*INDWI YA 30 YO MU MWAKA : KU WA GATANDATU* (Années paires)
*_IGISOMWA CA MBERE_*
*Ivyo dusoma mw’Ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyafilipi* (1, 18b-26)
Ncuti zanje,
Kristu aramenyeshwa, bikanezereza kandi bizokwama binezereza. Nkako nyene, nzi ko ivyo bizombera urukiza kubera ibisabisho vyanyu n’imfashanyo ya Mutima wa Yezu Kristu, nk’uko mpahamiye n’umwizero mwinshi ko ata kizokwigera kintururuza, ariko nzi yuko ubu, nk’uko vyahora, ata makenga azotesha Kristu kuninaharizwa mu mubiri wanje, n’aho noba ndi muzima canke n’aho noba mpfuye. Nkako, kuri jewe ubuzima bwanje ni Kristu, n’ugupfa kwombera akunguko. Ariko, hano kw’isi ubuzima bwanje bumpaye uburyo bwo kugira ibikorwa vy’akamaro, sinomenya ico notora. Muri ivyo bibiri, numva mburaniwe, mu gihe kimwe nipfuza gutaha ngo mbane na Kristu, kuko ari ho vyoba vyo gusumba ; mu kindi gihe, nkabona ko kuguma hano kw’isi ari co cihutirwa kubera mwebwe. Kuko ari vyo nizigiye, ndazi neza yuko nzogumaho nkabana namwe mwese ngo mutere imbere mwongere munezerwe n’ukwemera kwanyu, kugira ngo ninagaruka iwanyu murushirizeho kunyishimagizako muri Kristu Yezu.
_*IZABURI*_ 41 (42) 2, 3, 5bcd
Icit.: *Umutima wanje uranyotewe Imana*.
Kumwe inyemera inyotewe
yirukira isôko,
ni ko umutima wanje uguhurumbira,
Mana mfise.
Umutima wanje waranyotewe Imana,
ari yo Mana nzima;
mbega nzogenda ryari
kuyihweza imbonankubone?
Nibutse aho nari mpagatiwe
n’isinzi ry’abantu banezerewe,
turora mu ngoro y’Imana
tugenda turaririmba indirimbo z’agahimbare.
*_INKURU NZIZA_*
*Aleluya, aleluya.*
_Amajambo yawe,_ _Mukama, aduha umutima n’ubuzima,_
_kuko ari Wewe ufise amajambo y’ubuzima budahera._
*Aleluya.*
*Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka* (14, 1a.7-11)
Umusi umwe, hari ku musi w’isabato, Yezu yinjira mu nzu y’umwe mu bakuru b’Abafarizayo ngo bamuzimane. Abonye ingene batanguranwa ibibanza biri imbere, ababarira ati: «Niwaramuka utumiwe mu bugeni, ntuze ugende kwicara mu kibanza kiri imbere, kuko kumbure mu batumire hoba hari uwukuruta; nyenukubatumira mwe na we yohava aza akakubwira ati: Mucungurire ikibanza; nawe rero ugateterwa mu gusubira mu kibanza kiri inyuma. Uramutse watumiwe rero, uriyicarira riho mu kibanza kiri inyuma, kugira ngonyenugutumira niyaza, akubwire ati: Erega, mukunzi, igira imbere. Niho rero uzoba uronse iteka mu batumire bandi bose.
Nkako, umuntu wese yininahaza bazomusubiza hasi, na we uwifata ruto bazomushimagiza.»