UBUTUMWA BWIHARIJE KU MASHENGERO AMWE AMWE N’IMIGWI Y’UBUTUMWAYeremiya 9 : 25 « Ehe imisi igira ize, niko Uhoraho agize, ngo mpane abakebwe ariko batakebwe nyakuri….abica amasoso n’ababa mu bugararwa ; kuko amahanga yose ari intakebwa, kandi umuryango wose w’Abisirayeli ni intakebwa mu mitima »
Umuririmvyi araririmba : “Bareke bagende ikivunga, bareke bagende, ni bashika kuri Yorodani hazambuka intwari gusa”
Bene Data, muriko murasoma ubu butumwa nahawe kuri aya mashengero ntanazi menshi muri yo kiretse Katorika yanderesheje ivyo yashoboye, ntimwibaze ngo ibi vyo gukosorwa kuri bo, ngo ni ivyabo gusa, kuko Imana ntihishura nk’iyikora rusasuma. Usome ivy’ishengero kanaka, wiraba wewe nyene ubwawe. Uku niko ivy’impwemu bikora. Jewe ubwanje ndavyandika ndizwa n’ivy’aho mperereye nca mbona, canke bikanyibutsa ivyo nabwiwe kuri jewe nyene, vyankwa mu nyonga z’Uhoraho. Jewe rero sindiko ndabereka amashengero yo gucira ivomo, ariko ndoma urutoke ku vyankwa nibukijwe kenshi ko amashengero akwiye kuvyitondera. Mu guhishurirwa nimba Imana yambwiye ayo mashengero igashima kuyatanga ko akarorero, ntawoyihaririza, ifise impamvu. Abasoma basenga mu kuri mwiyubare, kuko nzi ko hari abakora kimwe gusa muri ivyo bibiri, n’abatakora na kimwe bakikundira amakuru ku bantu atagamije guteza imbere umuntu ku kintu na kimwe. Paulo, avugishwa n’Imana yahanuye Timoteyo kuzibukira ivy’impari n’imigani y’abakecuru.
Bibiriya ivuga iti: Abantu banje bishwe no kutamenya. Iyo umuntu asomye, agasenga, akabona kugira ico yemejwe na Mpwemu, bivanye n’ico amenye ico ari co, hari inzira zine zitambika imbere yiwe, agahitamwo iyibereye bivanye n’ico ari, n’ico amenye, n’igihe ateyemwo.
Kugumbira abafatikanije n’Uhoraho, mukubaka umubiri umwe, niryo shengero ry‘Imana nzima ;
Kwiyegereza kurusha uko wahora umuntu canke umugwi w’abantu kugira ubafashe iyo bibonetse ko abo bantu bafise intege nke mu gikorwa kizwi mw’ijuru ariko bagasaba gushigikirwa ;
Kuzibukira gato ivyo warimwo, kugira usenge cane bigaragaye ko hari amakenga ari mu mikorere yitirirwa Imana ntibigaragare neza. Ico gihe uriyegereza abo bantu ugavye nka Nehemiya, ariko muvy’impwemu ukabanza kwiha umwanya wo gusuzuma impwemu zabo, mu gusenga no mukwiyeza wewe ubwawe ;
Kwitandukanya, Kwigirwa kure ivyo warimwo, iyo bigaragaye ko intumbero y’abo bantu itumbera epfo i kuzimu, canke bafasha wa murwanizi (2 korinto 6 :14-18)
Menya neza : Umuntu afata inzira iyi canke iyindi muri izi zine, yiyubare abikore mu rukundo kuko Iyi Mana ndiko ndavugira irindi zina ryayo ni Rukundo. Nta nakimwe difise twitwaza ngo twanke umuntu canke umugwi w’abantu jkanaka. Kwitandukanya no kwanka ntaho bihuriye. N’umurozi ari umurozi uritandukanya nawe ariko ntumwanka, kuko kuroga ntibimuvako naho abifisemwo uruhara, biva kuri wa murwanizi. Kandi uwudahariye nawe ntazoharirwa. Uku niko Yesu yigishije abigishwa biwe gusenga: « Dawe wa twese uri mw’ijuru…utugirire ikigongwe nk’uko natwe tukigirira abatugiriye nabi …». Bibiriya irongerako iti : ingero mugereramwo abandi niyo muzogererwamwo namwe.
Birateye isoni cane iyo bene Data birata agakiza, bavuma bakanacokora bagenzi babo bacumuye, mbere bakanagabira Satani, iyo benewacu b’aba pagani bihanganiye cane ababiciye ababo kandi babazi banahura imisi yose. Ivyo bitera uwuvyihweza kwibaza ati : mbega bihebeye Yesu yapfuye akazuka uko yari yarabivuze, canke bihebeye idini ryababaditse mu mugenzo ugayitse kwirema ibice no kwankana urunuka ? Ariko tweho ubutumwa twahawe n’iyatwemeye ni ubu tubahaye : mu biringo vyose, mugumiwe canke mworohewe, hari abaguye, n’igihe muhagaze mwese, kundane nk’uko Kristo yadukunze akatwigura. Mwikoreranire imitwaro.
