BirundiAbantu batari bake bakomeje kwiha akagozi mbere ubu bageze aho bibamba.

Abantu benshi baribaza ibiriko biraba I Burundi bikabasiga. Abarundi bonyene basa nabatabibona muri rusangi mugabo abafise amaso yo kubina baratahura ibimenyetso vy’ibihe. Uretse yuko twaberetse abahungu n’abakobwa vyashitse bakiyahura kubera imvo zitandukanye, uyu munsi tubereka uwahisemwo kwibamba. None muti ni ukubera ubutegetsi bubi bwa Nkurunziza nkuko bamwe baca babivuga canke kubera ubukene ninzara vyugarijwe igihugu cacu! Uko biri kwose hariho impwemu ziyerera nizo zateye mugihugu. Kuko ari ubutegetsi bubi n’ahandi but ahari kandi ari inzara n’ubukene no mubindi bihugu birahari. Ni uko nyene abarongoye Uburundi muri iki gihe ari ba sindabibazwa barajwe gusa ishinga no gutwara vyanse bikunze nayo ahandi bari kuraba neza igituma ivyo biriko birashikira urwaruka rwa barundi. Kwigenekerezo rya 4/11/2016;Uyu muntu yunguruza abantu kwipikipiki ahejeje gukora umusaraba aribamba kubera abapolisi bafashe moto yiwe.Vyabereye kuri zone kinindo.Abapolisi bahavuye bamubambura.