Indwi ya 31 kuwa 6

_*Indwi ya 31 yo mu mwaka : ku wa gatandatu (Années paires)*_*IGISOMWA CA MBERE*

_*Ivyo dusoma mw’Ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyafilipi (4, 10-19)*_

Ncuti zanje,

Ndanezerewe cane mu Mukama, kuko ubu mwasubiriye kunyereka ivyiyumviro mumfitiye; mwahora munyiyumvira neza, ariko ntimwari bwabone uburyo bwo kubinyereka. Jewe ntibingora kwicisha bugufi canke kumererwa neza. Muri vyose na hose, narimenyereje guhaga no gusonza, kuba muri vyinshi no kuba mu bukene. Vyose ndabishobora muri Kristu ankomeza. Ariko rero, mwagize neza mu kuntabara mu marushwa yanje.

Namwe murabizi, mwa Banyafilipi: ko ngitangura kwigisha, aho nava i Masedoniya, nta yindi ekleziya yantabaye ngo ndavyandike mu gitabu c’ivyo mbafitiye n’ivyo bamfitiye, atari mwebwe nyene, ndi i Tesalonika nyene mwandungikiye ivyo nari nkeneye si rimwe ni kabiri kose. Si ukuvuga ko ndondera amashikanwa, ariko ico ndondera ni uko akunguko kanyu kokwongerekana mu gitabu. Ndafise ibinkwiye vyose, mfise n’umurengera; ndahaze mbere kuva aho Epaforodito anshikiririje ishikanwa ryanyu, ari ryo mubavu umoga neza ingorore yemewe kandi ishimwa n’Imana. Mu kubasubiriza mu nkoko, Imana yanje izobamara ubukene bwanyu bwose ku ngero y’itunga ryayo, ibahe ititangiriye itama muri Kristu Yezu.

*IZABURI 111 (112) 1-2, 5-6, 8a.9*

*Icit.: Hahiriwe umuntu yubaha Umukama!*

Hahiriwe umuntu yubaha Umukama

akorana akanyamuneza amabwirizwa yiwe;

uruvyaro rwiwe ruzoba rurangiranwa mu ntara,

umuryango w’aberanda uzohezagirwa.

Hahiriwe umuntu agira imbabazi kandi agurana abandi,

akaringaniza ivyiwe mu buryo butunganye;

ntaho azokwigera anyiganga,

umuntu w’intungane bazomwibuka imyaka n’imyaka!

Umutima wiwe ni intwari, uzira ubwoba;

ingene atabara aboro nta wovyigana,

ubutungane bwiwe buzorama imyaka n’imyaka,

ububasha bwiwe ni rurangiranwa.

*INKURU NZIZA*

Aleluya, aleluya.

_Amajambo yawe, Mukama, aduha umutima n’ubuzima, kuko ari Wewe ufise amajambo y’ubuzima budahera._

Aleluya.

*Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (16, 9-15)*

*Muri irya misi, Yezu yabarive abigishwa biwe ati: «Iryo tunga ridatunganye rirondeze abagenzi, kugira ngo umusi rizoba ribavuyeko babasembereze mu nsago zidashira. Uwuzigama ibanga mu bitagoye azorizigama no mu bigoye; uwurimena mu bitagoye ntazoreka kurimena no mu bigoye. None rero, nimwaba mutazi gutunganya itunga ribi ni nde azobashinga itunga nyakuri? Nimwaba mutazi gutunganya iritari rwanyu, ni nde azobaha iryanyu bwite? Nta wushobora gukorera ba shebuja babiri, kuko yokwanka umwe agakunda uwundi, canke yokwishimira umwe, uwundi na we akamunebagura. Niho rero mutoshobora gukorera Imana n’Ifaranga.» Abafarizayo bakunda cane itunga, bumvise ivyo vyose, baramutwenga. Na we arababarira ati: «Mwebwe mwigira intungane imbere y’abantu, yamara Imana yo irazi imitima yanyu; kuko ibishimagizwa mu maso y’abantu bitera iseseme Imana.»*