AMASENGESHO YO GUSENGERA IGIHUGU C’UBURUNDI
Yesu ashimwe cane bwoko bw’lmana,shalom shalom!
Nkuko twama tubigenza, twagomba kongera kubatumirira amasengesho yo kwisonzesha kubabishoboye yejo kumusi wa gatatu igenekerezo rya 26 Gitugutu2016 kuva isaha cumi na zibiri zagatondo gushika isaha cumi na zibiri zumugoroba.
Ijambo ry’urufatiro turisanga muri Yesaya 48:5-6: »5. Nico catumye ndabikubarira uhereye kera, bitaraba nkabikwereka;kugirango woye kuvuga,uti ya mana yanje niyo ibikoze, ni ca gishushanyo canje c’ikibazano,ni ca gishushanyo canje cavugutiwe mu nkero,nico cabigeze.6.Waravyumvise,none ehe vyitegereze vyose: mbega ntuvyemera? Guhera ubu ngira ndabereke ibishasha, vyari bihishijwe,utigeze kumenya. »
1. Tuzosaba kandi lmana kugira ishitse isezerano, ibandanye idome ikimenyetso kubayo kandi ibarinde.
2. lmana Data Mushobora vyose ihezagire Abisezerano bose bari mumpande zine z’isi nibikorwa vyabo vyose vyo kwitangira no kubohoza amasezerano y’UBURUNDI BUSHASHA BW’ISEZERANO biyemeje.
3. Tuzosengera kandi abarwariye bose mu bitaro no mumihana yabo, abashonje bataronka ibikwirire, imiryango yose iri mungorane z’ubukene, z’uruhungo n’amatati. Tuzosengera kandi abahahamuwe n’ibihe igihugu gihitiyemwo, amapfunzwe, abapfakazi, impfuvyi, abagendana ubumuga n’abantu bose bari mumutekano muke. Ni dusangwe lmana-Uburundi n’isezerano!
Murakoze gukwiragiza ubu butumwa kuri bose!