Umutimiro w’amasengesho ku gihugu c’uburundi n’abarundi bose.

UMUTUMIRO W’AMASENGESHO YO KU WA 01/11/2016Bene Data namwe bashiki bacu,ncuti,bagenzi,

Shalom!

Twagira tubibutse ko ejo aho bukera tuzoba dufise Ca gikorwa c’amasengesho yo gusengera uBurundi n’abarundi bene wacu, azomara amasaha 24,N’ukuvuga kuva isaha cumi na zibiri z’igitondo gushika isaha cumi na zibiri z’ikindi gitondo(bukeye)

-Ijambo ry’urufatiro:<Turereke kandi tumenye igihe c’Imana,1abami 19:11-12.

-Tuzosengera:

1. Ihanga ryose ry’Imana.

2. ibikorwa vyose biri mw’ibanga vy’Ihanga ry’Imana.3. Twuguruza uburyo bw’umugisha mu nzira zose.

4. Abagwaye, abangajwe, abapfunzwe, impfuvyi, abapfakazi,n’abana bo mw’ibarabara kandi tuzegeranya n’infashanyo z’ibikorwa vy’urukundo.

Tubipfurije umugisha w’Imana!Bigiriwe I Bujumbura,Ku wa 31/10/2016

www Abisezerano.com