Ubutumwa ku ba Scouts n’iyindi mihari y’urwaruka“Ba bandi babagirira ishaka mu buryo butari bwiza; ariko ico bagomba ni ukubazigiriza hanze ngo namwe mubagirire ishaka.” Galatiya 4:17
Haraheze imyaka itatu Imana impaye buno butumwa yakariyemwo cane aba scouts, mu kwezi kw’indwi 2015 ikambwira iti : semerera uvugire ku mugwa mukuru wabo, uhabwire ivy’ubuyobe bakora. Nabwiwe vyinshi kuva ico gihe, ariko reka nce kumayange ibibabase, mbwire gito canje gito c’uwundi yumvireho. Ibi mpanura aba scouts, n’iyindi mihari nk’aba xaveri, aba kiro, ingendanyi, aba shoni stati, n’abandi bafise « abavunyi » bapfuye canke bazima bakurikira, birabaraba. Twihwereze hamwe neza ibi bikurikira :
Gusenga ibigirwamana canke idôlatrie mu gifaransa: Bene Data b’aba scouts barazi ko mu kwa kabiri hari umusi wo guhimbaza no kwigina umuvunyi wabo yafonze umuhari, umusirikare w’umwongereza Baden Powel. Tureste ivy’ubuhizi vyiwe mu gisirikare no mu rwaruka, nta nyandiko n’imwe, nta n’ihishurirwa na rimwe canke intahe iyo ariyo yose bivugwa kuri uyo muhisi mu bijanye n’ubugororotsi bibiriya ivuga. Bisigura ko ubweranda bwiwe, nimba buriho buzwi n’Imana, ariko twebwe ntitubuzi. Mu buryo bw’impwemu rero, gukurikira umuntu nk’uyo ushobora kwikwegera ivyago vyiinshi bica ku muzimu wiwe uriko urahamagara mu buryo butandukanye muri ayo ma celebrations canke muri ukwo kumuhimbaza. Ico caha kingana neza n’ibindi vyaha dukora imisi yose mukutamenya iyo dukorera ivyo nyene, abanya politike, abanditsi n’abandi bantu twemera bapfuye, mbere rimwe na rimwe tunabemerera ibibi bakoresheje ubuhizi umugwi umwe w’abantu wita « ivyiza » naho kubandi vyoba ari ububisha burura. Mbega nta bantu bababereye ibigirwamana muri ubwo buryo muciye mubona. Imana yarivuze ko ari « Imana ifuha ». ntabwo ari kurwanya igihugu canke kurwanya imigwi imwimwe y’abantu mbabwiye ko ivyo vyose bigenewe Imana mubikorera Rudoviko Rwagasore, Ndadaye Merikiyoro, Ernest Manirumva, Tche Guevala, Jomo Kenyata, Adolphe Nshimirimana, Musenyeri Ruhuna Yohakimu, Bob Marley n’abandi, mukagenda mukora imigirwa ku mpafu zabo. Ushaka kwinjira mu masezerano y’Uburundi bushasha, Isirayeli ya kabiri ave muri ivyo. Ntaho bitaniye na bagenzi bacu baja guterera akabuye kuruhafu rwa wa muntu yapfuye adakijijwe agafubwa i Maka. Ababikora nimba batuzura Mpwemu yera murazi ivyo buzura ivyo arivyo.
