Mbega wewe ukingira iki gusumba ibindi?

Aha mwisi abantu benshi bafise ibintu bitandukanye bakunda mbere bakanabikingira. Abantu bakingira ibintu bihera, gushika aho baheka inkoko! Ariko ntibakingira ingabire zabo, ntibakingira iminwa yabo, barayireka igatukana ikandura, bakanayitobora amatwi yabo yumviriza ibipfuye vy’indahiro n’ibitutsi n’imigambi y’ukugira nabi, bakanayatobora. Amaso yabo nayo barayareka akihweza ibizimiza imitima bikonona ingeso zabo. Intoke n’ibirenge, n’uko : turabireka bigashika Kure iyo umutima ubisanzeyo utazogaruka ukundi. Amaguru n’amaboko bija mu mazu y’abandi gusahura, intoke zija guserangura amabere y’abagore b’ivyigenze, umutima ugaherayo. Ntizigarukira aho, zija gukabakaba imbugita, ibigwanisho, imiti yica, isumu n’ubundi burozi, zikagaruka zambaye amaraso y’utacumuye. Twige gukingira imitima guko ari ho Mpwemu adudubiriza. Turinde imibiri yacu twoye kuyitobora no kuyambika ibihumanye vy’impuzu ziteye isoni, amahereni n’amameches kuko imibiri yacu ni ingoro ya Mutima Mweranda. Bifise igiciro kirengeye cane iyo nkoko ihetswe iribwa ikibagirwa mw’isaha imwe. 

Eric Shima