Amasengesho yo kuwa gatatu

AMASENGESHO YO GUSENGERA IGIHUGU C’UBURUNDI
Bene Data mwese,Barundi namwe Barundikazi,ncuti z’Uburundi Banyamasezerano mwese aho muri hose,haba hano mu gihugu hagati canke hanze y’Iguhugu,Shalom!

Turashimiye cane Imana Umuremyi akongera akaba Umuzigamyi wacu,ubuntu butangaje yongeye kutugirira mu kudushikana k’uruyu musi turi bazima,n’aho satani atabinezerererwa.

Hamwe n’ivyo, twagira twibukanye yuko ejo igenekerezo rya 16/11/2016,Tuzoba turi muri ca gikorwa gihambaye cane c’amasengesho yo gusengera Igihugu cacu.

Ijambo ry’urufatiro rw’ayo masengesho turisanga muri ezekiyeli Ezk 36:13-15

Tuzosengera:1.Gushingura akarimbi satani yashingiye abantu batari bake kugira ngo Uhoraho atembagaze agasuzuguro n’agakengerwe barimwo.

 2. Uhoraho ahe umugisha mwinshi Ihanga ryiwe ry’Abarundi.

3.Tuzosengera ibikorwa vyose vyiza biriko bikorwa mw’ibanga, kugira ngo Ukuboko kw’Uhoraho kubandanye kwibonekezamwo,

4. Tuzosengera abari mu bibazo n’ingorane zitandukanye, nk’abapfunzwe, abahunze,abarwaye,abarundi bari mu nzara tutibagiye n’abana bo mw’ibarabara.
Turangije tubashimira cane kurako kigoro muzogira,mubibwirane, kandi ico Uhoraho Azobabwira, muzokitumenyeshe nk’uko mwama mwabikoze,Murakoze.

Bigiriwe i Bujumbura ku wa 15/11/2016,Abisezerano.

http://www.Abisezerano.com