Imana yampaye ubutumwa mbwira amashengero muri buno buryo bwihuse bwo kwandika kugira abarongozi n’abayoboke babo bamenye ivyo bakwiye kumenya vuba, atakinyegejwe, kugira bajabuke. Umve igituma twihuta nk’uko igisuma cihuta: iki ni igihe co kujabuka. Bibiriya iravuga iti : ntihagire uwiyumvirwa ko akererewe(Heb.). Hari abatinya kuza ku muco (Yohani 3: 19-20), haguhimbarwa no kubona ivyo Imana ibakeburako bgo bahindukire, bakitaho kubonwa ko barezwe. Bene Data, mubimenye kare, jewe nanje nd’uwo kurerwako vyinshi cane. Simbabaye kubarega, kiretse kumvira Imana, niyubara sinkore ic’ubuyobe Umwami Sauli yakoze co kuziguriza ibimasa vyiza vyiza ari yo mashengero y’abagenzi banje, banyakiriye iwabo, ayandeze, … Ivyo yarabizize cane kuko Imana ikunda abumvira. Ico nyene gikuye amashengero menshi y’abanyamuhamagaro mu bwizigirwa kuko bazigurije ivyaha vy’abatunzi bababeshejeho. Muntegere rero, Bene Data nkunda cane. Sindiko nkoreshwa n’urwanko canke kwararaza. Imana igihe kimwe irambwira iti: mbega ko utaburira abana banje ngo bave mu vyaha, iki gihugu sinogiha umugisha ugaragara mu nyuma y’intambara, abanse kuburira mukahashika muri impumyi ntimunezerererwe ivyo natanze? Naguye mu gatengo. Si je jenyene mbwirwa uko. Na wewe nyene, ivyo watumwe, ivyo uriko uraziguriza urabizi. Umwami abatahuze. Ikindi, murazi ko kuri benshi, bivanye n’ivyagezwe n’ibindi bintu biboshe amadini, birazwi ko, kuribo, ata ruvugiro rundi noronka rwo kubashikiriza ubutumwa bwabo.
Turetse n’ivyo, ubutumwa bw’ishengero rimwe bwigisha n’irindi, n’abayoboke bakundwa guhishwa vyinshi vyobafasha bakugaranirwa mu buzimire bwinshi n’abarongozi, bahabonere akoyoko. Ni izo mpamvu zo kwegeranya imburi mu rwandiko rumwe kugira twese tumenye ukuri tujabuke. Mu myaka itarenga itatu, muzoba mwamenye igituma ibi vyose vyategerezwa kwandikwa nk’igikonkwano. Muzohezagirwa cane, kuko muzoba muriko muraba muri bimwe mu vyiza Imana ibavugako, igenera amasigarira. Mukundwa, hako usiba kujabuka, ivyawe vyobura bija ahabona, mu bugwaneza. Icompa ivyanje bikama hejuru, kugira mukurizwa navyo bintere gutambuka intambuko nshasha imisi yose.
Ubutumwa kw’ishengero katorika
« Igihugu cabo cuzuye ifeza n’izahabu, kandi ubutunzi bwabo ni isinzi ; igihugu cabo cuzuye n’amafarasi, imikogote yabo n’ibitayega. 8 Igihugu cabo cuzuye n’ibigirwamana ; basenga ivyakozwe n’amaboko yabo, intoke zabo ubwabo arizo zabikoze. » Yesaya 2 : 7-8
Abayoboke b’ishengero Katorika bagwane ingwano yo kuba mw’ijambo ry’Imana ryanditse muri Bibiriya Yera. Hanze y’ijambo ry’Imana ryanditse ni mu mwiza. Umwiza nawo n’uw’i Gehinomu. Ugendera mu mwiza, umwisho aratsitara, agakorokera i Gehinomu. Atsitara kuri iryo jambo nyene, agatangura kwizera ibinyoma bivugwa iki gihe ngo Gehinomu ntayibaho kuko Imana ari Rukundo, kandi iyo nyene ariyo ivuga ko hazobaho imanza. Abazungu bazanye Katorika mu Burundi ntibashize imbere ijambo ry’Imana, bemeza Abarundi ko hari abasomye kubwabo, bazobasigurira. Mbega ko Bibiriya ivuga ngo ubwenge bw’iyi si yabugize ubupfu, kwigirwa n’uwundi vyokuza umuntu mu mpwemu, turetse ko n’ababigiye bize ivy’ubuyobe tumaze kwerekana mu bice vyinshi ! Ego niko hariho abatazi gusoma, ariko si twe gusa tubazi, n’Imana itarenganya, ibakunda kurusha uko tubakunda, irabazi. Imvugo zipfuye z’ukuvuga ngo : naho bibiriya ivuga gutya…ngo twebwe iwacu twemera uku n’uku…zihunge. Mbega iwacu atari mw’ijambo ry’Imana, ni twaba tuja mw’ijuru, ni hehe ? Ni muri Ekleziya ? Ekleziya itari mw’ijambo ry’Imana ikavyemanga, none ni iya Kristo ? Bamwe baritwaza yuko ibintu vyose bitanditse kugira basigure impamvu z’ukubumbabumba ivyabo vyobubaka nomba bitazobamenekana – kandi biranabamenekanye – ariko ukuri kwose kuranditse. Mpwemu yarabinyemeje. Kandi noneho Imana ntiyandikishije abakozi bayo amajambo, oya. Yabandikishije Ijambo. Ntaco mwumvamwo ?
