_*Indwi ya 34 yo mu mwaka : ku wa kabiri (Années paires)*_
*IGISOMWA CA MBERE*
*Ivyo dusoma mu gitabu c’Ivyahishuriwe Umutumwa Yohani (14, 14-19)*
Jewe Yohani, ivyambonekeye ni ibi: Igicu cera no kuri kino gicu uwucicayeko asa n’Umwana w’umuntu, afise ku mutwe urugori rw’inzahabu no mu minwe yiwe umuhoro ukarishe.
Hanyuma, uwundi Mumarayika ava mu ngoro, arasemerera n’ijwi rirenga uwari yicaye ku gicu ati: «Rekura umuhoro wawe, wimbure, kuko igihe c’iyimbura kigeze, kuko ivyimburwa vy’isi bimaze kwera.» Na we uwari yicaye ku gicu aca arekurira kw’isi umuhoro wiwe, isi iraheza irimburwa.
Hanyuma , uwundi Mumarayika ava mu ngoro yo mw’ijuru, afise na we nyene umuhoro ukarishe. Hanyuma, uwundi Mumarayika ava ku ruhimbi, umwe yashinzwe umuriro; arasemerera n’ijwi rirenga uwari afise umuhoro ukarishe ati: «Rekura umuhoro wawe ukarishe, wamure ivyamwa vy’umuzabibu w’isi, kuko ivyamwa vyawo bihiye.» Uno Mumarayika arekurira kw’isi umuhoro wiwe, aramura ivyamwa vy’umuzabibu, abisuka mu bwato bunini bw’ishavu ry’Imana.
*IZABURI 95 (96) 10, 11-12a, 12b-13b*
*Icit.: Umukama ariko araza gucira urubanza isi.
Cire agace abanyamahanga muti: «Umukama ari ku ngoma!»
ni we yagize isi itayegayega;
ni we acira urubanza ibihugu akurikije ubutungane.
Ijuru nirihimbarwe, isi na yo itārîke,
ikiyaga n’ivyo gitunze bitere akamo,
imirima n’ivyamwa nibihimbarwe!
Ibiti vyo mw’idonzi binezerwe,
n’uko bibonye
Umukama ariko araza, ngo acire urubanza isi.
*INKURU NZIZA*
Aleluya, aleluya.
_Nimwame mugavye kandi mwiteguye, kuko mutazi umusi Umwana w’umuntu azozirako._
Aleluya.
*Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (25, 5-11)*
*Bamwe bavuga ko igisengero gisharijwe n’amabuye meza n’imperezwa z’indagano, Yezu ababwira ati: «Hazoza imisi, mu vyo mubona vyose hatazosigara ibuye na rimwe rigeretse ku rindi ridacurangutse.» Baramubaza bati: «Muhanyi, ivyo bizoshika ryari, kandi ikimenyetso c’uko ivyo biri hafi y’ugushika ni ikihe?» Yezu avuga ati: «Muraba maso, ntahagire uwuzobahuvya! Hazoza benshi biyitirira izina ryanje, babagire ngo: Ni jewe, kandi ngo: Igihe cashitse! Ntimubaje mu nyuma. Nimwumva ngo indwano n’umudurumbanyo birateye, ntimugire ubwoba; ivyo ntivyobura kubanza gushika, ariko umuhero ntuzoba uragera.» Araheza ababwira ati: «Intara izohana n’iyindi, ubwami n’ubundi; irya n’ino isi izonyiganyiga cane, akaranda n’amapfa bitere; hazoba ibintu biteye ubwoba n’ibimenyetso mw’ijuru.»*