*IGISOMWA CA MBERE**Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya (11, 1-10)*
Ng’iyo ingundu yamutse ku gishitsi ca Yese,
ng’iryo irembo rije riva mu mizi yiwe.
Ng’uwo yuzuwe n’umutima w’Umukama:
agize gutekereza n’ubwenge bwinshi,
afise ubwitonzi n’ubukomezi,
maze umwuzurira ukaba ubumenyi n’ukwubaha Umukama,
icubahiro c’Umukama ni co kimugenza.
Mu rubanza ntaca urwa ngondagonde,
ntavugira muvumbi kumuvumba,
ntakurikiza insaku.
Ihibambewe, umurushwa amucira urw’ukuri
akurikije ubutungane,
abatobato mu gihugu
yama abagarukira mu rubanza.
Ijambo ryiwe, ni inkoni ikubita abishira hejuru,
impwemu ziwe na zo zitikiza inkozi z’ikibi.
Ingingo yama ayikenyereye,
ukuri azira kuguhemukira.
Imfyisi isigaye yibanira n’umwagazi,
icuya gisigaye kiryamana n’agahene,
inyana isigaye irisha iruhande y’umwana w’intambwe,
biragiwe n’akana gatoyi.
Inka n’igihura bisigaye ari pfa mpfe,
abana bavyo barabana.
Intare isigaye isangira ubwatsi n’impfizi.
Ikibunduguru gisigaye gikinira ku mwobo w’imamba,
kikarongereza iminwe mu myobo y’incira.
Nta busuma, nta nabi igikorerwa
ku gatumba k’Umukama;
kuko, nka kurya amazi yuzura ikiyaga,
ni ko n’abantu buzuwe n’ugutegera Umukama.
Muri ico gihe, agasigarira ka Yese (ari we se wa Dawudi)
kazokwibonekeza kabere ikimenyetso amakungu.
Eka intara zose zizoza zikirukira,
inyubakwa yako izoshemezwa hose.
*IZABURI 71 (72) 1-2, 7-8, 12-13, 17*
*Icit.: Ng’iyi imisi y’ubutungane n’amahoro iriko iraboneka.*
Mukama, shikiriza umwami intahe yawe,
ronsa ubutungane umwana w’umwami:
maze, acire urutunganye abantu bawe,
ashingire ingingo abatobato bari iwawe.
Niho rero ubutungane buzokwiserura,
amahoro na yo azokwamaho imyaka yose;
azotwara intara kuva ku kiyaga gushika ku kindi,
ahanuke ku Ruzi ashikane ku mpera y’isi.
Ni we azokiza umukene amutabaje, agakiza umuntu atagira uwiwe; ni we azobabara umugorwa n’umukene, akamukiriza amagara.
Izina ryiwe nirhezagirwe imyaka yose, arakaramba nk’izuba! Azoba umugisha w’imiryango y’isi yose,
ibihugu vyose bizomuyaga.
*INKURU NZIZA*
Aleluya, aleluya.
_Urakaza, Mukama, n’utuzanire amahoro!_
_Umutima wacu ubone kunezerwa mu nyonga zawe!_
Aleluya.
*Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (10, 21-24)*
*Yezu anezerejwe na Mutima Mweranda, avuga ati: «Ndagushemeza, Dawe, Mukama w’ijuru n’isi, kuko wahishije ivyo bintu abanyabwenge n’abahinga, ukabimenyesha ibitazi. Ni ko Dawe, kuko ari ko wabishatse. Dawe yarampaye ibintu vyose, kandi nta n’umwe amenya Mwana atari Se, kandi nta wumenya Se atari Mwana, be n’uwo Mwana azoba yamumenyesheje.» Yerekeye ku bigishwa biwe, arababwira bo nyene ati: «Hahiriwe amaso abona ivyo mubona! Kuko ni ukuri ndabibabariye, abahanuzi n’abami benshi baripfuje kubona ico mubona ariko ntibakibonye, kwumva ico mwumva ariko ntibacumvise.»*