Wewe kubwawe ingingo yo kwidohora muri CPI uyibona gute?

Umunyapolitike arwanya leta y’uburundi yavuze ati : Mwiriwe. Ibi vyo kwidohora muri CPI, ni kuvyihweza mu ntumbero zibiri. Iyambere hariho abavayo kubera batinya gukurikiranwa n’ivyaha bakoze, abo ni nka Nkurunziza. Hariho abayo kubera bagiriza irya sentare cpi ko isigaye imeze nk’igikoresho c’ibihugu vya rutura vyo muri Occident, bati ni kuki idakurikirana Tony Blair, Bush canke Sarkozy n’amahano bakoreye ibigu vya Iraki, Lybia,…..iyo etat vislamique ivugwa yavutse kubera isambuka rya Iraki na Lybia. Vyongeye ibihugu bifata ingingo zo gukurikirana kanaka muri cpi, bigize Conseil de securite de l’Onu vyinshi nka ntibiri muri Cpi. Cpi yari kugira akamaro, ariko yatanguye nabi ibikorwa vyayo.