Idominika ya 32

_*Idominika ya 32 yo mu mwaka C*_

*IGISOMWA CA MBERE*
*Ivyo dusoma mu gitabu ca kabiri c’Abamakabe (7, 1-2. 9-14)*
_Abavukana indwi bapfira ibanga_
Umusi umwe, abavukana indwi bafatwa kumwe na nyina wabo; umwami Antiyokusi yashaka kubahatira ku nyama z’ingurube itegeko ribuza, abagomorerako ababakubita inkoni n’ibiboko. Umwe muri bo arabaserukira ati: «Mbe ushaka kutubaza iki? Ha kurenga ku mabwirizwa ya ba data, twopfuma dupfa.» Uwa kabiri na we, mu gihe yariko aracikana, avuga ati: «Wa mugesera we, udukuye muri ubu buzima bw’ubu, yamara Umwami w’isi azotuzurira ubuzima budahera, kuko dupfiriye amategeko yiwe.»

Hanyuma y’uwo bafata uwa gatatu, bamwica nabi. Buno nyene asokorora ururimi nk’uko babimutegetse, atarika amaboko adatinya, aca avugana ubutwari ati: «Ijuru ni ryo ryampaye izi ngingo z’umubiri, mugabo kubera amategeko yaryo ndazirenza amaso, kandi ni ryo nizigiye ko rizozinsubiza.» Umwami na we nyene n’abagendanyi biwe bagwa mu gahundwe kubera ubutwari bw’uyo musore yaraba nk’ubusa ivyo kubabara.

Igihe uno amariye gupfa, bazana uwa kane bamugira nk’aba mbere. Bugingo ari mu gucikana, avuga ati: «Wopfuma wicwa n’abantu, iyo wizigiye ko Imana ari yo izokuzura; ariko wewe ntuzokwigera ugabana izuka ry’ubuzima budahera.»
*IZABURI 16 (17) 1, 5-6, 8b. 15*
*Icit.: Umusi nzokwikangura, ni ho nzohozagazwa n’ukukubona mu maso, Mukama.*
Umburanire, Mukama,

umviriza amaborogo yanje;

tega ugutwi igisabisho canje

kivuye mu kanwa kazira kubesha.
Nagumye ngendera mu nzira zawe,

ikirenge canje nticigeze gitsitara.

Ndakwambaza kuko utobura kunyishura, Mukama;

ntega ugutwi, wumvirize ijambo ryanje!
Unzigame nk’imbonero y’ijisho,

unkingire ikibaba.

Nanje nzokwihweza inyonga zawe mu butungane,

nikanguye na ho, nzohozagazwa n’ukukubona mu maso.
*IGISOMWA CA KABIRI*
*Ivyo dusoma mw’Ikete rya kabiri Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyatesalonika (2, 16-3, 5)*
_Ntiduhororokerwe mu kurorera Umukama_
Ncuti zanje,

Umukama wacu Yezu Kristu ubwiwe, be na Mana Data wa twese yadukunze akaduha rimwe rizima uruhoza n’ukwizigira kwuzuye urweze, nibaremeshereze imitima yanyu mu vyo mukora no mu vyo muvuga vyose.

Kandi, benewacu, muradusabire, kugira ngo Ijambo ry’Umukama risasagare, rininahazwe nk’uko kw’iwanyu. Saba dukire inda mbi y’ababisha badushakira inabi, murazi ko bose badafise ukwemera.

Umukama ni intatanamundagano: ni We azobakomeza akabarinda wa mubi. Na kare, amizero tubafiseko ahagaze ku Mukama: ivyo tubabwiriza murabíkora kandi muzokwame mubikora. Umukama n’arongore imishaha yanyu ayerekeze ku rukundo rw’Imana, ntimwigere muhororokerwa mu kurindira Kristu.
*INKURU NZIZA*
Aleluya, aleluya.
_Yezu Kristu ni We mfura mu bari bapfuye; ni We akwiye ubuninahazwa n’ububasha mu myaka n’imyaka._
Aleluya.
*Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (20, 27-38)*
*Igisomwa kigufi : 20, 27. 34-38*
_Imana yacu ni Imana y’abazima_
*Umusi umwe, bamwe mu Basadukayo, -bamwe bagira ngo nta zuka ry’abapfuye ririho,- baregereye Yezu ngo babimubaze.*
_Igisomwa kigufi kiba kirageze aha, kigasubira gutangurira ahandi_

*Bati: «Mwigisha, ng’ibi ivyo Musa yadutegetse ko haramutse habaye umuntu afise mwenewabo yubatse, uwo mwenewabo agapfa ata mwana asize, uwo muntu yabira wa mupfakazi, ngo avyarire umwana mwenewabo. None, habaye abahungu indwi bavukana: uwa mbere yabira umugore, arapfa ata mwana asize; uwa kabiri, hanyuma uwa gatatu baramwabira; bose gutyo, uko bari indwi, bapfa ata mwana basize. Mu nyuma, wa mugore na we arapfa. None, ku musi w’izuka, uwo mugore azoba uw’uwuhe, ko bamwabiriye bose uko ari indwi?»*
_Igisomwa kigufi gisubira gutangurira ngaha_
*Yezu na We arababarira ati: «Abantu bo kw’isi barabira, abandi bakabirwa; yamara abazoba babereye kwinjira mu bwami buzoza no kuzuka mu bapfuye, ntibazokwabirana, kuko batazoba bagishobora gupfa; bameze noneho nk’abamarayika kandi ni abana b’Imana, kuko batewe iteka ryo kuzuka. Na vyo, ivy’uko abapfuye bazozuka, na Musa yaravyerekanye hamwe yari hafi ya ca gisaka, akita Umukama Imana ya Aburahamu, Imana ya Izahaki n’Imana ya Yakobo. Si Imana y’abapfuye, ni Imana y’abazima, kuko bose ari Yo bakesha ubuzima.»*