Indwi ya 32 kuwa 1

_*Indwi ya 32 yo mu mwaka : ku wa mbere (Années paires)*_
*IGISOMWA CA MBERE*
*Ivyo dusoma mw’Ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Tito (1, 1-9)*
Jewe Pawulo, umusuku w’Imana, umutumwa wa Yezu Kristu wo gushikiriza abatowe n’Imana ukwemera n’ubumenyi bw’ukuri biberekereza kumuyobokera mu mwizero bafise w’ugushikira bwa buzima budahera Imana itabesha yabemereye imyaka itaranavugwa kandi ikabamenyesha mu gihe yitoreye rya jambo ryayo riri muri ya Nkuru nziza nashinzwe kwigisha kubera itegeko nahawe n’Imana Mukiza wacu, jewe rero ndakwandikiye Tito, wewe umwana wanje nyakuri kubera ukwemera dusangiye, nkwipfuriza umugisha n’amahoro biva ku Mana no kuri Kristu Yezu Umukiza wacu.

Icantumye ngusiga i Kereti kwari ukugira ngo utunganye ivyasigaye kandi ngo watire abakurambere mu gisagara cose nk’uko nari nabikubariye: umwe wese ategerezwa kuba ari umuntu atagira amahinyu, umugabo w’umugore umwe musa kandi afise abana bemera, badatukwa ubuhumbu kandi atari ibigaba. Erega, umubwiriza ategerezwa kuba ari intahinyuka, kuko aba ari umubwiriza w’ivyiza vy’Imana, ntabe umunyabwishime, umunyamakari, imborerwa, umusinzi canke uwipfuza inyungu mbi, n’abe riho umuntu akunda kwakira neza abashitsi, agakunda ivyiza, umuntu w’ubwitonzi, umuntu w’intungane, umuntu mweranda, umuntu azi kwigumya, umuntu yishimikije ijambo rikwiye kwemerwa nk’uko ryigishijwe, kugira ngo abone guhanura mu nyigisho nzima no guhinyuza abaharira.
*IZABURI 23 (24) 1-2, 3-4b, 5-6*
*Icit.: Ng’uwo umuryango w’abakurondera!*
Isi ni iy’Umukama, kumwe n’ibiri kuri yo vyose,

intara n’ibihaba vyose;

kuko ari we yayiteretse ku mayaga,

akayikomeza kuri yo.
Mbe bane, ni nde azokwurira ku murambi w’Umukama,

akaguma mu kibanza ciwe ceranda?

Ni urya muntu w’iminwe idahumanye, w’umushaha udatyoye,

w’umutima udacambirwa ibintazi vy’abapagani.
Ben’uyo muntu n’ahezagirwe n’Umukama,

asagirwe n’ubutungane bw’Imana yamukijije:

ng’uwo umuryango w’abamurondera,

barondera inyonga: zawe, Mukama.
*INKURU NZIZA*
Aleluya, aleluya.
_Amajambo yawe, Mukama ni akezamutima, akaba umuco utuboneshereza._
Aleluya.
*Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (17, 1-6)*
*Muri irya misi, Yezu yabariye abigishwa biwe ati: «Akarorero kabi ntikazokwigera kabura, ariko uwo kazovako arigorewe! Ivyomubera vyo n’uko bomubohera urusyo kw’izosi bakamucuranguriza mw’ibenga, hako yosha nabi umwe muri aba bana batobato. Muragabe namwe nyene! Uwo muvukana niyacumura, umuhanure; niyigaya, umugirire ikigongwe. Niyagucumurako agashika indwi ku musi agashika indwi akakugarukirako avuga ati: Ndigaye, uramugirira ikigongwe.» Abatumwa barahava babwira Umukama bati: «Twongerereze ukwemera.» Umukama ababwira ati: «Iyo muba mufise ukwemera kungana n’agatete k’isinapi, mwobariye uwo mukere muti: Irandure, uze kwitera mu kiyaga, wociye ubagamburukira.»*