Igihe kimwe nari natumwe kuri umwe mu bapatiri, akaba ni umwe banyabwenge kuko ari umwigisha wa kaminuza. Imana imuhe umugisha ko yanyakiriye neza tukayaga duhana ijambo. Icantangaje, mu kunsezera yambwiye mu gifaransa ati : « Moi je n’utilise pas la Bible, mais j’ai d’autres facons de connaitre la verite sur Dieu » bisigura ngo « Jewe sinkoresha bibiriya, ariko ndafise ubundi buryo bwo kumenya ukri ku Mana ». Mbega umuntu ayoboye canke yigisha ishengero ry’Imana adakoresha bibiriya, turetse ivyo guciranira imanza, ajana ishengero he ? Ko ivyo twizera vyagiwe mu kanwa k’abamarayika n’Imana bigashingirwa intahe n’abavugishwa ba kera n’intumwa tubisoma muri bibiriya ? Erega iyi mburi ntaco imaze na kimwe nimba itariko ishingira intahe bibiriya muvyo tubamwo, muvyo tubura no muvyo twihaniza ? Coba ari ikinyoma gusa. Uyo rero, kuko ari umunyabwenge, nibwira ko atavuze ko atigera asoma bibiriya, kuko mw’ishengero barasoma ibiyanditswemwo, naho atari yo bazana mw’ishengero, kuko Ekleziya yahisemwo ibisomwa bimwe bimwe bikaja muri lectionnaire no muri missel, ivyo navyo bikaba, kumbure bitayitera ingorane mu kwemera kwabo canke bitavuguruza akazu biyubakiye. Ahubwo yashatse kuvuga ko iyo ariko aregeranya ukuri mu vy’impwemu vy’Imana akoresha ibindi bitabo vy’abashakashatsi, n’ivyegeranyo vy’inganda zakozwe canke vy’amanama nka Concile Vatican, n’ibindi. Uwundi mu saserudoti nawe w’umunyabwnge Imana yantumyeko incuro nyinshi cane, arambwira ati : « Uvuge ivy’Imana yakuntumyeko vyose, mais, de grace, n’ouvre pas la bible. » bisobanura ngo ndakwisavye ntiwugurure bibiriya. Nanje mu mutima, nti : « Mbega ko nje gushingira intahe ijambo ry’Imana kuri uno mukundwa, akaba yanse, ndacakoze iki ? ». Nari gushobora kumubwira muri make ico Imana ivuga ntasomye, ariko nameze nk’ucitse ivutu, nca ndamusezera, nja kwandika ivyo nomubgiye, kandi Imana imuhe umugisha yaravyakiriye.
Bibiriya Yera ivuga gutya :
« Nabitse ijambo ryawe mu mutima wanje ngo noye kugucumurako » Zaburi 119 :11 : Utagendera mw’ijambo agendera mu caha nk’ubwome, kuko kugororoka kuba mu kuri, ukuri nako kuri mw ; ijambo ryavugishijwe kera mu kanwa k’abamarayika, Umwami Yesu akabishingira intahe mu buryo bwo gushitsa, bigashingirwa intahe mu kanwa k’abahanuzi n’intumwa (Heb.2 :1-4). Uko ni ko kwbakwa kw’itanguriro Paulo abwira ab’i Korinto (1 Korinto3 :10-23)
« Ijambo ryawe ni itara rimurikira ibirenge vyanje, ni umuco umurikira mu nzira yanje. » Zaburi 119 :105
Yesu : « …Ni hagira unkunda azokwitondera amajambo yanje, kandi Data azomukunda, maze tuzoza kuri we, tubane nawe. 24 Utankunda ntiyitondera amajambo yanje, … » Yohani 14 :23-24
Yesu : « Ni mwaguma muri jewe, amajambo yanje akaguma muri mwebwe, musabe ico mugomba cose kizobabera kuno. » Yohani 15 :7
Muri kino gihe Uburundi bugira bujabuke, ndabavunira akagohe, ya mafarasi afise amababa ataraganza ikirere ngo arungike imyampi ku bagarariji. Kuko ivyo biraje. Vavanura n’imikorere igarariza ivyanditswe vyera, kuko ivyo ari vyo bizigama umutima, namwe mukaba mutari abakorera imibiri gusa. Niko ndavyibaza. Si ugukunda imitima yanyu gusa nitayeho, ariko murushirize kuyigaburira ivy’ikenye, itarumira mu bugaragwa. Muze ku muco : « Uku ni kwo gutsindwa, kuko umuco waje mw’isi, ariko abantu bagakunda umwiza kuruta umuco, kuko ibikorwa vyabo ari bibi. 20 kuko ukora ibibi wese yanka umuco, kandi ntaza ku muco, kugira ngo ibikorwa vyiwe ntibihanwe.» ( Yohani 3 :34)