“Mouvement multiconfessionnel” : Murazi ko umuhari w’aba scouts wemera ko abawugize baba ari abemera Imana, bagaturuka mu madini yose yemera Imana. Nico bita mouvement multiconfessionnel mu gifaransa. Ariko rero iyo mana ntivugwa iyo ariyo, kuko jewe iyiriko irampa iyi mburi ni imwe yarungika Yesu Kristo, umwana w’ikinege w’Imana Nzima akaba Imana nka Se ngo aducungure. Iyo yatanze ijambo ryayo riri muri bibiriya yera kugira twironkere itara ritumurikira ku birenge ngo ntidutsitare, niko Dawidi, umwami w’umugororotsi yavuze avugishwa n’Imana muri zaburi 119 : 105. Udasoma rino jambo mu ntumbero yo kurongorwa naryo, yoba umuvugishwa ameze ate, yoba umukuru w’idini rihambaye ryagasaye mw’isi, aratemba akavunagurika. Kuko adadambagirana muvyo yemera we ubwiwe na système akagwikiwe kashizeho, ivyo bikamutega. Nico gituma isi ihuzenze, kuko amadini menshi ahambaye yibereyeho gutyo muvyayo ubwayo. None ko bibiriya ivuga ngo « Ntimwifatanye n’abatizera kandi ataco musangiye : ukugororoka n’ukugabitanya bifatana bite ? canke umuco n’umwiza bifatana bite ? » (2 korinto6 :14-18) aba scouts bitwa ko bakijijwe bagasangira ivy’impwemu n’aba pagani benshi cane bo mu madini atagira ijambo rishinze rya yesu atanamwemera ariko yemera imana itazwi, babibanamwo gute. Erega abantu batemera kumwe, bosangira ibijumbu, bagasenyana inkwi, bakaragirana impene, ariko nta sengesho ryobahuza ribaho. Kuko twebwe abizera duhamagara Kristo abandi bagahamagara ibindi. None ko yesu ari we yivugiye muri Yohani 8 :19 ko abatamuzi na Data batamuzi ! None ni umubeshi ? Nimba atari umubeshi – kandi siwe – abakorana muri ubwo buryo ngo basangiye ibisabisho vy’irementanya bita priere oeucumenique, ni ababeshi. Mvuge iki ? Umva neza, bene Data, abari muri iryo rementanya rya oeucumenisme bari mu buhumvyi gusa. Yesu yadusavye gukwira amahanga tukayigisha tukayahindura abigishwa biwe. Ntiyadusavye guteranya ibidaterana, duhumba ngo ni ubuvukunyi, geza aho uburyarya, araje guca imanza. Reka kwubaka ubwami bwanyu ubwanyu mugaca mubumwitirira mumaze kwegeranya ivyo imibiri ishaka. Mu kwaka abakene amashikanwa n’intererano, mukisemba aba pagani batunze mubasaba « financements ». Ninde yababwiye ko ishengero rya Kristo risaba financement kwa Antikristo? Yesu araje. Garuka bigikunda. Idahe ivya Antikristo urye ijambo rya Mesiya. Murategereye uburyarya bw’amasengesho y’irementanya bita priere oeucumenique. Urihangana ugasenga uvuga ivyemerwa na bose, n’ukuvuga ivyo Kristo atemera kugira wemerwe n’abantu bapfa bakoraniye aho, bazogutore mu madini yose barimwo. Haha! Hunga, araje! Inyegeze mu gitandara nico Kristo. Paulo arangiza abwira abo bivanze ati: “17N’uko muve hagati ya ba bandi. Mubitandukanyeko, niko Uhoraho agize, kandi ntimugakore ku kintu gihumanya na kimwe; nanje nzobakira. 18 Nzobabera So, na mwe muzombera abahungu n’abakobwa, niko Uhoraho ashobora vyose agize.” (2 Kor.6:17-18) Imihari yishwe n’ivyo, ama korale, ama shengero, ama minisiteri,…benshi ubu bariko begeranirizwa hamwe na Antikristo mu mashirahamwe yagutse bace bagirwa abaja. Muragabe. Mubwiwe ngo “Ve hagati ya babandi”.
Umugenzo wo kwatirwa ubera mw’ishamba bita mu gifaransa totemisation, uri hejuru kw’isonga ry’icaha. Ni umugenzo w’umubiri ukanaba uw’impwemu. None ko bizwi ko hari impwemu zibiri gusa abntu bumvira, impwemu y’Imana n’iya Satani, ko uyo mugenzo ubera mw’ishamba, rimwe na rimwe hagati mu bikoko (ku bindaba niko vyagenze), ntubere muri Kristo namba, none mwumva urongowe n’iyihe mpwemu. Mpwemu arambwira ati: hunga vuba none aha, mucumva itangazo ryiwe.
