*Indwi ya 30 yo mu mwaka : ku wa mbere (Années paires)*
*IGISOMWA CA MBERE*
*Ivyo dusoma mw’Ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyefezi*(4, 32- 5, 8)
Ncuti zanje,
Nimugiriranire neza, mugiriranire imbabazi kandi murekuriranire nk’uko Imana yabarekuriye muri Kristu. Nimwigane rero Imana nk’abana ikunda, kandi nimugendere mu rukundo nk’uko Kristu na we yadukunze akatwigura, akitangako inkuka, akihereza Imana ngo atubere ingorore imoga neza.
Na vyo ivy’ubusambanyi, ivy’ubushirasoni uko buri kwose canke ivy’inambu y’ivy’isi, ntihagire n’umwe muri mwebwe abicisha no mu kanwa nk’uko bibereye aberanda. Bisubiye, amajambo ateye isoni, amajambo ataroranye canke ibijajuro bitameze ko na vyo nyene ntibikwiye na gato; muravuge riho amajambo y’ugushimira Imana. Erega, muramenya neza ko umusambanyi canke uwushira isoni canke uwishinga umwina w’ivy’isi —kandi uwo nyene akaba umuja w’ibigereranyo,—muramenya rero ko ben’uyo atazogira ico aragwa mu Bwami bwa Kristu n’Imana. Ntihagire n’umwe abahendesha amajambo atagira mvura, kuko ari vyo bizanira ishavu ry’Imana abantu b’intabarirwa. None rero, ntimufatanye na bo. Kera mwari umuzimagiza, ubu mukaba muri umuco mu Mukama; nimwigenze nk’abana b’umuco.
IZABURI 1, 1ac.2, 3, 4.6a
Icit.: *Nimwigane Imana nk’abana ikunda.*
Hahiriwe umuntu ataja ku mohe y’abahemu,
agahimbarwa n’amabwirizwa y’Umukama,
akama ayazirikana uko bukeye uko bwije.
Asa n’igiti catewe mu kinyotera,
hageze cama ivyamwa bihimbaye,
amashami yaco ntiyigera ahundagara.
Abahemu bo si uko, haba namba,
eka bameze nk’umuguruka utumukanwa n’umuvaga;
ariko inzira y’aberanda izwi n’Umukama.
*INKURU NZIZA*
*Aleluya, aleluya.*
Yeruzalemu, igine Umukama,
ni we arungikira isi ijambo ryiwe.
*Aleluya.*
*Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka* (13, 10-17)
*Yezu yariko arigishiriza mw’isinagoga ku musi w’isabato. Hano nyene, hari umugore amaze imyaka icumi n’umunani amugajwe n’igishetani; yari agondamye kandi ntiyashobora kwunamuka na gatoyi. Yezu ngo amubone, aramuhamagara amubwira ati: «Wa mugore, urakize ubumuga bwawe.» Araheza amugaranzurirako ibiganza, nya mugore aca aragororoka muri ako kanya nyene, aca aninahaza Imana.*
*Ariko, umukuru w’isinagoga abonye ko Yezu akijije umuntu ku musi w’isabato, arashangashirwa, abwira abariho ati: «Hari imisi itandatu y’ugukora, n’ibe ari yo mugirako kwivuza; ntimubisubire kw’isabato.» Umukama aramusubiza ati: «Mwa bangushi mwe, mbega ku musi w’isabato nyene, umwe wese muri mwebwe ntahora aturutsa akongera agashora inka n’indogobwe ziwe? Na we uyu mwana wa Aburahamu yari amaze imyaka cumi n’umunani yose aboshwe na shetani, ntiyari akwiye kubohorwa ngo ni uko ari ku musi w’isabato?»*
*Igihe yariko aravuga atyo, abansi biwe bose bari bateterewe, nayo ishengero ryari rinezerewe n’ivyiza vyose yakoze.*
https://ryotwubaka.com/2016/09/20/indwi-ya-30-yo-mu-mwaka-ku-wa-mbere-annees-paires/