Itariki 9/04/2015 : mpabwa aya majambo kubw’ishengero ari ahantu hatatu:
Mat.3 :8-9 « Nuko mwame imbuto zikwiranye n’ukwihana. 9 Mwoye kwiyumvira mu mitima muti Dufise Aburahamu, ni we sogokuruza. Ndababwira yuko aya mabuye Imana ishobora kuyavyuramwo abana ba Aburahamu.» Bene Data, iyo abantu bibwira mu mitima yabo bati turakomeye kuko turi abo mw’ishengero Ryeranda ryagenewe bose kandi ry’abatumwa, rikwiye mw’isi yose, umukuru waryo apfukamirwa nk’uko bapfukamira uwamuremye, akitwa izina, Nyenubweranda nk’iry’uwamuremye, bitaniye he no kwirya akara muti : dufise Aburahamu ni we sogokuruza, nk’aho umengo ivyo vyojana abantu mw’ijuru ? Ese iyo banabura bakirata kuba abana ba Aburahamu kubwo kwizera, ariko birase sekuruza w’umubiri. Si Katorika gusa, kumbure nawe wibaza ko ukomejwe n’uko ishengero ryawe rizwi rikemerwa n’abakuru b’akarere, ritunze, riri henshi mu gihugu kumbure no mw’isi, canke rifise abavugishwa kandi wewe wiyizi ko kubera ibigabitanyo vyawe ijwi witega ari irya pasitori mufise udufuditse nusangiye. Ehe none nawe ubwiwe iryiwe yahora yumva riramuhunze, ego ma.
Twe n’abo babwira twumve rero ko ikidufitiye akamaro ari ukugira ingeso za Kristo, ivyo navyo biva mu kwumvira ubutumwa bwiza, bikaduha kugwatirizwa Mpwemu, ariko aho nyene haragoye, kuko bamwe bamuhakanisha ibimazi vyabo n’ingeso z’abafarisayo, bamwe muri bo bavuga ngo Mpwemu w’Imana tumufise twese. Bimeze gutyo, sinzo ico Yesu yavugiye ati : Sinzobasiga mwenyene nzobarungira umwitsa. Mbega yatanze icariho ? Ntitwitiranye ubwenge na Mpwemu Yera kuko ico mw’ijuru nticakomotse mw’isi.
Mat.2 :11 « Bashitse mu nzu babona uw mwana na Mariya nyina wiwe ; bikubita hasi, baramupfukamira, barumura ibisimbo vyabo, bamushikanira amashikanwa, izahabu n’imibavu n’isenga.» Sinshaka kwagura icigwa ku migenzo ipfuye ikorerwa Mariya nyina w’Umwami Yesu, ariko twibukanye ibi, kugira tuzimuruke :
Mariya ntasumba abantu bose kuko Yesu atobesha nkanje niwe yivugiye ati mubavyawe n’umugore ntawusumba Yohani umubatizi ;
Yesu abwiwe ati harahiriwe inda yakuvyaye, yishuye ati ahubwo hahiriwe uwumvira ivyo Data wo mw’ijuru ashaka ;
Tuvuze ko yatewe iteka ridasanzwe tuba tuvuze ukuri, mbere ukuri kudasanzwe, kuko yavyaye Yesu, Umwamiasumba abandi bami. Ariko twibuke ko Aburahamu yatewe iteka ryo kuba sekuruza w’abizera bose kuva kurunganwe rwiwe gushika Yesu aje kwimbura, Paulo aterwa iteka ryo gutunga ibanga, Kristo yandika ya makete acumita icaha mu mitima, umwicanyi n’umurozi, n’umusuma, n’umusambanyi bagahindukirira Kristo ubwami bukaguka, Yohani umubatizi yitwa kurya yiswe, ….ayo mateka yatondeke munyigishe. Aho Mose yajejwe kujabukana Abisirayeli na Eliya yakoreshejwe ivy’ijuru mw’isi bikomeye na Nowa na Loti abagororotsi mw’isi yose n’abandi ntitubavuze. Na Marayika wo mw’ijuru adacumura yabujije Yohani ati ntumpfukamire, Imana yo mw’ijuru abe ariyo upfukamira, ntitumuvuze.
Yemwe, reka kurondera ivyitwazo vyo kumvira Antikristo kuko bene izo mpwemu twarazihinyuye. Abazimitse hari ivyo batanguye kwemnga bavugira ahera, kugira ivyanditswe bishike vy’uko ivyanyegejwe bizoja ku gatumba, ko ubutumwa buzobanza gukwira hose imbere yuko wa musi ugera. Erega Yesu azokoresha ibiti n’amabuye (abatabwumvira) kugira ngo bukwire hose. Ariko weho, uce bugufi kuko ehe yashitse kugosora. Wanamubonye.
