Abisezerano (Wewe, jewe,na naka) tugiye guhindura vyinshi muvyashikiye abarundi kuva kera.

ihunga

UBUZIMA BUTAGUHA AMAHITAMWO! Hari igihe ubuzima butaduha ivyo twipfuza ,ariko Atari kubera ko tudakwiranye nivyo dushaka ariko kubera kodukwiranye ibirenze ivyo twipfuza ! Utitayeho incuro wamye ugwa hasi,incuro wamye uhusha inzira mumigambi yawe,utitayeho igihe cose wamye utangura ubuzima ariko bikanka, bandanya bandanya kuko nturashika! Uwo mutima uguma ukubwira ko utaragera kuco wipfuza ,wukurikire niyo nzira yawe! Ufise inguvu ,ufise ubwenge,ufise ubuzima ,n’ibindi vyinshi tutodondagura ngo tumare,kuberiki wihebura? Abandi kobateye imbere nuko ari abanyamugisha kugusumba? Bose bakoresheje ubushobozi Imana yabaremanye ,biyumvira kure,bashika kure none ubuzima bwabo ubona buriko butera imbere ! Kuberiki weho? Izere kuko nawe urashikiriwe!

Igicaniro c’ababibonye.