Imana irampishurira ko aba scouts bagwiza ibikorwa vyinshi bigaragaza ubwiza bw’inyuma bakizera ko ariko kugororoka. Ariko, bene Data ukugororoka ntitwokugura ibikorwa canke amahera n’ubundi buhizi bwacu ubwacu, Yesu niwe kugoroka kwacu. Utamufise nta kugororoka yoshobora gushikira namba. Bibiriya mbere ivuga ko uzokwanjanjwa kuri ubwo buntu buhebuje akafata amaraso yamuviriye ya Yesu ko ata kirimwo ari igihumane kugira ngo yimunurishe ivyo yigeneye we nyene azobihanirwa birenze. Tubisoma mu ba Heburayo 10:29. Soma ivya Simoni umunyamareba maze uce wihana ubu nyene: Ivyakozwe n’intumwa8 :9-25 : Ivya Simone umunyamareba
“19…Nanje ni mumpe ubwo bushobozi kugira uwo nzorambikako ibiganza aze ahabwe Mpwemu Yera. 20 Petero aramubwira ati ifeza zawe ziragapfana nawe, kuko ugira ngo ingabire y’Imana woyironkesha amahera”. Nawe mugenzi, icokuronkesha Mpwemu, ni ukwihana gusa ukezwa mu maraso ya Yesu, umugororotsi. Igihe cawe ni iki, wa mu scout, n’uwundi wese atsinzwe n’aya majambo y’Imana.
Mbega urwaruka rugoswe n’ivyo vyose, rworeka guhereza mu buhumvyi, mu busambanyi. Mu bubeshi, mu busuma, mbere no mu bundi bugizi bwa nabi umuntu akora yakuye impuzu zimuranga? Erega Satani nta handi agarukiriza umuntu Atari iyo! None ivyo ga rwaruka ntimubizi, cane cane abareze abandi nanje nkaba ndi umwe muri bo? Ntimukundire rero abo bakozi ba Satani bo mw’ibanga babazigiriza hanze nk’uko ijambo ryambwiye kuri mwebwe: “Ba bandi babagirira ishaka mu buryo butari bwiza; ariko ico bagomba ni ukubazigiriza hanze ngo namwe mubagirire ishaka.” Galatiya 4:17. Abagenzi banje nkunda cane, twateruranye muri vyinshi, bankundire mbavuge mu mazina, kubwo kugoberwa mu mutima wanje, no kubwo kubitswa vyinshi vyanyu mu mutima wanje: Lazare Nzeyimana, Chrysanthe Sahabo, Umupfasoni w’umuhisi Alphonse Ntisinzira, Petero B. Bihizi, Daniyeli Kagimbi, Licius Karenzo na Mathias Sabubwa, Imana nsenga ibishure ivy’urukundo rwanyu, n’ubwira bwinshi mwagize mufasha urwaruka, abatahuze ivy’iyi mburi musabwe kumva imbere y’abandi, kugira mwebwe ubwanyu mwihane, hama mukwiragize aho mwageze hose ivyo mumenye. Mpwemu arambwira ati ntimukomeze kwitaho ibitagira ikimazi, ibikorewe muriwe gusa nivyo bizoharurwa, ibindi vyose ni ukuruhira ubusa. Kuko ijambo ry’Imana, Paulo avugishwa n’Imana, rivuga ko ibikorwa dukora bizihishuranwa n’umuriro, bigapimwa ikirimwo. Hari ibizoca bisha, n’aho abantu babidutuma babibona bisayangana. Umwami Yesu abiyereke uko yiyereste Sauli, agahinduka Paulo. Amen
Eric Shima, shima.eric@yahoo.com