Ndinde kwongerako ivy’ikinyoma ca asompusiyo ya Mariya, assomption, mu gifaransa, canke iyurizwa mw’ijuru ryiwe, kugira impari zihere ? Muri kazinduzi, ca gitabo gisobanura amajambo, Le Petit Larousse illutré 1993, dusoma ngo « Assomption….(dogme defini par PieXII le 1er novembre 1950) ». « dogme » gisobanura ngo ivyo dupfayo kwemera tutarinze kuvyerekana canke ngo turinde kubimenya neza no kubishingira intahe. Kazinduzi rero yanditse ko iyurizwa mw’ijuru rya Mariya ari ivyo Ishengero Katorika yemeje kuri Papa Piyo wa 12igenekerezo 1/11/1950 ibizi neza ko iryo yurizwa ritabayeho. Niko hari ibindi twemera tutovyerekana, nk’ubutatu bweranda, ariko, ko Yesu yadugiye i Galilaya bamuraba, asezeye, mwibaza ko Mariya yoba yadugijwe mu kinyegero kubera iki ? Eliya na Enoki ko bizwi ? Ariko ntitwobahora ico kinyoma bemanga kuko bavugisha ukuri ko ar dogme, bivuga ngo : si ivyo dushingira intahe, pfa yo kuvyemera gusa. Ico gihe ushaka kuba muri ico kinyoma niwe aca avyemera. Ko ntiboneye uruhapfu rwiwe muri Isirayeli reka ndeke kuvuga abavuga ko ruriho, kugira sinshikaneyo ababeshi, kuko Atari yo ntego nfise. Ariko handitse ngo : ibitsitaza ntibizobura kubaho, ariko haragowe uzobizana (Luka 17:1). Ariko kugira ntimugume mukekeranya twongereko n’ibi, ko ijambo assomption rifitaniye isano canke riri mu muryango umwe na assumption mu kingereza, risobanura ikigererarnyo, supposition mu gifaransa. Assomption de Marie bisobanura rero ngo: Dufate ko Mariya yoba yaradugijwe mw’ijuru, naho atari vyo.
Ikibazo aho kiri ni aha: ico kigereranyo gifitiye akahe kamaro benewacu b’aba Katolika? Gifasha ubugarariji bwo kunganisha Mariya na Yesu yaje ava mw’ijuru kandi akaba Imana nka Se. Kuko ntibigarukira aho, ubwo bugarariji bwongerako ko Mariya ari inyenyeri yo mu gaturuturu (ariko iyo nyenyeri ni Yesu: ivyah2:28; 22:16 ), ari irembo ry’ijuru (ariko Yesu avuga ko ari we rembo kandi ko abaca mu yandi marembo ari ibisuma n’abambuzi: Yoh.10:1 ), kandi ko ari umwamikazi w’isi n’ijuru (ariko bibiriya yerekana Umwami gusa, nta mwamikazi ariyo, kandi nta n’uwo Imana yagenye mw’isi kiretse Yesu: Yoh.12:13). Intumbero y’ubwo bugarariji ni ukugwiza impamvu zo kumwambaza no gusengwa, kuko Yesu ariwe ahawe icubahiro we nyene, nk’uko Ijambo ribidusaba, amoko menshi cane yokizwa, Satani agataha zirayoye. Nico gituma, Papa w’iki gihe, abonye ko irementanya ryo kuri Mariya ririko riterwa ivyatsi, yongeyeko ngo : Imana ni Nziza cane ni Rukundo ntiyokwemera ko habaho ijuru rigenewe bamwe, abandi bakaba abo gucirwako iteka ibihe vyose I Gehinomu. Mwumve namwe. Mbere isi yarabimushimiye, ngo ni uwutegera abandi canke tolérant. Ariko dusanzwe tuzi ko Uhoraho yavuze ati: sinaje kuzana amahoro, nazanye intambara. Hahiriwe abacanira iyo ntambara mu buryo Uhoraho ashaka, Atari mu buryo isi ibikora. Erega iyo turwanye ngo ijambo rikwire hose, abigeme bakava mu bumaraya, abagabo badakijijwe bazobafata ku nguvu Imana ibagwanirire, kuko batukumvika n’abasambanyi. Ni izo ntambara Imana ishaka. Tera intambara rero, mwa bakozi b’Imana, mwe, reka kwishushanya n’isi.
Bene Data, ndinde kongerako nti : Muzogeza ryari gucokora Umwami Yesu? Hindukira, ni umunyembabazi, naho biri uko.
Ibatisimu Kolosayi 2 :12 Mat.3 :6 : “babatizwa nawe mu ruzi Yorodani, batura ivyaha vyabo.” Ivyo tubisome mu gice c’ibatisimu.
