Indwi ya 34 kuwa 5

IGISOMWA CA MBERE Ivyo dusoma mu gitabu c’Ivyahishuriwe Umutumwa Yohani (20, 1-4.11-21, 2)

Hanyuma, jewe Yohani mbona Umumarayika amanuka ava mw’ijuru, afise mu minwe urufunguruzo rw’urusumanyenzi n’umunyororo muniniya. Afata ca Gisato, ya Nzoka ya kera, ari yo Murwanizi ikaba na Shetani, arakizirika gushika imyaka igihumbi izohere, agiterera mu rusumanyenzi, ararwugara aruhomako ikimenyetso, kugira ngo ntigisubire kuzimiza intara gushika aho ya myaka igihumbi izoba irangiye. Iyo myaka iheze, kizotegerezwa kubohorwa umwanya mutoyi. Hanyuma, mbona intebe n’abazicarako ; baraheza barashikirizwa ubucamanza,

Hanyuma mbona intebe niniya yera n’uwuyivyagiyeko; isi n’ijuru bihungira kure y’inyonga ziwe, ntivyahasiga n’amakanda. Mbona kandi abapfuye, abakuru n’abato, bahagaze imbere y’iyo ntebe. Ibitabu birazingururwa n’ikindi gitabu kirazingururwa ari co ca Gitabu c’ubuzima. Abapfuye baraheza bacirirwa urubanza ku vyo bakoze, nk’uko vyari vyanditswe muri vya bitabu. Ikiyaga kirasuka abapfu bari muri co, Urupfu n’Ukuzimu birasuka abapfu bari muri vyo, umwe wese agaheza agacirwa urubanza ku vyo yakoze. Hanyuma, Urupfu n’Ukuzimu bitabwa muri ya nyenga y’umuriro; iyo nyenga y’umuriro ni yo rupfu rwa kabiri. Uwutari yanditswe muri ca Gitabu c’ubuzima na we nyene atabwa mu nyenga y’umuriro.

Hanyuma mbona ijuru rishasha n’isi nshasha, kuko ijuru rya mbere n’isi ya mbere vyari vyagiye, kandi ikiyaga nticari kikiriho. Mbona kandi igisagara ceranda, Yeruzalemu nshasha, ndakibona kiriko kirururuka kiva mw’ijuru kwa Mana; cari citoye nk’umugeni yiteguriye umunega wiwe.

IZABURI 83 (84) 3, 4, 5-6
Icit.: Ng’iyi ingoro y’Imana   hamwe n’abantu.

Umushaha wanje warashashaye, ushaka gucikira inyubakwa z’Umukama, umushaha n’umubiri wanje vyigina vyerekeye Imana nzima!

N’akanuma ari akanuma karironkeye aho kaba; intamba yo ironka icari itahirizamwo uduswi twayo; ni impimbi zawe, Mukama, Nyeningabo, Mwami wanje, Mana mfise.
Eka bane, abibera mu ngoro yawe barahiriwe, bo bagushimagiza urudahengeshanya; hahiriwe abantu bakuzeyeko amagara, bahoza ku mutima kuza iwawe.
INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.

Nimuhaguruke, kuko ubukiriro bwanyu bwegereje.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (21, 29-33)

Muri irya misi, Yezu yabariye abigishwa biwe ati: «Muritegereze umutenahi n’ibindi biti vyose: iyo bitotahaye, mukuvyihweza, muca mumenya ko iremba riri hafi. Ni ko k’uko, nimwabona ivyo bishitse, muramenye ko Ubwami bw’Imana buri hafi. Ni ukuri ndabibabariye: uru rwaruka ntiruzohera ivyo vyose bitaraba. Ijuru n’isi bizozimangana, ariko amajambo yanje ntazohera.»