Igihe c’ubushikiro

IGIHE C’UBUSHIKIRO
IDOMINIKA YA 1 Y’UBUSHIKIRO 
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya (2, 1-5)
Umukama akoraniriza intara zose mu mahoro yamaho y’Ubwami bw’Imana
Ng’iri ijambo ryahishuriwe Izaya mwene Amosi, ryerekeye intara ya Yuda na Yeruzalemu:

Mu misi izoza, agatumba kubatsweko ingoro y’Imana

Kazoba kw’isonga ry’imisozi, 

gasumbe iyindi mitumba yose.

Intara zose zizokwirukirayo,

abantu isinzi bazohahurira, bavuge bati :

«Nimuze tugende ku murambi w’Umukama,

ingo tugende mu ngoro y’Imana ya Yakobo.

Imana izotwigisha amayira yayo, natwe dukurikire inzira yaduciriye.»

Nkako, Ibwirizwa rizova muri Siyoni,

ijambo ry’Umukama na ryo rituruke i Yeruzalemu.

Izoshinga intahe mu makungu,

ibe umucamanza w’isinzi ry’abantu.

Inkota bazozicuramwo amasuka,

amacumu na yo bayacuremwo imihoro.

Nta gihugu kizoba kikigera inkota ikindi,

kandi ntawuzosubira kwimenyereza kurwana.

Muryango wa Yakobo, nimuze, tugendere mu muco w’Umukama!
IZABURI 121 (122), 1-2. 4-5. 6-7. 8-9
Icit : Ingo, tudugane akanyamuneza mu ngoro y’Imana.
Ese akanyamuneza narimwo aho bambwira,

bati: «Tuje mu ngoro y’Umukama!»

Ubu noneho, turiko turashika

mu birimba vyawe, Yeruzalemu!
Ni ho ibisata vy’Israyeli biduga, 

arivyo bisata vy’Umukama.

Ni ho Israyeli yashinzwe ibanga

ry’ugushemeza izina ry’Umukama,

kuko ari ho havyagiye ubutungane,

hakaba inzu ya Dawudi.
Sabire amahoro Yeruzalemu,

muti: «Iwawe nihatekane! 

Ibirimba vyawe nibigire amahoro,

inzu zawe nizitekane!»

Kubera urwo nkunda abo tuvukana n’abagenzi,

nkundira nkubwire nti: «Gira amahoro!»

Kubera urwo nkunda ingoro y’Umukama We Mana yacu,

ndasaba ngo uroranirwe.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyaroma (13, 11-14)
Ubu turi hafi y’ubukiriro
Ncuti zanje,

Ubu rero harageze ko mwikangura. Nkako, ubu turi hafi y’ubukiriro kuruta aho twatangura kwemera. Ijoro riritereye, bugira buce. Niduhebe rero ibikorwa vy’umukorane, twitwaze ibirwanisho vy’umuco. Nk’uko bibereye ku murango, nitwigenze rupfasoni: ntihagire uwurenza ingero mu kurya no mu kunywa, hebe gusambana no gukora ibiterasoni, reke kuryana no gusharikana. Nimwiheke nyabuna ku Mukama Yezu Kristu.
INKURU NZIZA
Aleluya, aleluya.
Twereke, Mukama, ikigongwe cawe,

uheze udutabaze urukiza rwawe.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (24, 37-44)
Nimube maso, kugira ngo mwame mwiteguye
Muri irya misi, Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: «Umwana w’umuntu azoshika nko muri ca gihe ca Nowa. Twobigereranya na hamwe isegenya itari bwaze: abantu bararya, bakanywa, bakabirana, bagashingira abana babo, gushika umunsi Nowa yinjira mu bwato. Nta co binona, gushika umusi isegenya yaduka ikabahitana bose. None aho Umwana w’umuntu azozira, ni uko bizomera. Abantu babiri bazoba bari kumwe mu murima: umwe afatwe, uwundi bamureke. Abagore babiri bazoba bariko barasya: umwe afatwe, uwundi bamureke. 

Murame mugavye rero, kuko mutazi umusi Umukama wanyu azozirako. Nimubimenye rero: iyo nyene urugo aba yari azi isaha umusuma amwinjirana, yobaye maso, ntiyoretse ngo bamumenereko inzu. Nimwame rero mwiteguye na mwebwe, kuko Umwana w’umuntu azoza kw’isaha mutazi.»