwa bigisha abandi bagahitamwo ubutumwa bumviriza. Umunywanyi wacu Birame Richard yaragoze ico avuga kubutumwa bwo kuroranirwa mubuzima:
Ubutumwa bwokuroranirwa(prosperity gospel)ntibushira hejuru Imana ariko bwitwararika ingabire zomuburyo bwumubiri.Inyungu zakanya gatoya zokuroranirwa mu biboneka(material prosperity)atari kubwivyo Yesu yapfuye kugira tubitsindire,Yesu yapfuye kugirango atugarukane ku Mana.Ubutunzi,amagara(santé),ukuroranirwa bitwereka ko ari Imana ntoya(a little God) atari Imana vyakweri,bidafise intumbero kuco Yesu yapfiriye.Ibi bintu nivyo isi ikurikirana,arivyo imana zibinyoma.Ukwigisha imigisha yakanya gatayo yibintu biboneka kuba ari intumbero vyagakiza kacu kugira bidukure kubukristo bikatujana mubigirwamana,nomukugurisha icubahiro c’Imana kubwo ibintu bidafashe.📖