URIHO KUGIRA USHITSE UMUGAMBI W’IMANA đ2
Amahoro y’Imana mwese ,kubari hafi n’abari kure.
Mugice ca 1ca kino cigisho ,twarabomye ingene YOSIYA afise imyaka 16 yatanguy.kurondera Imana ya sekuruza Dawudi , Inyuma yimyaka 20 agatangura gusangangura ibicaniro vya zibayali , ashela…..
Muri kino gice tubona Yosefu yabayeho ,kugira ashitse umugambi w’Imana.
Itang 50:20<<Kubganyu mwagabiye kungirira nabi ,arikw’Imana yo yagabiye kubizanisha ivyiza ,kugira ngw’ishitse ibiriho mur’iyi misi ,ikize abantu benshi ,boye gupfa>>
Kugira uze kur’iyisi ,Imana ntiyihenze kandi ntanubwo yabanje ,kugisha inama abavyeyi bawe.
Nubwo woba ,wakuze bigoranye ,wahatswe gupfa kenshi ,ushobora nokuba ,utigez ubona abavyeyi bakwibarutse .Uriho kugira Ukore ic’Imana yagushiriyeho.
Ushobora no kuba watowe mw’ishamba ,canke ahandi ,wari waratawe ,Imana yarakuzigamye ntiwapfuye.
Yosefu bene wabo ,bamwanse ,bakamuta ,mu ka Potifari akamubeshera ,akaja mw’ibohero ,yarazi yuko vyose vyarangiy .Ariko Imana yariko imutegura kuzoba Umushikiranganji w’ikigega ca Egiputa(Ministre de Finance).
Kugira uduzwe ,har’ivyo ubanza gucamwo kandi kenshi biba bibabaje ,hasabwa kw’ihangana.
Ingorane urimwo canke waciyemwo ,Imana yashatse ko uyishingira intahe murivyo nyene.
Ushobora kuba ur’ikimuga ,ariko wari wavutse ukomeye ,Imana ishobora kuba yakugize uko kugira ubwirize ubutumwa abandi bamez nkuko uri ,kugira nabo bizere.
Inzara wagize ,imbeho wahuye nayo ,imvura yakunyagiye ,kwitwa impunzi ,amabohero ivyo vyose ntibigahindure ic’Imana yakuvuzeko.
Mat 5:6<<Hahirwa abafise inzara n’inyota vyo kugororoka kuko aribo bazohazwa >>
Mugice gikurikira ,tuzobona ingene Imana icisha umuntu mw’ibohero, kugira ishitse Ubugombe bwayo.
Uhoraho abahezagire mwese.
irakozedesire1986@gmail.com