Indwi ya 33 kuwa2

_*Indwi ya 33 yo mu mwaka : ku wa kabiri (Années paires)*_ _*IGISOMWA CA MBERE*_ 

*Ivyo dusoma mu gitabu c’Ivyahishuriwe Umutumwa Yohani (3, 1-6. 14-22)*

Jewe Yohani nabonye Umukama ambwira ati: Andikira Umumarayika w’Ekleziya y’i Saride uti: «Ng’iri iryavuzwe n’Uwufise ya mitima indwi y’Imana na za nyenyeri indwi. Ndazi ibikorwa vyawe, ko uvuga ko uri muzima, ariko warapfuye. N’ube maso kandi ukomeze ibisigaye bigire bipfe, kuko ata bikorwa vyawe nasanze bisozereye mu nyonga z’Imana. Ibuka rero ingene wakiriye ijambo wumvise, urizigame kandi uhinduke. Na ho, n’utaba maso, nzoza nk’igisuma, nawe ntuzomenya igihe nzokuzirako.

Mugabo, i Saride, hariho bamwebamwe batanduje ivyambarwa vyabo, bakaba ari bo bazongendanira bambaye ivyambarwa vyera kuko babikwiye. Uwuzotsinda azokwambara atyo ivyambarwa vyera kandi sinzohanagura izina ryiwe mu gitabu c’ubuzima, ariko nzokwemeza izina ryiwe imbere ya Data n’imbere y’Abamarayika biwe. Uwufise amatwi niyumve ivyo Mutima ayagira amakleziya.»

Andikira kandi Umumarayika w’Ekleziya y’i Lahodiseya uti: «Ng’iri iryavuzwe n’Uwitwa Amen, Icabona kidahemuka kandi c’ukuri, inkomoko y’ivyaremwe n’Imana. Ndazi ibikorwa vyawe, yuko udakonje kandi ntushuhe: – icompa ugakonja canke ugashuha! – None rero, kuko uri akazuyazi, udakonje kandi ntushuhe, nza kukuruka umve mu kanwa. Kuko uvuga uti: Ndi umutunzi, ndatunze kandi nta co nkenye, ntumenye yuko ari wewe mutindi, ari wewe nyene ukugirirwa imbabazi, umurushwa n’impumyi kandi ukagenda amenya. Ndakugishije inama rero ngo ugure iwanje inzahabu yatyorowe n’umucanwa, ubone kuba umutunzi, ugure n’ivyambarwa vyera ubone kwambara, isoni z’ubwambure bwawe ntizigaragare, ugure kandi n’umuti w’ukwisiga ku maso ngo ubone guhumuka. Abo nkunda bose ndabakankamira ndabahanura.

Gira umwete rero, uhinduke. Raba, mpagaze ku rugi nuguruza; hagize uwumva ijwi ryanje akugurura urugi, nzokwinjira iwe mfungurane na we, na we afungurane nanje. Uwuzotsinda, nzomuha kwicararana nanje ku ntebe yanje, nk’uko nanje natsinze nkicarana na Data ku ntebe yiwe. Uwufise amatwi niyumve ivyo Mutima agira amakleziya.»

_*IZABURI 14 (15) 1a.2, 3b-4b, 5*_

Icit.: *Uwuzotsinda nzomuha*

         *kwicarana nanje*.

Mbega, Mukama, ni nde azoshobora kwinjira mu ngoro yawe?

Hazoshika umweranda yigenza neza:

umwe akora ibitunganye,

kandi avuga ukuri kuva ku mutima.

Urya atambika ibara abandi ngw’agunge abagenzi,

ntarabane akagaye mugenziwe;

inkozi y’ikibi yo ayirabisha agakengero,

ariko yama asonera abubaha Umukama.

Niyaba agurana amahera, ntarondere inyungu,

akanka kwakira impera yo kugura intungane.

Uwugira gutyo ntazokwigera atirigana.

*_INKURU NZIZA_*

*Aleluya, aleluya*.

Ijambo ryawe, Mukama, ni ryo kuri; 

muri uko kuri, n’utugire beranda.

*Aleluya.*

*Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (19, 1-10)*

*Muri irya misi, Yezu yinjiye i Yeriko aca mu gisagara hagati. Hakaba hari umuntu yitwa Zake, yari umukuru w’abatozakori kandi yari atunze. Yipfuza kubona Yezu uwo ari we, ariko ntiyabishobora kubera ishengero, kuko yari mugufi. Arirukanga aja imbere, yurira igiti kugira ngo ashobore kumubona, kuko ari yo nzira yajana. Yezu ahashitse ararangamira, aramubarira ati: «Zake, ururuka ningoga, kuko uyu musi ndamutse ndara iwawe.»  Na we aca arururuka, amwakirana akanyamuneza. Abari aho ngo babibone, baja mu vy’ukwidodomba bose bati: «Ehe, agiye kurarira umuntu w’umunyabicumuro!» Zake rero arahagarara, abwira Umukama ati: «Mukama, ng’ivyo ivyanje, ngiye kubicamwo kubiri, igice kimwe ngihe aboro; nihaba hari uwo nanyanganije,* *ndamusubize nk’ivyo namugunze kane.» Ni ho rero Yezu yamubwira ati: «Uyu musi, urukiza rwashitse muri iyi nzu, kuko n’uyu abaye umwana wa Aburahamu. Na kare, Umwana w’umuntu yaje kurondera n’ugukiza ivyari vyazimiye.»*