Urubanza ruzocirirwa isi n’abayibamwo bose : Ivyo Umwungere w’Ekleziya Katorika yavuze ko ata gehinomu iriho, bivuguruza ivyera vyanditse muri aya majambo:
Yesaya 1 :24 : Ni co gituma Umwami, Uhoraho Nyeningabo, Inyenkomezi y’Abisirayeli, avuga, ati : Erega nzotururuzwa n’ukwihora abarwanizi banje, kandi abansi banje nzobasubiriza mu nkoko ! »
Yesaya 66 :16 : « Kuko Uhoraho azocira abantu bose amateka, ayacishe umuriro n’inkota yiwe, kandi abazokwicwa n’Uhoraho bazoba ari benshi »
Imana yaranyeretse ikoraniro rikomeye ryakoranijwe n’umu Papa yaje gutemberera igihugu. Nihweza ivyubahiro akorerwa bidakorerwa Imana, nihweza ivy’amabanga banyegeza ngo simbone ndiko ndegera ngo nihweze neza, bakabinyegeza, mu nyuma mbona icapa kinini canditseko ngo : « Ne prenez pas cela pour paille » n’ukuvuga, nk’uko nabihawe, ngo : « Ivyo ni ibikomeye cane ntimubifate ibisanzwe ». Gufata bene ayo makoraniro ashira hejuru umuntu apfa agafata ikibanza c’Imana mu mitima y’abantu hamwe no mi bigaragara, ni icaha co gusenga ibigirwamana. Birazwi ko iyo Papa yitwa Nyenubweranda, bamuramutsa bapfukamye, bitavuye ku mugenzo kama nko mu Buganda, bivuye ahubwo ku cagezwe cizwe, akanavugwa kandi ko atihenda iyo ariko akora umurimo w’umwungere w’ishengero, n’ibindi. Erega avuze ko ari Nyenubweranda aba avuze ko ari we. Ivyo vyose binyuranye n’ijambo ry’Imana rivuga gutya :
« Aho muzobonera ca kizira c’ubuyobe bw’ubugesera gihagaze aho kidakwiye… » Mariko 13 : 14
« Benshi bazoza mw’izina ryanje, bati ndi we; kandi bazozimiza benshi” Mariko 13 :6
Ndahanura iryo dini rive mu kunamira ibigirwamana. Ivyo maze kubivugako vyinshi mu mburi zaheze. Twibukanye gusa ko ivy’ibishusho bibaboshe vyahereye mu bugaragwa Abisirayeli basaba Aroni ngo bikorere ibigirwamana, Mose yatevye, bakabizira. Bikomereza mu migenzo y’Abayuda n’Abasadukayo n’Abafarisayo. Abo, biyitirira Imana, ariko igihe Yesu yaza mw’ishusho y’umuntu, ari Yesu kristu, ntibamumenye, baramugararije, bakomeza kunamira ibishushanyo vyabo vya kera. Ishengero rya Katarika ryiyerekana ryo nyene ko riri mu migenzo y’abayuda ryakomeje n’ivyo vyose vyankwa mu nyonga z’Uhoraho. Iyi mirongo idufashe :
Yeremiya 10 :1-25 Umurongo w’umunani « Ariko bose uko bangana ni ibiyingiyingi n’ibipfu ; ukwigisha kw’igishushanyo guhwanye n’igiti buti. »
Yesaya 44
Roma 1 : 18-32
Yeremiya 50 :38 : « Ikigatwa kizoba ku mazi yaho, kandi azogaduka ; kuko ari igihugu c’ibishushanyo bibajwe, baciwe ntema n’ibigirwamana.»
Bagenzi bacu b’abasaserudoti b’iki gihe ntibigeze na bugingo n’ubu bamenya ivyo Yesu yakoze ku musaraba ngo bahagarike izo misa zo gutanga ikimazi catanzwe rimwe rizima ku musaraba kandi kikemerwa kuko hatanzwe icera, Yesu, kinatangwa n’uwera, Yesu nyene. Soma Abaheburayo 7 yose cane cane imirongo 26-28. Abaherezi bavugwa aha, ari bo basaserudoti canke abapatiri, barakuweho kera, muvyumve, muve mu bugarariji. Vuba cane mugira mubibone, aho abapatiri bose n’ababikira n’abasenyeri bazocika kw’icumu bazokizwa bose amatungo begeranije akaba ay’ishengero ryera rigiye kubaho imbere y’uko Yesu yururuka. Iryo rizokwira kw’isi yose, abariko barumvira ubu buhanuzi nibo bazovuga ubutumwa mw’isi yose. Hari abakwiye kuvyumva imbere y’abandi, nka Musenyeri Ngoyagoye Varisito, Patiri Cambara Aloys, Salvator Bisengintore, Patiri Gerevasi Kabura, n’abandi basaserudoti n’ababikira twayaze mbwirijwe na Mpwemu, ni bareke gutinya igitsure c’abo babana n’ababatera ubwoba. Kuko nta muntu azohindura ico Imana ibavugago. Musenyeri Varisito Ngoyagoye Imana imaze kumuha mu mutima wiwe gugira amakenga kuvy’ubuyobe arimwo n’abayoboke biwe bahendwa n’inzoka yubakiriwe i Roma. Ndabivuga mvyeruye ko i Vatikano inzoka ariho yubakiwe ikaba ihenda isi yose. Turabigarukako. Mukundwa, va mu gukekeranya, urereke isezerano nka Zakariya mu busaza bwiwe. Umve akamo duterwa muri Heb.7:26-28
