*INDWI YA 34 YO MU MWAKA :KU WA GATATU (Années paires)* _*IGISOMWA CA MBERE*_
*Ivyo dusoma mu gitabu c’Ivyahishuriwe Umutumwa Yohani (15, 1-4)*
Jewe Yohani mbona mw’ijuru ikindi kimenyetso gihambaye kandi c’agatangaza: Abamarayika indwi bafise amahano indwi ari yo y’imperuka, kuko ari yo arangiza ishavu ry’Imana.
Mbona kandi nk’ikiyaga gica ibibatsi kivanze n’umuriro; mbona abatabarutse batsinze ca Gikoko n’Ikigereranyo caco n’igitigiri c’izina ryaco, bari bahagaze kuri ca kiyaga gica ibibatsi, bafise inanga z’Imana.
Bariho bararirimba ururirimbo rwa Musa, wa musavyi w’Imana, n’ururirimbo rw’Umwagazi, bati: «Ivyo wagize ni agahambaye kandi ni akaroruhore, Mukama, Mana Mushoboravyose; Inzira zawe ni iz’ubutungane kandi ni iz’ukuri, Mwami w’intara! Ni nde, ga Mukama, atoha icubahiro n’ubuninahazwa izina ryawe? Kuko ari Wewe musa mweranda, kuko amahanga yose azoza gukubita ibipfukamiro imbere yawe, kuko ya mateka yawe yuzuye ubutungane amenyekana.»
_*IZABURI 97 (98) 1, 2-3b, 7-8, 9*_
Icit.: *Ivyo wagize ni agahambaye kandi ni aka karoruhore,*
*Mukama Mana, Mwami w’ijuru n’isi!*
Vyinire Umukama akavyino gashasha,
kuko yakoze ibitangaza;
urukiza turukesha We,
ruva mu kuryo kwiwe kweranda.
Umukama yaramenyesheje intara z’amahanga
yuko ari we akiza kandi yuko ari we ntungane;
yaributse ingene yakunze n’ingene atazohemukira
Umuryango w’Israyeli.
Ikiyaga n’ibirimwo vyose
isi n’abayibamwo bose, nibisamirane!
Inzuzi nizikome amashi,
imisozi na yo itere impundu
Shemeza Umukama ariko araza
ngo adre urubanza isi.
Umukama n’acire isi uruciye ku butungane,
intara azicire urudaciye ku karenganyo.
_*INKURU NZIZA*_
*Aleluya, aleluya.*
Umukama yavuze ati: «Ba intahinyuka gushika gupfa,
nanje nzoguha urugori rw’ubuzima.»
*Aleluya.*
*Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (21, 12-19)*
*Muri irya misi, Yezu yabariye abigishwa biwe ati: «Ivyo vyose bitarashika, bazobafata, babahame, babakubitire mu masinagoga no mw’ibohero,* *babashengeze ku bami no ku vyegera vya Sezari, muhorwa izina ryanje. None rero, bizirikane neza: ntimuzorinda* *kwiyumvira iryo muri bubishure. Jewe nyene nzobihera imvugo n’ingingo, abansi banyu bose batazoronka aho bazica ngo babahinyuze.*
*Muzoshengezwa n’abavyeyi banyu, n’abo muvukana, n’incuti n’abagenzi ; bazobicamwo abatari bake. Muzokwankwa na bose ku bw’izna ryanje. Ariko, haba n’agashatsi na kamwe kazobava ku mutwe ngo kazimirire. Murinze rugabo, niho muzokiza imitima yanyu.»*