AMASENGESHO YOGUSENGERA UBURUNDI N’ABARUNDI AHO BARI HOSE.
Benedata barundi barundikazi banyamasezerano shalom!shalom! Muratumiwe mu masengesho y’ejo aho bukera ku munsi wa gatatu igenekerezo rya 23/11/2016.
IMITWARO
1. kubohoza ivyo satani yatunyaze
2. gusabira abadiyakoni n’abaririmvyi ngo lmana ibahe inkomezi nsha muribibihe twimirije ibikorwa vy’Ihanga ry’Imana.
3. kwuguruza imigisha yo mu buryo bwose.
4. Gusengera abacitse intege abasubiye inyuma lmana ibagarukane mw’ihanga ryayo
5. Gusengera abarwayi, impunzi, abapfunzwe, ampfuvyi n’abapfakazi , n’abatagira nshinge narugero lmana ibatabare.
URUFATIRO:
« lmana iravuga iti nimungarukeko bantu banje kuko nd’lmana iharira , inyabushobozi, muvavanure n’ivyaha kuko umumarayika wo kurandura araje. Harahiriwe awashizweko ikimenyetso.
Yeremiya9:11 » Soma na Malaki 1:3
INDIRIMBO:
Muzoririmbe kubafise igitabo c’indirimbo y’ ikirundi y’196 : « ukwizera kwacu kurahamye pe? »
Turangije tubashimira Uhoraho abane namwe murakoze.
Bigiriwe i Bujumbura kuwa 22/11/2016