« Vyari bitubereye kugira umuherezi mukuru ameze atyo, yera, atagira ubugunge, atanduye, yatandukanijwe n’abanyavyaha, yashizwe hejuru y’amajuru, atarinda kubanza gutanga ibimazi vy’ivyiwe vyaha uko bukeye, nka ba baherezi bakuru bandi, hanyuma agatanga ivy’abandi bantu. Kuko ivyo yabikoze rimwe hamwe yitanga. Ivyagezwe bishiraho abanyantege nke kuba abaherezi bakuru, ariko ijambo ry’indahiro yaherukiye ivyagezwe rishiraho Umwana w’Imana yahinguwe rwose gushitsa ibihe bidashira ». Heb.7:26-28
Imana yanyeretse ishengero Katorika rigereranijwe n’inzu zitatu canke zine zigerekeranye, étage, ndayihweje neza ndi hanze, nkabona aho umusenyi wayivuyeko, nsanga yubakishijwe ivyondo. Ndumirwa. Iyo nzu mubona izobaho, ya mvura nyinshi cane irungitswe n’Uhoraho, ni yarwa? Umutaka wo mw’ijuru ari wo Kristo woyikingiye, ariko uzohagarara hejuru y’ivyondo, kandi yavuze ati twubakwe nk’amabuye afise ubugingo? Erega ivyo vyondo ni ya mashapule, ya mizimu muhamagaza amakengeri mu misa, mukayahamagaza amasengesho yo guhamagara aberanda bapfuye batari n’aberande, n’iyindi migenzo yo kunamira ibigirwamana? Ubu muzovuga ngo Imana ntivuganye namwe koko? Bamwe ivuganye nabo, ariko ku bandi ndabatutse. Haha! Nemeye kera gufatirwa ukwo kuri. Ariko Iyo mvugira izobanza kundekura. Paulo yaravuze neza ko kuri bamwe turi agacuku k’urupfu, ku bandi turi ubumote (2 Kor.2:12-17). N’uko Imana ivuganye n’impwemu ziri mw’ibohero (1Pet.3:20)
24-25/10/2012: Imana irambwira neza ko imigenzo yitirirwa Imana y’aba Catorika ari iy’I kuzimu. Ntibitangaje naho bibabaje kuko ibitari ivyo mw’ijuru ni ivy’I kuzimu. Ivyo vyerekanwe bikwiye. Imana inyigisha ku vy’imivururungano n’agahahazo kaho (Amos3:9-15), ubuhumane (Yohani2:13-25), ukutagira imizi muri bo (Mat.13:20-21), Ivyak.16: 19-40 (24) no kutagira ijambo rizima ry’Imana Yohani 17:17: “Ubeze mu kuri. Ijambo ryawe ni ryo kuri”
Itariki 26-27/11/2012 niho nabonye ko Imana ibikiye imbabazi nyinshi aba Katorika b’I Burundi, ikabuzura iyo bari ikabatereka mu bwato yiyubakiye, imaze kunyereka amareba ajanye n’ivya Ukaristiya ikampa aya majambo yo kubitaho mu masengesho: Heb.12:12-13 “Mugorore amaboko acitse urudendevu, n’anmavi aregarega” na Luka 18:7
Indunduro:
Emera guhanurwa, umvira ubuhanuzi, usome ijambo ry’Imana ryo muri bibiriya Yera, ubikore usenga;
Hagarika imisa, no gutanga ibimazi vuba, musenge Imana yo mw’ijuru, Uhoraho gusa. Ivyo bikorane mutangiramwo ibimazi vyakuwe nivyo bibiriya yita ibitabo vyo mu mpinga z’imisozi. Uhoraho yarankanguye ati kibondo, ehe uko bandatsa bagahezagira inzoga y’umuvinyu wuzuye ubumara bwa arukoro ngo ibaye amaraso yanje! Nciye mbona ubu nyene, ingene marayika yagiye yegeza imbere Ezekieli amwereka ivy’ubuyobe bukorwa n’Abisirayeli (Ez.8:1-18: “Ezekiyeli yerekwa ibizira Abayuda bakorera I Yerusalemu”) arirahira ati “Ni co gituma nanje nzobakorera ivy’uburake; ijisho ryanje ntirizogira ico riziguriza, kandi nta n’akagongwe nzogira: naho bazontakambira mu matwi, bashize amajwi hejuru, sinzobumviriza” (Ez.8:18)
Reka kwambaza aberanda n’abamarayika, bibiriya ivuga iti: “Uzokwambaza izina ry’Uhoraho azokizwa”. Uyo nawe turazi ko ari umwe. Mbega ko Marayika yabibwiye Yohani kw’izinga I Patimo ati “Imana yo nsa ba ari yo usenga”, hagati ya we n’abahamgara aberanda n’abamarayika, bakerurutsa umutima ngo: Ntitubasenga turabambaza, bahumba, umubeshi ninde? Bibiriya ntivuze iti: Uzokwambaza izina ry’Uhoraho azokizwa, none izina ry’Uhoraho ni Yosefu unurezi wa Yezu? Aho naho mutavuze muti: Ntitumusenga turamusaba. Umve ingene Yesu yabwiye Satani ariko aramugerageza: “Imana yawe abe ariyo usenga, kandi abe ariyo usaba yonye.” Turacafise ico twireguza? Kizane. Si ukuburana, ni ugufashanya. Ariko n’ukuburana ndavyemerewe nimba Mpwemu muri je ariko arakuburanya.
