UBURUNDI BUSHASHA BW’ISEZERANO

Tumaze iminsi tubarungikira ubutumwa bwivyerekeye isezerano ry’UBURUNDI BUSHASHA BW’ISEZERANO biciye kuri Radio Isezerano canke kubuga z’abisezerano nka http://www.abisezerano.com, Facebook canke tweeter.
Abantu benshi baribaza aho iryo jambo isezerano, abisezerano canke amasezerano ryavuye. Abatari bake bararifise kumutima, bakaryemera kandi bakaba baratanguye no kurikorera bivuye inyuma.

Naho biri uko hariho nabandi batazi icarico, abaryinuba n’abarinebagura. Abo barifata uko ni uko batazi icarico kuko bibaza yuko ari ivyiyumviro vya politike nkibindi vyose canke ivyiyumviro vy’idini vyadutse nkuko muvyo abarundi bizera harimwo ivyo usanga benshi badasobanukirwa.

Ivyerekeye isezerano, uretse yuko abasenzi, abavugishwa, abaririmvyi n’abavuga butumwa benshi bavyigishijwe, bakabisoma kandi bakanavyerekwa; umurundi uwariwe wese yaba mukuru canke mutoyi aramaze, mu mutima wiwe, guhabwa iciyumviro (inspiration) c’UBURUNDI BUSHASHA BW’ISEZERANO.

Ntaho uriyumvira uti none Uburundi bwacu buzogira amahoro kuri bose ryari? Aho indyane zamoko zizohera, hakaba ubutungane kuri bose, abana b’uburundi bose bakangana mukuronswa amashure, akazi, itunga ry’igihugu, hakaba uburenganzira kuri bose maze ntihagire uwusubira kwicwa, kwangazwa, gupfungirwa ubusa no kuburabuzwa.

Ntaho uribaza uti iki gihugu cacu kizova mubukene ryari aho umwana wese w’umurundi azoronka ivyo afungura bikwiriye, uburyamo bwiza, ivyambarwa vyiza, amabarabara agezweho, ibidukikije vyiza, nibindi nibindi…

Nturaraba abantu bari mubukene bw’ubujora basabiriza , bambaye ubucocerwa, baba mudushonge canke baturatura bikagutera umubabaro? 

Nturicara hamwe ukiyumvira uti icozana aya mabi yose ashikira abarundi agahera maze hakiganza amahoro kuri bose, ubutunzi bufise umusesekara kumuryango wose n’ubutungane butagabanije.

Usanga umaze kugira ivyipfuzo nkivyo uramaze nawe guhishurirwa ibanga ry’Isezerano.

Abisezerano baramaze kubona ishusho y’igihugu c’uburundi kidafise impunzi hanze, kidafise abanyororo bapfungiwe ivyiyumviro vyabo, ivya politike canke bapfungiwe ubusa.

Abisezerano babona igihugu cuzuye umutekano, uho umurundi wese ndetse n’umunyamahanga uwariwe wese ashobora, bumwiriyeko, kuja gusaba indaro kumuhana uwariwo wose aticura kwicwa kunyuruzwa canke gusahurwa.

Abisezerano babona igihugu kitagiramwo urawanko ubukene, inzara n’amacakubiri.

Kugira ngo umenye ivyo UBURUNDI BUSHASHA BWISEZERANO niwegere uwisezerano akubwire uko abona uburundi tugiye kwibjiramwo bumeze.

Ico gihugu c’isezerano ntawuzobuza abarundi kukibonana naho yoba nde. Ntugire ubwoba bwivyo ubona vyigira ibiteteye ubwoba. Imana iri muruhande rw’abisezerano ntaco gutinywa kihari.

Bandanya witumvire ico gihugu c’akararuhore kandi mushire mumajwi ivyo mubona muri ico gihugu ihanga ry’abarundi rigiye kwinjiramwo.

Semerere abantu bose bamenye yuko hari UBURUNDI BUSHASHA BWISEZERANO abana bose b’uburundi bazobamwo mumahoro, iterambere n’uguhimbaza Imana. Abarundi bose bakunda igihugu cabibarutse ni bafatane munda n’abisezerano kugira ngo bashike muri ico gihugu mu mvugo ngereranyo citwa UBURUNDI BW’AMATA N’UBUKI

Ni dusanrwe Imana, Uburundi n’a Isezerano.

Dr Merlin Dusengumuremyi 

http://www.abisezerano.com