Yesu amaze kuvuga uko ari we nzira canke mbere ari we kiraro ducako tuja kwa Data (Yoh.14:6), nta bindi biraro yigeze avuga, ntabo bita aba intercesseurs bandi yerekanye, kuko yivugiye ati: wewe urushe nawe unyotewe ingo kuri jewe. Uwokumva aya majambo akaguma azibiye amatwi ni nde? Erega iyo Babura bakaba n’aberanda nyabo kuko abo mwiyimikiye bose urubanza rutaraba bat abo. Ni abazimu. Uhamagaye I kuzimu, witabwa n’I kuzimu. Soma imburi yambere ubone ingene ari wewe ukora ivyo uzana inkota mu gihugu. Sauli yakoze ic’ubuyobe kandi we yari yahamagaye impwemu y’uwari yemewe ko yari umukozi w’Imana Nzima, Samwli, ivyawe nawe ubona bimeze gute? Yesaya (8:19) araduhanura ati: “Kandi ni bababwira, ngo ni mubaze abahamagara imizimu, mubaze n’abamenyi bajwigira bongorera: mbega ikibereye abantu ntibari bakwiriye kubaza Imana yabo? Mbega ivy’abariho vyobazwa abapfuye?” Yesaya yariko aburira Damasiko na Samariya ko hazogesezwa (Yes.8:1-22). N’ibi ntibikubumvye?
Imenagurire mwembwe nyene ibibumbano vyose biri mu ngoro y’Imana, mubite, ntimubigurishe; ibibazano, mubiturire vyake ishengero ribona, kuko nta Mana irimwo, ivy’impwemu vyerekanirwa mu mpwemu; ibishushanyo mubitabagure, mwitature n’Uhoraho, mushireko musenge iyo mutabona ariko yo ibabonesha ayayo maso. Petero ashinga intahe ingene ukwizera kw’abatubanzirije kwabateye kuyisenga bayizera batigeze kuyibona, bakagira umunezero utavuye ku gishusho, ariko uva kw’ishusho yayo yo mu buryo bw’impwemu yemerezwa mu mutima: « Uwo (Kristo) muramukunda naho mutigeze kumubona; kandi n’ubu, naho mutaramubona, muramwizera, bibatera kunezererwa akanyamuneza k’ubwiza katovugwa, 9 mugahabwa ikizanwa n’ukwizera kwanyu, ni co gakiza k’ubugingo bwanyu.» 1 Petero 1 :8
Muve mukaborerwe koba ak’inzoga canke k’amajambo y’ubusa, mwemerwe; Soma ikigabane c’Ubuhumane ubone insiguro. Hari umwe mu bahoze bayoboye kino gihugu, Imana yambwiye ko apfuye yishwe n’inzoga. Ivyo yandura vyose avyandura mu nzoga, none aratemvye. Birateye agahinda. Uyo ariyizi. Yihane kuko kuba warabaye Perezida w’igihugu ntibituma uja mw’ijuru, atari uko umenye ko hejuru y’abami hari uwundi Mwami. Uyo gusa ni we abereye amashimwe, n’icubahiro, no gutazirwa no gusengwa ibihe bidashira. Amen.
Aturiranire ivyaha, mubatizwe mu mazi menshi nimwaba mwizeye ubu butumwa (Mat.3:1-12), mwemerwe, tujabuke.
Kubwo kwifuza kujabukana namwe, bakunzi, atari kubwo kubamena amatwi no kubiratako, ndabinginze, hindukira, mwinjire mu bwato Imana ivuga, ubwa mbere kuko, ehe bugira bubasabireko. Erega igihe Uhoraho yabwira Nowa kubaka ubwato, mw’isi hari hasanzweho ubwato bwinshi, ariko ntibwari bumeze uko Data wo mw’ijuru agomba. Yabateye akamo kuko yari asanzwe azi ko ubuhasanzwe butari kwitega umukuba yari agira arungike. Nowa arumvira. Imana iguhe umugisha nawe kukumvira. Uwo turiko turavuga n’uwivugira ati: “Jewe nahawe ububasha bwose, mw’ijuru no mw’isi” (Mat.28:18). Ni Yesu Kristo, Umwana w’Imana Nzima, akaba Imana nka Se. Iyo, niyo ifise inganji, niyo yonyene yo gufukamirwa, niyo yo gushirwa hejuru, nk’ukjo Dawidi abivuga ati: “Imana yavuze rimwe; navyumvise kabiri; ngo Imana ni yo ifise inganji.” Zaburi 62:11
Eric SHIMA
shima.eric@yahoo.com, watsApp: 7591259